Katolika: Ikoraniro rya Vaticano risaba ko abagore bohabwa amabanga y'uburongozi ariko atari ubupatiri

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Aleem Maqbool
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru wa BBC ku madini
Ikoraniro ryari rimaze ukwezi i Vaticano ryarangiye hasabwe ko abagore bohabwa amabanga y'uburongozi muri Ekleziya Katolika, ariko si akamo k'uko abagore bokwatirwa mu mabanga y'ubusaserdoti, nk'uko abipfuza ko ibintu bihinduka bari bavyiteze mu ntango yaryo.
Iri koraniro ryari iherezo ry’imyaka ine ry’uguhanahana ivyiyumviro kwari kugamije gupima ivyiyumviro vy’Umukatolika wese aja mw’ishengero kw’isi yose, kandi Papa Fransisko yarugururiye imiryango abalayike bamwe bamwe, harimwo n’abagore hafi 60 mu ntumwa 368 zifise uburenganzira bwo gutora, muri ino nama mu bisanzwe igenewe abasenyeri.
Abagize iyi sinodi bose baratoye kuri kimwe kimwe cose mu bibazo 151 vyose vyashikirijwe.
Naho ivyari vyashikirijwe vyose vyemejwe kuri bibiri vya bitatu bisabwa, amajwi menshi cane ya “oya” yashizwe ku ciyumviro c’uko abagore bofata ibibanza vyinshi vy’uburongozi muri Ekleziya, aho vyose bisanzwe biri mu minwe y'igitsinagabo.

Ahavuye isanamu, EPA
Abaharanira ko abagore bohabwa amabanga akomeye muri Ekleziya bari bizeye ko iyi sinodi yari gutera akamo ko abagore bohabwa amabanga y'abadiyakoni. Kuri iki kibazo, nta ntambwe yatewe, ariko urwandiko rwa nyuma rw'iyi sinodi ruvuga ko ata "mvo canke inzitizi n'imwe yari ikwiye kubuza abagore guhabwa amabanga y'uburongozi muri Ekleziya".
Muri kino gihe, Ekleziya Katolika yemerera abagabo gusa kuba abadiyakoni - abakoreramana bashobora gutanga ibatisimu, gutanga isakaramentu yo kwabirana hamwe no kurongora ibisabisho vy'abapfuye, ariko atari gusoma imisa, nk'uko bimeze ku bapatiri.
Nubwo abashaka ko ibintu bihinduka bari bizeye kandi ko hari kuboneka inzira irashe yo kwakira abatinganyi (abahuza ibitsina bisa) muri Ekleziya, urwandiko rurangiza iri koraniro nta na kimwe ruvuga kuri uno murwi w'aba bantu uzwi nka LGBT+, kiretse gusa agace kamwe gatoya kavuga ku bantu biyumva ko "bakumiriwe canke bacirwa urubanza" kubera "ukungene babayeho nk'abubatse canke batubatse, akaranga kabo, canke ubuzima bwabo mu bijanye no guhuza ibitsina".
Reverend James Martin, umupadiri w’umu-Jésuite w’Umunyamerika azwi cane ko ayobora amasengesho y'aba-LGBT, akaba yari umwe mu bari muri ino sinodi, avuga ko atagitangaje kubona uru rwandiko rushasha rutavuga vyihariye uwo murwi.
Abaharanira ko ibintu bihinduka bashobora kwumva ko bahemukiwe ariko bamwe mu bagendera ku mico ya kera (conservateurs) bari bababajwe n’iyo nama yose kuva mu ntango.
Cabaye igikorwa gihambaye cane, mbere Papa w’imyaka 87 avuga ko uru rwandiko rurangiza inama ari “ingabirano” ku bakatolika miliyaridi 1,4 kw’isi, ariko benshi mu bagendera ku migenzo ya kera bararwanije igikorwa co kwumviriza - umugambi wiwe bwite - abalayiki kandi bakaba batabona ryiza iciyumviro co kwegeranya ivyiyumviro vy’abatari mu burongozi bwa Ekleziya.
Ariko ibi bihuye n’imbono ya Papa Fransisko y’uko Abakatolika bo ku rwego rwo hasi ari bo bakwiye kugira uruhara runini mu guhinyanyura kazoza ka Ekleziya, hakuba abakardinali n’abepiskopi gusa – imwe gusa mu mpamvu nyinshi zatumye abagendera ku mico ya kera batigeze bamworohereza.
Ku bwiwe no ku bashigikiye umugambi, iciza ni ukuntu habaye ugushikira bose, kandi abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye bagahurira hamwe mu biganiro vyagenze neza, hakaba hari icizere ko bishobora kwubakirwako muri kazoza.

Umuhinga muri tewolojiya Patiri Timothy Radcliffe wo muri Oxford, yabaye umujenama mukuru w’ivy’impwemu muri iyo nama, avuga ati: “Tuba mw’isi ijanjaguritse cane irangwamwo intambara n’uburakari bwinshi kandi ubu butandukane buragira ingaruka ku buzima bwa Ekleziya."
Uno mupatiri yiteze kuba kardinali muri Kigarama (12) agira ati: “Jewe ubwanje naragiranye ubugenzi hano n’abantu bo kw’isi yose. Nk’akarorero, ni nko kumenyana n'abasenyeri bo muri Afrika akenshi bafise ivyiyumviro bitandukanye cane nanje ku kuntu nk’akarorero dukwiye gufata aba LGBT, ariko wewe urubaka ubugenzi burengera ibibatandukanya bukagushikana ku yindi ntambwe nshasha mu kwizera kwawe bwite".
Ariko ntibisobanutse neza ingene ibi biganiro bizokwakirwa hanze y'iri koraniro.
Kandi nubwo habaye gusenyera ku mugozi umwe cane no kwirinda impari, abihweza ibintu n'ibindi nta kintu gikomeye babona mu vyiyumviro vyatanzwe. Rero akigoro kari kitezwe kwegeranya abantu gashobora kuba katumye abantu benshi biyumva ahubwo ko Ekleziya Katolika yabataramuye gusumba uko vyari bimeze imbere y'aha.










