RD Congo n'Urwanda vyumvikanye gushika ku masezerano y'amahoro mu misi mike

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Repubulika ya Demokarasi ya Congo hamwe n'Urwanda vyaraye biteye igikumu mu masezerano yo kwubahiriza ubusugire hagati yavyo no gushika ku masezerano y'amahoro gushika ku wa 2 Rusama (5) uno mwaka.
Abashikiranganji b'ibi bihugu bajejwe imigenderanire, Thérèse Kayikwamba Wagner wa Congo hamwe na Olivier Nduhungirehe w'Urwanda, ni bo bateye igikumu kuri ano masezerano i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu birori vyari bihagarariwe na Marco Rubio, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire.
Uno mwumvikano ni umushinge w'umugambi w'amahoro "utegeka ko buri gihugu cubahiriza ubwigenge n'ubusugire bw'ikindi, mu gutorera umuti ibibazo vy'umutekano, gukomeza ugufashanya mu vyo ubutunzi, gutahukana impunzi, gushigikira ubutumwa bwa ONU bwo kwubahiriza amahoro muri Congo, MONUSCO", nk'uko vyavuzwe n'intumwa ya perezida Donald Trump muri Afrika Massad Boulos yari muri ibi birori.
Mw'ijambo ryiwe, Rubio yibukije ko "akarere k'ubuseruko bwa RD Congo kamaze imyaka 30", hanyuma ati "amahoro arama n'iterambere rirama ni ikintu kitagiye kworoha", ariko akizera ko, kubona aba bategetsi b'ibi bihugu bicarana, ari intango ikomeye yo "kuganira ibikenewe kugira ngo habe umwumvikano".
Umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire ku ruhande rwiwe yavuze ko utwigoro twinshi twananiwe no kugira ico dushitseko kubera twafashwe minenerwe, akavuga ko ugutera igikumu kuri uno mwumvikano atari ibirori gusa, ko ahubwo ari inshingano za poritike kuri buri ruhande.
Ati: "Ni ugushimangira inshingano ziri mw'itegeko mpuzamakungu kandi ziherutse kwemezwa mu cemezo ca 2773 c'Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi, icemezo gisaba ko vuba bwango, ata kirinze gusabwa kandi mu buryo bugaragara, ingabo mvamahanga zose zivanwa ku butaka bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo nk'igihugu cigenga".
Mu gihe Congo yagiriza Urwanda kuvogera ubusugire bwa Congo, umushikiranganji Kayikwamba mw'ijambo ryiwe yashimangiye ati "imbibe twarazwe nk'uko vyemejwe n'Ubumwe bwa Afrika ni ntabanduka kandi ntizizokwigera zihinduka".
Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji Nduhungirehe w'Urwanda yishimiye ko bavuganye "ibibazo nyavyo, ibituma nyavyo bitegerezwa gutorerwa umuti kugira ngo dushike ku mahoro arama mu karere kacu", akongera ko y'uko "muri ibi harimwo, imbere y'ibindi vyose, umutekano no gutahukana impunzi".
Yavuze ko Urwanda rwiteguye gukorana n'impande zose zifise uruhara mu bibera muri Congo kugira ngo aka kigoro gashike ku ntego.
Ati: "Intego rusangi yacu ni ugushika ku masezerano nyayo y'amahoro vuba bishoboka, ariko nta guca ku ruhande canke inzira ngufi, kandi ni ngombwa ko twigora cane kugira ngo tubishikeko ubutagisubira inyuma".

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuhari w'inyeshamba M23 washinzwe mu 2012, uca utanguza intambara yagiye kurangira utsinzwe mu mpera za 2013. Inyuma y'imyaka yababa umunani ata gakoma, wasubiye kuvyura intambara mu mpera za 2021, aho wagiye wigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo.
Mu ntango z'uno mwaka intambara zarakomeye maze izi nyeshamba zishigikiwe n'Urwanda zigarurira utundi turere n'ibisagara bitari bike, harimwo imigwa mikuru y'izi ntara, Goma na Bukavu, intambara zatumye ibihumbi amajana n'amajana vy'abanyagihugu bata izabo.
Inyuma yo gutakaza ubutaka, reta ya Kinshasa yahavuye ibona ko ata kundi yogira atari ukwitura Amerika kugira ngo iyifashe, maze nayo iyihe akaryo ko gushikira ubutare burangwa muri ako karere.
Iyi ntambara yatumye imigenderanire hagati ya Congo n'Urwanda itosekara mu gihe utwigoro twose two kurondera ko haba umwumvikano ataco twigeze dushikako.
Umubonano hagati y'aba bashikiranganji bajejwe imigenderanire i Washington no kubona baraye biyemeje gutorera umuti impari biciye mu biganiro, bifatwa nk'ikimenyetso ciza c'uko amahoro ashobora kuboneka.
Muri ino ndwi, reta ya Congo n'umuhari M23 vyavuze ko vyiteguriye umugambi w'amahoro, aho vyiyemeje ko vyiteguriye gushika ku masezerano yo guhagarika intambara burundu.
Hagati aho, mu gihe ibi biganiro vyariko biraba i Washington, intambara zozo zarabandanije ejo ku wa gatanu mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Abategetsi ba Congo bavuga ko abantu bababa 7000 bamaze kwicwa muri iyi ntambara kuva muri Nzero (1) uno mwaka.
Repubulika ya Demokarasi ya Congo yagiriza Urwanda ko ari rwo ruha uburyo bw'ibirwanisho rukongera rukarungikira ingabo umuhari M23. Urwanda rwama Ruhakana ko rudafasha uno muhari, ariko ibi birego vya reta ya Congo biremezwa n'ishirahamwe ONU, hamwe n'ibihugu vy'Uburengero, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika.













