Bowen: Iran ubu yarashaka guhushura vy'ukuri, kandi Israel ishobora kutazokwifata nka mbere mu gusubiza

Misire za Iran ziboneka zitegerewe mu kirere n'ubuhinga bwo kwivuna bwa Israel buzwi nka Iron Dome ku wa 1 Gitugutu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Misire za Iran ziboneka zitegerewe mu kirere n'ubuhinga bwo kwivuna bwa Israel buzwi nka Iron Dome ku wa 1 Gitugutu
    • Umwanditsi, Jeremy Bowen
    • Igikorwa, Umunyamakuru ku bibazo mpuzamakungu,BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Jarusalem

Igihe Iran yetera mu kwezi kwa kane, vyasa n'uko yerekana ko bitegerezwa kuba - kandi koko Iran yaragabishije ko ico gitero kigiye kuba uravye ingene yagikoze, kandi vyinshi vyasamburiwe mu kirere n'ubuhinga bwo kwivuna bwa Amerika na Israel.

Ariko ubu ibintu vyabaye ibindi. Iran isa n'iyashaka kumangura bikomeye kandi yongere yerekane ko hari ico yasumbije ubwa mbere.

Ingabo za Iran za Islamic Revolutionary Guards Corps zasohoye itangazo zivuga ko zariko zirahora iyicwa ry'abategetsi bakuru ba Hamas na Hezbollah, zica zigabisha ko hamwe Israel yosubiza, nazo zizoca zigaba ibindi bitero.

Ubuheruka, Joe Biden yabwiye umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ati - ''Habere umugabo ubarute'', ntusubize cane - kandi ntavyo yakoze. Ubu muri Israel, icuka kiratandukanye.

Raba ivyo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennet yanditse kuri X (yahoze ari Twitter) aho yakoresheje amajambo akomeye cane avuga ati: ''Aka niko karyo ka mbere keza cane mu myaka 50 ko guhindura isura y'uburasirazuba bwo hagati.''Aho yashaka kuvuga ko Israel yosambura ibibanza vya nikereyeri (nucleaire) vya Iran, kugira ''imene amajigo iyo ntwaro y'iterabwoba''.

naftali bennett

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bennett yabaye umushikiranganji wa mbere umwaka umwe imyuma ya Ruheshi mu 2021

Ubu siwe mushikiranganji wa mbere (n'ubwo ari mu bavugwa cane ko ashobora kumuba muri kazoza, aho yariko arerekana ko adafyina) ariko vyerekana uko abantu bamwe bibaza mu gihugu.

Sinokwigiza kure kwibaza ko Israel ishobora gutera ico ari co cose muri iki gihe - ibibanza vya nikeyeri (nucleaire), amahinguriro y'ibitoro n'ibibikomokako, ico ari co cose cosinzikaza ubutunzi bwa Iran.

Uko ibintu vyamye bigenda n'uko Iran yari ifise abaza imbere ku rwasiro mu kwivuna biciye kuri Hezbollah muri Liban, aho hari ibigwanisho bikomeye bishobora gukoreshwa, biramutse bishitse, hamwe Iran n'ibibanza vyayo vya nikereyeri vyoterwa.

Ariko muri aya mayinga ya vuba, Israel yaraciye umutwe Hezbollah, isambura ica kabiri c'ibigwanisho vyayo, ku bw'abategetsi b'Abanyamerika na Israel; hanyuma igaba igitero ku butaka bwa Liban.

Ushobora kuvuga uti n'ubu ico Iran yari yitwaje ntaho cagiye - gusa ubu carashwanyaguritse mu bimanyu injojo. Nibaza rero ko Israel ubu yumva yoshobora kugira ico ikoze kurusha mbere. Kandi Joe Biden agiye kurungika ubundi bwato bw'intambara muri Mediterranee, ikimenyetso co kwereka Iran ko iteye Israel izoba iteye na Amerika. .

Aha nico gituma abantu bavuga ubwoba bw'uko intambara ikwira akarere: ukubura amaragamo, ukujugumba guturutse kuri ivyo vyose bimaze igihe biba - ubu rero turiko turabibona biba kandi nta kibanza kinini bisigariza inzira zo gutora inyishu biciye mu biganiro.