Prezida wa Turkia yagarutse mu myiyamamazo inyuma yo kugwara

Erdogan

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Erdogan yasubiye kuboneka mu myiyamamazo

Prezida Erdogan yasubiye kuboneka mu myiyamamazo mu burengero bwa Turkia ku musi wa gatandatu ubwiwe kandi ameze neza.

Yashitse ku kivuko co mu gisagara ca Izmir yakirwa n'ikiyaga c'amabendera n'isinzi ry'abantu bari bamaze amasaha menshi bamurindiririye ku zuba. Bari abantu benshi mu karere kagwiriyemwo abatavuga rumwe na reta.

Nta kimenyetso na kimwe c'ubugwayi bwatumye atagaragara mu mihango ikomeye mu misi itatu y'iyi ndwi - imbere y'imisi 15 gusa ngo habe amatora atoroshe. Ayo matora - ya prezida n'abashingamateka - n'amatora atamworoheye inyuma y'imyaka mirongo ibiri amaze ku butegetsi.

Prezida yashikirije ijambo iminota 40, n'ijwi rikaze, atwenga abatavuga rumwe na we, agaragaza ikibazo c'iterabwoba, anavuga ko ari we wenyene ashobora guteza imbere ubutunzi muri Turkia.

Ryari ijambo ry'urugamba ryoba ryasubije icizere abayoboke biwe rinatera amakenga abamunebagura.

Uwo bahanganye mu kibanza c'umukuru w'igihugu, Kemal Kilicdaroglu - atishimikije idini, ashigikiwe n'urunani rw'imigambwe itandatu - aziyamamariza muri ico kibanza nyene kuri uyu wa mungu. Ibiharuro bigereranya ko Kilicdaroglu aza imbere.

Uwo mutegetsi wa Turkia w'imyaka 69 yarateye umutima uhagaze abariko bararaba imboneshakure igihe yagwara ariko aratanga ikiganiro ikibiriraho ku wa kabiri mw'ijoro, aho ico kiganiro caciye gihagarara. Yavuze ko yagize ikibazo mu mushishito.

Gurbet Dostum w'imyaka 42, umugore w'abana babiri agira ati:"Igihe numva amakuru yerekeye amagara yiwe, nasavye Imana ko yonshirako ubugwayi bwiwe. Niteguye kurinda ubwo bubabare ku bwiwe. Yaduhaye buri kintu."

Ariko benshi ngaha bagenda batakaza bivuye ku biciro bigenda vyongerekana aho ubu biteye ku bice 50%. Abahinga bakaba bavyegeka kuri politike ya prezida y'ubutunzi ariko si ko Gurbet abibona. Avuga ko abo bidoga ari " inde ndende kandi ari intashima ko gusa baguma bashaka vyinshi gusumba".

Co kimwe na benshi mu bagore bari bitavye iyo myiyamamazo, yari yambaye umwitwikiro. Abashigikiye prezida benshi ni 'aba conservateurs' ariko harimwo n'abategamiye idini.