Perezida Erdogan wa Turukiya yafashwe n’ingwara ari mu kiganiro c’ikibiriraho ku mboneshakure

Ico kiganiro cariko kirerekanwa ikibiriraho ku mboneshakure ku wa kabiri ku mugoroba caciye gihagarikwa bibonetse ko Erdogan atameze neza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ico kiganiro cariko kirerekanwa ikibiriraho ku mboneshakure ku wa kabiri ku mugoroba caciye gihagarikwa bibonetse ko Erdogan atameze neza
    • Umwanditsi, Paul Kirby
    • Igikorwa, BBC News

Perezid Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya yahagaritse imyiyamamazo y’amatora umwanya muto inyuma y’aho afatiwe n’ingwara ari mu kiganiro c’ikibiriraho ku mboneshakure, bikaba vyaciye biba ngombwa ko giharikwa bukwi na bukwi.

Inyuma y’iminota 20 yaciye agaruka. Yavuze ko yafashwe “aribwa cane mu nda” inyuma y’imisi ibiri y’imyiyamamazo y’urutavanako.

Perezida Erdogan w’imyaka 69 ari mu myiyamamazo ya mbere itoroshe gushika ubu.

Umunyaporitike mukuru mu batavuga rumwe n’ubutegetsi Kemal Kilicdaroglu yagenywe kugira ngo yitoze kw’izina ry’imigambwe itandatu.

Ni umwe mu barongoye abatavuga rumwe n’ubutegetsi baciye bipfuriza umukuru w’igihugu gukira ningoga.

Ejo ku wa kane, umushikiranganji w’amagara y’abantu Fahrettin Koca yavuze ko amagara y’umukuru w’igihugu yifashe neza, ko yari yagize ingorane zo mu mushishito, ikizwi nka gastro-entérite infectieuse/ infectious gastroenteritis. Yavuze ko vuba atangura ibikorwa vyiwe vya misi yose.

Ibiharuro ngereranyo biheruka ku bijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu vyerekana ko abahiganwa begeranye cane, aho Kilicdaroglu afise amahirwe yo kuyatsinda.

Aya mbere azoba ku wa 14 Rusama (5), habuze uwutsinda hace haba ayandi yo kubangurana haciye indwi zibiri.

Mu ntango, Perezida Erdogan yahagaritse imyiyamamazo incuro zitatu mu ntara ya Anatolia yo hagati (Région de l'Anatolie centrale/Central Anatolia Region) ku wa gatatu, avuga ko abaganga bamuhanuye ko yoguma muhira.

Mu nyuma yahagaritse ibikorwa vyari bimutegekanirijwe ejo ku wa kane, harimwo kwugurura ikigo ca nikleyeri ca mbere ca Turukiya ahitwa Akkuyu ku mweha w’ikiyaga Mediterranea.

Ahubwo, aboneka ko adakeye mu maso kandi arushe, Erdogan yifatanije na Vladimir Putin w’Uburusiya mu birori vyo kwugura aciye ku mbuha ngurukanabumenyi.

Perezida Erdogan yaboneka ko yari ananiwe kandi arushe mu gihe ashikiriza ijambo mu birori vyo kwugurura ikigo ca nikleyeri ca Akkuyu

Ahavuye isanamu, AK Party

Insiguro y'isanamu, Perezida Erdogan yaboneka ko yari ananiwe kandi arushe mu gihe ashikiriza ijambo mu birori vyo kwugurura ikigo ca nikleyeri ca Akkuyu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aba bategetsi babiri baganiriye kandi kuri terefone imbere y’ibirori, Moscou ikaba yiyemeje gukomeza ubucuti mu vyo ubutunzi n’ubucuruzi.

Abamenyeshamakuru batari bake bari bakikije Perezida Erdogan igihe yafatwa n’ingwara mu kiganiro c’ikibiriraho cariko gicishwa ku binyamakuru vya reta Ulke TV hamwe na Kanal 7.

Inyuma y’aho umwe mu bamenyeshamakuru abarije ikibazo, kamera yerekanye uyu munyamakuru asa n’uwutekewe n’ubwoba imbere y’uko amasanamu bayaca.

Mu nyuma Erdogan yagarutse asobanura ko imbere y’aho yari yiyumviriye ko yari guhagarika iki gikorwa. "Ni vyo, rimwe na rimwe turahura n’ibibazo nk’ibi mu gihe tuba turi mu bikorwa vyinshi".

Amasaha make inyuma y’iki kiganiro, hari amakuru yakwiragiye ku mbuga hwaniro zimwe zimwe z’abari hanze ya Turukiya yavuga ko Erdogan yari yagize ingorane z’umutima.

Umukuru w’igisata kijejwe kumenyesha amakuru ca Erdogan, Fahrettin Altun, yaciye aja ku mbuga hwaniro arabeshuza yivuye inyuma aya makuru yerekeye amagara y’umukuru w’igihugu, anafata n’amasanamu yo kuri izi mbuga (screen shots) ayashira ku rubuga rwa Twitter mu kwerekana abariko barakwiragiza ayo makuru.

Erdogan amaze imyaka 21 ku butegetsi bukaba atari bwo bwa mbere arwaye ari mu kiganiro c’ikibiriraho ku mboneshakure.

Amayinga makeya inyuma y’itembagaza ry’ubutegetsi ryaburijwemwo mu kwa gatandatu 2016, yararwaye giturumbuka mu kiringo c’iminota itari mike mu nyuma arahava aragaruka kubandanya ikiganiro.

Mu 2011 na 2012 yarabazwe umushishito ivyatumye haduka amajambo menshi mu kagara yiwe.