'Reka ingendo zo hanze ayo mafaranga akore ibindi'- Yoweri Museveni

Umukuru wa Uganda Yoweri Museveni mu mpera z’iyi ndwi yasavye ko hoba ingingo ibuza ingendo zo hanze abashingamateka n’abakozi ba reta kugira amafaranga bahora batwara akoreshwe mu bisata biza imbere y’ibindi.

Yabivuze igihe yariko aratanguza integuro n’iringaniza z’ibikenewe gukorwa ku kigo ca Uganda Petroleum Institute-Kigumba (UPIK) aho Uganda ishaka kwigishiriza abazoba abahinga mu gucukura ibitoro.

Uganda yizigiye gutangura kuvoma miriyoni z’utugungura tw’ibitoro mu 2025 mu mariba menshi ico gihugu gifise.

Ariko umukuru w’igihugu ntiyanezerewe n’ingene ico kigo n’ubu kitarahera kwubakwa kubera ubukene bw’amafaranga.

‘’Bwira abashingamateka n’abakozi ba reta bareke kuja mu ngendo zo hanze. Amafaranga ariko arasesagurwa mu gufata ingendo zo hanze mu gihe Kigumba ibuze amafaranga’’ niko yavuze nk’uko vyashikirijwe mu nkuru y’imwe mu mboneshakure zo muri ico gihugu.

Umukuru w’igihugu yavuze kandi ko hohagarikwa udushirukabute, kubw’urubuga rw’ikinyamakuru Daily Monitor.

Umuringoti wo gutwara ibitoro bitayunguruye uzokwubakwa ku miriyaridi 3,5 z’ama dorari uzovana aho ibitoro bicukurwa muri Uganda ubijana ku kivuko ca Dar es Salaam muri Tanzania wariyamirijwe n’abagwanya ihindagurika ry’ibihe.

Ariko ivyo bihugu vyompi vyavuze ko ico bishira imbere y’ibindi ari iterambere ry’ubutunzi.