RD Congo: 'Ni ikinyoma bateguye kugira babeshe abantu' – abarongoye umugambwe wa Kabila

Joseph Kabila ntiyakunze kugaragara muri poritike kuva avuye ku butegetsi mu 2019

Ahavuye isanamu, Joseph Kabila - PR

Insiguro y'isanamu, Joseph Kabila ntiyakunze kugaragara muri poritike kuva avuye ku butegetsi mu 2019

Abarongoye umugambwe PPRD bariyamiriza ingingo ya reta yo guhagarika ibikorwa vyawo, inyuma y'amakuru avuga ko umukuru w'uno mugambwe, Joseph Kabila yahoze arongoye Repubulika ya Demokarasi ya Congo, yoba yarinjiye mu gihugu aciye i Goma, igisagara kiri mu minwe y'inyeshamba za M23.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Shabani Lukoo Bihango yagiriza uno mugambwe wa Kabila "uruhara rutaziguye muri iyo ntambara".

Icegera c'umunyamabanga ntayegayezwa w'uno mugambwe, Ferdinand Kambere, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ari ingingo "iteye kubiri n'amategeko, ndengerabutungane, kandi idashingiye ku mwanzuro uwo ari wo wose w'ubutungane".

Ati: "Ni ikinyoma baremye kugira ngo babeshe abanyagihugu, mu ntumbero yo kugerageza kuzibira imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, na canecane uwahoze ari umukuru w'igihugu, kugira ngo ntibavuge ibijanye n'igihugu cabo".

"Ni ikintu gitangaje mu gihugu kirangwa na demokarasi. Ni ikoreshwa nabi ry'ubutegetsi twama turiko turabagiriza".

Ni na vyo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP, aho avuga ko guhagarika umugambwe bifise inzira izwi bitegerezwa gucamwo.

Ati: "Turi umugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, ijwi ritandukanye n'irya reta, n'iry'abantu bari ku butegetsi baturongoye nabi. Dufise uburenganzira duhabwa n'ibwirizwa shingiro bwo kunegura ubu butegetsi bubi.

"Iki ni co badashaka, nibaza ko bazokwisubirako bagahagarika izo ngingo zabo".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amakuru avuga ko Perezida Kabila yasubiye muri RDC yatangajwe ubwa mbere n'iradiyo y'Abafaransa RFI ku wa gatanu w'indwi iheze, isubiramwo amajambo y'abegereye umuhari M23 hamwe n'incuti ya hafi ya Kabila.

RFI yasubiyemwo aba bantu bavuga ko Kabila yinjiriye mu Rwanda imbere yo gushika i Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru. Gushika ubu, reta y'Urwanda ntaco iratangaza kuri ano makuru.

Niho bukeye ku wa gatandatu umushikiranganji yaca asohora itangazo rihagarika ibikorwa vy'umugambwe wiwe PPRD (Parti du Peuple pour la Reconstruction et la Démocratie) "mu gihugu cose".

Mu gihe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko yahisemwo ''gutahuka mu gihugu yinjiriye mu gisagara ca Goma kiri mu minwe y'umwansi kandi mu buryo butangaje akamukingira umutekano", nk'uko biri muri iryo tangazo, Kambere wewe avuga ko ari ibihuha.

Ati: "Uno musi turi ku musi ugira kane, nta n'umwe ashoboye kwerekana ko Kabila koko yari i Goma".

"Si yo ari, ni ibihuhua, ni irementanya bazanye kugira ngo banyegeze ukungene ubu butegetsi bwananiwe no gutorera umuti iyi ntambara".

Ariko kandi, Kambere avuga ko ata caha kimwo n'aho Kabila yokwinjira muri Congo aciye i Goma.

Ati: "Nta tegeko na rimwe rivuga ko Umukongomani ari ku butaka bwigaruriwe n'inyeshamba aca afatwa nk'inyeshamba. Iryo tegeko nta ririho. Ntushobora kurema ivyaha bitabaho uko nyene canke uko abarongoye igihugu bavyiyumvisemwo.

"Ico tuvuga ni kimwe, naho yoba ari yo ari, yoba ari mu gihugu ciwe. Goma ni muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo. Ntushobora kuzibira ingendo z'abantu canke kubabuza kuja iyo bashaka.

"Kuba i Goma ntibisigura gukorana n'inyeshamba".

Iyo nyishu idahakana kandi ntiyemere ko Kabila yinjiye muri Goma, ni nayo umuhari M23 watanze tuwubajije amakuru ajanye n'ukwinjira kwa Kabila.

Umuvugizi wawo Lawrence Kanyuka yavuze ko atabona ''ikibazo na kimwe Kabila abaye yageze i Goma''.

Abona ko ingingo yo guhagarika ibikorwa vy'umugambwe wabo ari ikoreshwa nabi ry'ubutegetsi kubera bari ku ntwaro, akabona ko ari ingingo yategerezwa gufatwa hashingiwe ku cemezo c'ubutungane inyuma y'amatohoza, "nk'uko biri mw'ibwirizwa shingiro".

Ati: "Twebwe rero ntibituraba, nta muntu n'umwe yatumenyesheje ivy'iyi ngingo".

Kabila - ubu afise imyaka 53 - yavuye ku butegetsi mu 2019 asubiriwe na Perezida Félix Tshisekedi, inyuma y'imyaka 18 yari amaze arongoye iki gihugu kuva mu 2001 kuva se wiwe, Laurent-Desire Kabila, agandaguwe.

Umuhari M23 ubu yagirizwa ko ashigikiye watangujwe ku butegetsi bwiwe, mu 2012, mugabo birangira awutsinze afashijwe n'ingabo za SADC mu 2013, ariko ukaba wahavuye wivyukiranya yamaze kuva ku butegetsi, mu 2021, ubu ukaba umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo.

Kuva mu 2023, yagiye kuba muri Afrika y'Epfo, aho umuvugizi wiwe yavuze ko yari yagiye ku mvo z'amashure.

Intambara imaze gusubira kwaduka, Perezida Tshisekedi yahavuye amwagiriza ko akorana n'izo nyeshamba zirwanya ubutegetsi bwiwe.