Mu Burundi ingenzi zabuze ayo zicira n'ayo zimira mu gihe abashoferi bahagaritse akazi kubera ubukene bw'igitoro

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru, Bujumbura

'' Ejo niriwe ntonze aha, n'ubu ndacatonze aha. Uno musi nashitse ngaha isaha 11 z'igitondo. N'ubu nasanze ata muduga n'umwe uhari''.

Ivyo vyavuzwe na Makurata Ntunzwenimana w'imyaka 68 yamuka mu ntara ya Butanyerera. Uwo mutamakazi namusanze yijiriwe, yicaye musi y'igiti, ku gituro c'ahazwi nko kuri Cotebu muri karitiye ya Ngagara i Bujumbura.

Aho kuri Cotebu ni ho hari igituro gikuru c'imodoka zivana zikajana abantu mu ntara zitandukanye z'Uburundi.

Hari igihe c'isaha umunani z'umuhingamo. Nta modoka n'imwe yunguruza abantu yaharangwa.

Abagendesha imiduga yunguruza abantu ibakura mu gisagara ca Bujumbura ibajana mu ntara zitandukanye bamaze imisi ibiri muri yegereyegere.

Bavuga ko bahagaritse imirimo kubera ico bita "iburabuzwa" bariko bagirirwa n'inzego z'igihugu.

Mu gihe aho kuri Cotebu ata modoka zaharangwa, abantu bo ryari isinzi bazazaniwe badatahura ibiriko birabashikira. Abagore, abagabo, abana, abatama n'abakecuru.

Mu bushuhe bwinshi n'izuba rimena imbwa agahanga, bamwe wasanga bicaye hasi atawuvugisha uwundi, akuya kabarenze.

Abandi nabo wasanga bahagaze biremetse amasakoshi yabo, ubwanwa bwafutse umunwa, abandi bicaye musi y'ibiti aho boronka agatutu. Imizigo bateretse impande yabo.

Makurata Ntunzwenimana avuga ko kuva mu gitondo ata mushoferi n'umwe afise imodoka bari bwakubite ijisho.

"Turiko turicwa n'inzara kandi twariko turataha i muhira", niko yabwiye BBC Gahuzamiryango, akavuga ko imirimo yiwe iriko ironokera.

"Ubu turiko turarima imyaba. Abandi bariko barateragira natwe turi aha. Nk'ubu dusubira kurara aha. Ngire inzara kandi iwanje ntobura ico mfungura. Ibi bintu sinzi ingene vyogenda''.

Claudine Dusabumukama, yamuka mu ntara ya Gitega, mu gace ka Mwaro. Na we nyene namusanze kuri ico gituro baburaniwe n'umwana wiwe.

Avuga ko yari yaje kuramukanya i Bujumbura yibaza ko aca asubira inyuma adatevye. N'umwana wiwe mutoya yamusize muhira.

Avuga ko umwana wiwe asigaye arara ararira.

"Ndabona ko ikibazo kibaye kirekire. Simbona ingene bigiye kugenda. N'udufaranga tw'itike natumariye ngaha kuko urumva ntegerezwa no gufungura."

Abagendesha imiduga yunguruza abantu ibakura mu gisagara ca Bujumbura ibajana mu ntara zitandukanye bavuga ko bahagaritse akazi kuko kuva kuri uyu w'Imana [ku wa Mungu] bariko bacibwa amande y'umurengera bagirizwa ko barengeje ibiciro vyashinzwe na reta.

Umwe mu bashoferi ati: "Batanguye baduca amande y'ibihumbi 200, mu nyuma baja ku bihumbi 500, none ubu bageze ku muriyoni.

"Hari n'abashoferi bapfunzwe."

'Reta ni yatanga igitoro tuzokwubahiriza ibiciro'

Aba bashoferi bavuga ko bamaze imisi myinshi ata gitoro baronswa ku ma sitasiyo.

Ibi ngo bituma bahitamwo kuja kucironderera mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya na Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Bavuga ko iyo rero bakizanye bakiguze kuri magengo, ngo bibasaba kuduza igiciro kugira bashobore kwunguka.

Ibi na vyo inzego z'igihugu ntizivyerekwa.

Aba bashoferi babona ko badakwiye kwagirizwa ko badugije ibiciro mu gihe ata gitoro reta iriko iratanga.

"Twebwe twasaba ko muri uno mwanya ata gitoro reta iriko iratanga batureke twiyumvikanire n'abakiriya. Nibazana ivyo bitoro vya reta bakabiduha, tuzoheza twubahirize ibiciro vyashinzwe."

Igiciro c'igitoro ca essence iyo kibonetse ku sitasiyo ni 4.000 mu mafaranga y'Uburundi. Ariko ica magendo iritiro rirashobora kugurwa n'incuro zine canke zitanu iyo haheze iminsi cakenye cane.

Abagendesha imiduga bavuga ko kuva imyiyamamazo n'amatora biheze mu kwezi kwa gatandatu ubukene bw'igitoro bwaciye burushiriza.

BBC Gahuza ntirashobora kuronka abajejwe ikibazo co kwunguruza abantu n'ibintu muri reta kugira yumve ico bavuga kuri iyi ngorane.

Uburundi bumaze imyaka irenga itatu bwugarijwe n'ubukene bw'igitoro. Ibi vyatumye imirimo y'ubudandaji no kwunguruza abantu n'ibintu ihungabana.

Iyi ngorane yatewe n'ikena ry'amafaranga y'agaciro.