Israel yateye ibigo vya gisirikare muri Iran

Igisagara ca Tehran

Ahavuye isanamu, Getty Images

Israel yari yavuze ko ibitero vyayo bizibanda ku birindiro vya gisirikare, ubu Iran isa niyivyemeje.

Mw'itangazo, igisirikare ca Iran kigwanira mu kirere kivuga ko ibirindiro vya gisirikare mu ntara za Tehran, Khuzestan na Ilam vyatewe.

Bavuga ko ivyo bitero vyaburijwemwo ariko ko hamwe hamwe "hari ibintu bike vyahononekariye."

Ibinyamakuru vya reta bivuga ko abasirikare babiri ba Iran biciwe muri ico gitero, mu gihe izindi soko z'inkuru zihakana ko hari vyinshi vyononekaye.

Igisirikare ca Israel, IDF, kivuga ko ibitero vyaco vyatumbereye amahinguriro ya misire ya Iran.

IDF ivuga ko yakoze ibitero vy'indege vyo kuri uyu wa gatandatu ku birindiro vya gisirikare vya Iran yishimikije amakuru y'iperereza, kandi ko indege zayo zateye misire ku mahinguriro ya misire yakoreshejwe mu gutera Israel mu mwaka uheze.

Iryo tangazo ryongerako riti:"Icarimwe IDF yateye ahakorerwa misire sol-air hamwe n'ahari ibigwanisho vyo gukinga ibitero vyo mu kirere vyabuza Israel gukora mwene ivyo bitero muri Iran."

Israel ivuga ko ibitero vya Iran vyo muri Ndamukiza(4) na Gitugutu(10) hamwe n'imfashanyo ico gihugu giha imigwi yitwaje ibigwanisho mu karere, "bibangamiye umutekano mu karere hamwe n'ubutunzi kw'isi yose."

Biden yarabujije Israel gutera ibigo vya nikreyere n'amahinguriro y'ibitoro

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ari kumwe na prezida wa Amerika Joe Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubutegetsi bwa Biden bwari bwabariye Israel ko ifise uburenganzira bwo kwivuna no kwishura ku bitero vya Iran mu ntango z'uku kwezi.

Ariko prezida yabwiye Israel ko adashobora gushigikira igitero cotumbera inganda za nikreyere ku bwoba ko bishobora gutuma intambara ica isutama.

Yavuze kandi ko Reta zunze Ubumwe za Amerika zitazoshigikira ibitero vya Israel ku mahinguriro y'ibitoro ya Iran.

Itariki 4 z'ukwezi kwa Gitugutu(10) yagize ati:"Iyaba nari Israel, nokwiyumvira ubundi buryo hagutera amahinguriro y'ibitoro ya Iran,"

Uku kwezi yahamagariye Israel kutarenza urugero mu kwihora ku bitero vya Iran.

Israel yari yavuze ko ibitero izokora bizotumbera ibirindiro vya gisirikare muri Iran.

Amerika yateye akamo Iran kutihora kuri ivyo bitero vya Israel.

Itangazo ry'umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru muri Amerika rigira riti:"Mu gihe Iran yohitamwo kwihora kandi, tuzoba twiteguye, kandi hazoba ingaruka kuri Iran kandi."

Ryongerako ko Amerika itipfuza kubona ivyo bishika.

"Ubu butegerezwa kuba ubwa nyuma habaye ukurasana hagati ya Israel na Iran," uko ni ko iryo tangazo ribandanya rivuga, ryongerako ko Amerika yiteguye "kuja imbere y'abandi mu twigoro two kurondera kurangiza intambara yo muri Libani" no kugerageza gushika ku masezerano yo guhagarika intambara muri Gaza, hamwe no kugarukana abagizwe ingwati banyurujwe muri Israel.