Ukraine ivuga ko yishe ba maneko b'Uburusiya nyuma yuko maneko wayo yishwe arashwe

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Maia Davies
- Igikorwa, BBC News
Ukraine yavuze ko ba maneko babiri bakorera Uburusiya bishwe nyuma yuko maneko wa Ukraine wo ku rwego rwo hejuru yishwe arashwe ku wa kane ushize.
Vasyl Malyuk, umukuru w'ubutasi bwa Ukraine bw'imbere mu gihugu (SBU), yasohoye itangazo ryo mu buryo bwa videwo avuga ko abo ba maneko babiri bakorera ubutasi bw'imbere mu gihugu bw'Uburusiya (FSB), babonetse nyuma y'ishakisha ryimbitse "baricwa" mu gitondo cyo ku cyumweru, nyuma yuko banze gutabwa muri yombi.
Bibaye nyuma yuko uwari maneko wo ku rwego rwo hejuru wa Ukraine, Koloneli (Col) Ivan Voronych, yishwe arashwe amasasu menshi muri parikingi y'imodoka mu murwa mukuru Kyiv ku manywa y'ihangu, nyuma yo kwegerwa n'uwamuteye utazwi, wahise ahunga aho byabereye.
Ku cyumweru, polisi ya Ukraine yavuze ko abo ba maneko babiri bishwe ari "abaturage b'igihugu cy'amahanga", ariko nta yandi makuru yatanze. Uburusiya nta cyo bwahise busubiza.
Amashusho ya 'cameras' z'umutekano – yagenzuwe n'ibiro ntaramakuru Reuters – yagaragaje umugabo wambaye ipantalo y'ikoboyi n'umupira wijimye w'amaboko magufi arimo gusohoka mu nyubako iri mu karere ka Holosiivskyi ko mu majyepfo ya Kyiv, nyuma gato ya saa tatu za mu gitondo (9:00) ku isaha yaho ku wa kane ushize, ni ukuvuga saa mbili za mu gitondo (8:00) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Ni mu gihe undi mugabo yagaragaye yiruka amusatira.
Ku cyumweru, SBU yavuze ko abo bacyekwa bari barakurikiranye ingendo za Col Voronych mbere y'icyo gitero, ndetse ko bohererejwe amakuru ndangacyerekezo ('coordonnées') y'ahantu ho kwihisha ari ho bakuye imbunda nto ya 'pistolet' iriho igikoresho kigabanya urusaku ('silencer') rwayo igihe irashe.
SBU yavuze ko nyuma yuko uwo maneko wayo arashwe, abacyekwa bahise bagerageza "kwiyoberanya" ariko baza gutahurwa nyuma y'iperereza rya SBU ifatanyije na polisi y'igihugu.
SBU ishinzwe mbere na mbere ubutasi bw'imbere mu gihugu no kuburizamo ubutasi bw'amahanga (ibizwi nka 'counter-intelligence' cyangwa 'contre-espionnage'). Wayigereranya na SNR y'u Burundi cyangwa NISS y'u Rwanda.
Ariko kuva Uburusiya bugabye igitero gisesuye kuri Ukraine muri Gashyantare (2) mu 2022, SBU yagize uruhare rukomeye mu bwicanyi n'ibitero byo kudurumbanya ibintu imbere mu Burusiya.
Mbere, abo mu butasi bwa Ukraine babwiye BBC ko ubwo butasi ari bwo bwishe Umurusiya wari Jenerali ukomeye, Igor Kirillov, wiciwe mu murwa mukuru Moscow w'Uburusiya mu Kuboza (12) mu mwaka wa 2024.
Muri Mata (4) uyu mwaka, Jenerali Yaroslav Moskalik na we yiciwe mu gitero cy'igisasu cyatezwe mu modoka i Moscow – igikorwa Uburusiya bwegetse kuri Ukraine.
Ubutasi bwa Ukraine ntibwigeze na rimwe bwigamba ku mugaragaro izo mpfu.
Izi mpfu zo mu cyumweru gishize zibaye nyuma yuko ibitero by'Uburusiya kuri Ukraine biciye umuhigo wo kugera ku kigero cyo hejuru bitari byarigeze bigeraho mbere.
Ku wa kabiri, Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko Uburusiya bwagabye igitero cyo mu kirere kuri Ukraine cya mbere kinini cyane.
Umuryango w'Abibumbye (ONU) wavuze ko mu kwezi gushize kwa Kamena (6), Ukraine yagize umubare wa mbere munini cyane w'abasivile bishwe hamwe n'abakomeretse ku kwezi ubayeho mu myaka itatu ishize.
Imirwano ku murongo w'imbere wo ku rugamba na yo yarakomeje. Ingabo z'Uburusiya zirimo gutera intambwe gahoro gahoro mu burasirazuba bwa Ukraine ndetse zirimo kwisubiza igice kinini cy'akarere ka Kursk ko mu Burusiya ingabo za Ukraine zafashe mu gitero gitunguranye cyo muri Kanama (8) mu 2024.
Uburusiya ubu bugenzura kimwe cya gatanu (1/5) cy'ubutaka bwa Ukraine, harimo n'umwigimbakirwa wa Crimea wo mu majyepfo bwiyometseho mu mwaka wa 2014.
Umuhate wo kumvikana ku gahenge muri iyi ntambara imaze imyaka irenga itatu waracogoye.













