Ubutumwa bwa Papa Leo XIV ku musi wa Mungu wa mbere wiwe: Nta ntambara yindi ikwiye kubaho

Ahavuye isanamu, Reuters
Papa Léon XIV yasavye ko ata ntambara yosubira mu butumwa yarungikiye ibihugu rutura kw'isi mu gihe yashikiriza umuhezagiro ku musi w'Imana wiwe wa mbere i Vatikano.
Yasavye "amahoro arama" mu ntambara yo muri Ukraine, guhagarika intambara muri Gaza, hamwe no gushigikira amasezerano yo ku wa gatandatu hagati y'Ubuhindi na Pakistani.
Ku wa gatandatu, yagendeye agasengero kari hanze y'i Roma, hanyuma asengera imbere y'imva y'uwo yasubiriye umuhisi Fransisko, imbere muri bazilika ya Santa Maria Maggiore.
Papa Leo azokwatirwa ku mugaragaro mu misa izobera mu kibanza citiriwe Petero mweranda mu ndwi iza ku wa 18 Rusama (5).

Ahavuye isanamu, Reuters
Mw'ijambo yashikirije ari ku rubaraza, yavuze ati: "Haraciye imyaka 80 ivyago bikomeye vy'intambara ya kabiri y'isi yose birangiye... ubu duhanganye n'ivyago vy'intambara ya gatatu y'isi yose".
"Ndashaka kandi kubwira abantu bafise ububasha kw'isi yose, akamo nguma nsubiramwo, 'Nta ntambara ikwiye gusubira kubaho'".
"Ngumiza ku mutima umubabaro w'abakundwa b'abanya Ukraine. Ni hakorwe ibishoboka vyose kugira ngo haboneke amahoro nyayo, y'ukuri kandi arama vuba cane. Impfungwa zose zirekurwe. Abana basubire mu miryango yabo.
"Kandi ndababajwe cane n'ibiriko bibera muri Gaza. Ese hoba amasezerano yo guhagarika intambara yoca aja mu ngiro ubwo nyene. Ese imfashanyo y'ubutabazi yokwemererwa gushikira abasivire hanyuma abafashwe bugwati nabo bakarekurwa".
Yabandanije ati: "Nanezerewe no kwumva ku rundi ruhande ko habaye amasezerano yo guhagarika intambara hagati y'Ubuhindi na Pakistani kandi nizigiye ko mu biganiro biri imbere twoshobora gushika ku masezerano arama".
Ku wa kane w'ino ndwi iriko irarangira niho uno mupapa yatorwa nk'indongozi nshasha ya Ekleziya Katorika, inyuma y'inama y'imisi ibiri y'abakardinali bari bakoranye i Vatikano kugira batore umupapa mushasha.
Karidinali Robert Prevost w'imyaka 69 yafashe izina rya Leo XIV/Léon XIV, niwe Munyamerika wa mbere abaye umupapa, akaba agiye kurongora umuryango wa Ekleziya Katorika ugizwe n'abantu imiriraridi 1,4 kw'isi yose.













