Abaporisi ba Kenya bazonesha imigwi y'inkorabara zo muri Haiti ?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Gloria Aradi & Pascal Fletcher
- Igikorwa, BBC News i Nairobi & BBC Monitoring i Miami
ONU yaremeye intererano ya Kenya yo kurongora inteko zigizwe n'ibihugu vyinshi zo kuja muri Haiti ku kamo k'umushishikiranganji wa mbere w'ico gihugu co mu mazinga ya Caraïbe asaba kugifasha kugarukana no kwubahiriza umutekano n'amategeko.
Haiti imaze imyaka myinshi yabaye ikirimbiro ry'imigwi y'inkorabara (inkozi z'ikibi) ariko ibintu vyayangaye gusumba inyuma yo ku wa 21 Mukakaro (7) mu 2021, umunsi hicwa umukuru w'igihugu Jovenel Moïse.
Iyo migwi ubu niyo igenzura ibice bitari bike vy'igihugu, aho bakoresha iterabwoba ku banyagihugu kandi bakica amajana.
Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ko ''ikoreshwa ry'inguvu zikomeye'' rirakenewe kugira iyo migwi yakwe ibigwanisho hanyuma hagarugwe umutekano n'iyubahirizwa ry'amategeko.
Inama ya ONU ijejwe umutekano yemeje [muri iyi ndwi] irungikwa ry'izo nteko kumara ikiringo c'umwaka, igikorwa cazo kikazosuzumwa aho kigeze inyuma y'amezi icenda.
Izo nteko zizofatanya mu bikorwa vyo kugarukana umutekano kandi zizoba zifise ububasha bwo guhagarika/gufata zibikoranye n'igiporisi ca Haiti , nk'uko ingingo ya ONU ivuga.
Izo nteko kandi zizokora zigamije kurondera ko haba icuka c'uko hatunganywa amatora. Nta matora araba muri Haiti kuva mu 2016.
Umushikiranganji wa Haiti ajejwe imigenderanire Jean Victor Geneus yavuze ko iyo ngingo ari ''agaheyiheyi k'umwizero ku bantu bamaze igihe kirekire batagira ayo bacira n'ayo bamira.''
Ni iki Kenya yemeye gukora?
Kenya yavuze ko izorungika abaporisi 1.000 muri Haiti.
Igihe iki ciyumviro cashirwa ahabona ubwa mbere muri Mukakaro (7), abategetsi ba Kenya bari bavuze ko abo baporisi bazocungera inyubakwa n'ibindi bikorwa remezo vya reta, ariko iyo nteguro ubu yarahindutse inyuma y'aho Kenya irungikiye intumwa zo kuja kuraba uko vyifashe mu kwezi kwakurikiye.
Ubu ico gihugu gishaka kurungika inteko zifise ububasha bwo kurwana no gutururuza iyo migwi isanzwe ifise ibigwanisho, gukingira abanyagihugu basanzwe hamwe no kugarukana amahoro no gusubizaho reta ya demokarasi ifise amaragamo.
Alfred Mutua, uwahora ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire [ubu yahinduriwe amabanga akazezwa ubushikiranganji bw'ubukerarugendo), yabwiye BBC ko igihugu ciwe gishaka kandi gufasha Haiti kuvyura ibikorwa remezo vyayo no gushiraho reta iciye mu nzira ya demokrasi ifise amaragamo.
Bahamas, Jamaica na Antigua na Barbuda navyo vyemeye gufasha muri ubwo butumwa kandi uwo mushikiranganji yongeye avuga ko Espagne, Senegal na Chili navyo bishobora kuzorungikayo abajejwe umutekano.
Mutua yavuze ko izo nteko zishobora kuba zashitse muri Haiti mu ntango z'umwaka uza.
Abaporisi ba Kenya bazosanga iki muri Haiti ?
Haiti yugarijwe n'ibibazo vy'usobekerane vy'umutekano n'akaga kugarije abanyagihugu Guterres avuga ko ari ''indoto mbi zabaye ubuzima bwa minsi yose''.
Ibice binini vy'umurwa mukuru, Port-Prince, igisagara c'imitumba gihanamiye inkengera - bamwe bagereranya ko vyoba bingana na 80% - bigenzurwa canke naho vyama biriko birayogozwa n'imigwi y'inkorabara ifise ibigwanisho bikomeye.
Iyo migwi ifise amazina yo muru rurimi rw'igi-Creole rwo muri Haiti nka "Kraze Barye" (uwusenyura bariyeri) na "Gran Grif" (Urwara runini), imaze iyi myaka ibiri iheze yiba, isahura, yaka amafaranga ku nguvu, inyuruza abantu, isambanya ku nguvu kandi yica.
Iyo migwi ifise ibigwanisho birasa urudavagi, ironka mu nzira zitemewe n'amategeko na cane cane bivuye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abari muri iyo migwi kenshi bararasa kurusha abaporisi, rimwe na rikwe bagaturira imiduga n'ibituro vyabo.
Nibo bagenzura, canke bagatera kenshi, amayira makuru makuru yinjira canke asohoka umurwa mukuru.

Ahavuye isanamu, Getty Images
No mu bice binini vy'uburengero n'amaja hagati muri Haiti naho harangwa akagajagari aho ''abasuma biyerereza'', nk'uko abantu baho bita abagize iyo migwi, batera bagaturira ibigwati n'ibisagara.
Iyo migwi yarateye akajagari ituma ibintu vyinshi bidakora harimwo n'ibikorwa vy'amashirahamwe atanga imfashanyo, ivyo bica vyunyura ubukene n'ingorane z'amagara mu gihugu gisanzwe cari ica mbere gikenye cane muri ako karere k'ibihugu vya Amerika na Buraya.
Bizomarira iki Kenya?
Mutua uruhande rumwe yavuze ko ari nk'aho Kenya yiyemeje gufasha.
''Haiti yararavye irya n'ino ivuga iti: 'Kenya, gira ico udufasha'. Nta bindi bihugu babajije. Twafashe ingingo yo kwitaba ugushaka kw'Imana kugira dufashe benewacu,'' niko uwo yahora ari umushikiranganji w'imigenderanire yavuze.
Ariko Mutua yabwiye BBC ko ubutumwa bwo muri Haiti buzoduza igihagararo ca Kenya mu makungu, ivyo navyo bigashobora kugirira akamaro igihugu.
Bamwe mu basobanura amakuru bavuga ko Kenya yavyemeye ibisabwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yizigiye ko izoca irabwa ryiza n'ico gihugu rutura.
Amerika yemeye kushigikira ubwo butumwa ku mafaranga ashika miriyoni 100 z'ama daorari ($100.000.000) -na Canada yaremeye guterera amafaranga.
Mu rugendo aherutse kugira muri Kenya, umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Lloyd Austin , yarashize umukono ku masezerano y'umutekano y'imyaka itanu kandi avuga ko Amerika ikengurukira Kenya ku burongozi bwayo mu guhangana n'ikibazo c'umutekano mu karere no kw'isi''.
Abaporisi ba Kenya boba biteguriye ubutumwa nk'ubwo ?
Benshi mu bihweza ibintu n'ibindi bafise amakenga ku bushobozi bw'abaporisi ba Kenya bwo kurwanya iyo migwi y'inkorabara yo muri Haiti.
Bazotegerezwa guhangana imbona nkubone n'abo muri iyo migwi bafise ibigwanisho kandi ku rubuga batamenyereye.
Nelson Koech, umukuru w'umugwi ujejwe ibibazo vyo kwivuna abansi mu nama nshingamateka, yabwiye imboneshakure Citizen TV ko Kenya itazorungika abaporisi bajejwe uruja n'uruza mu mabarabara, ko izorungika ''ingabo zidasanzwe zifise ibigwanisho'' kandi ko ziba zarigishijwe neza imbere yo kurungikwa.
Ntibiramenyekana ibisata vy'inteko bizorungikwa muri Haiti ariko hashobora kurungikwa abo mu gisata kimeze bwa gisirikare citwa General Service Unit (GSU), gisanzwe ari bitumwako mu bihe nk'ivy'imyiyerekano irimwo intureka n'ibitero vy'iterabwoba.
Mutua yavuze kandi ko reta isanzwe iriko iritegurira ubwo butumwa. Nta vyinshi yamenyesheje uretse kuvuga ko abategetsi bariko baraha ivyigwa vy'Igifaransa abaporisi kugira bizoborohere kwumvikana n'abanyagihugu bo muri Haiti.
Ikibazo c'ururimi carateye impungenge, kuko muri Haiti abantu ahanini bavuga igifaransa n'igi-Creole co muri Haiti, mu gihe muri Kenya indimi zikorehwa cane ari Icongereza n'Igiswaili.
Abaporisi ba Kenya basanzwe bazwi gute muri bene ico gikorwa?
Abaporisi ba Kenya basanzwe kuva kera banegurwa mu bijanye no guhonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu aranaze gushikiriza impungenge afise ku bushobozi bw'abo baporisi bwo guhangana mu buryo bwa kimuntu no kwiyubara ivyo ukora muri Haiti.
Mw'ikete ryuguruye yarungikiye inama ya ONU ijejwe umutekano mu kwezi kwa Myandagaro (8), Amnesty International yavuze ko ihagaritswe umutima n'uwo mugambi kubera ingene abaporisi ba Kenya bazwi mu kuba bakoresha inguvu z'umurengera kandi zidakenewe.
Iryo shirahamwe ryavuze ko ryatohoje ahantu 30 aho apaorisi bo muri Kenya bishe abari mu myiyerekano mu kubarasa no kubamijamwo ivyuka bibabuza guhema mu gihe c'imyiyerakano itandukanye uwu umwaka.
Amnesty yagirije kandi abaporisi gukubita abari mu myiyerekano hamwe no kubafata no kupapfunga bidaciye mu mategeko.

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru w'igiporisi ca Kenya Japhet Koome yavuze ko ingene abaporisi biwe bigenjeje mu myiyerekano ''bishimishije''.
Yahakanye ibirego vy'uko igiporisi cishe abantu avuga mu buryo bushikuje ko abanyaporitike batavuga rumwe na reta bagiye gushira ahabona ibiziga bakotesheje mu mazu y'uburuhukiro kugira bashire izo mpfu ku gatwe k'abaporisi biwe.
Ubundi butumwa bw'abanyamahanga nk'ubwo vyabugendeye gute muri Hati ?
Haiti, igihugu co mu mazinga ya Caraïbe cahoze gitwarwa gikoroni n'Ubufaransa cabaye ica mbere c'abirabure cahindutse repuburika mu ntango z'ikinjana ca 19 inyuma y'umugumuko y'abari mu buja/mu bucakara, irafise kahise k'ubutumwa buvuye mu mahanga.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarateye zirigarurira Haiti kuva mu 1915 gushika mu 1934, zirungika abasirikare b'aba 'marines' n'abajejwe intwaro ba gisirikare.
Amerika yarakozeyo kandi ibindi bikorwa vya gisirikare mu 1994 no mu 2004, vyo ''kurwanira demokarasi'' no gusubiza ibintu mu buryo.
Bene ubwo butumwa bwatumye abanya-Haiti binuba ukwivanga kw'amahanga, na cane cane iyo harimwo Amerika.

Ahavuye isanamu, AFP
Ubutumwa bwo muri kahise bwo gufasha kugarukana amahoro muri Haiti, nk'akarorero Minustah yari irongowe na Brezil, kuva mu 2004 gushika mu 2017, bwabaye nk'ubundi mu gutera impari, igihe ingabo zituruka muri Nepal zagirizwa kuzana cholera inyuma ya nyamugigima yasasitse inganda mu 2010.
N'ubutumwa bwari burongowe na Amerika bwo kugarukira ku bantu inyuma ya nyamugigima, n'ubwo bwakiriwe neza n'abanya-Haiti batari bake, bwarateye impari nyinshi ku kibazo co kuzera ku mfashanyo hanavugwa amabi yoba yakozwe na bamwe mu bafasha gutanga imfashanyo n'abacungera amahoro.
Can Kenya izoshobora aho abandi bananiwe?
Ukumenya ko ubutumwa bwashobotse bizovana n'uko izo nteko za Kenya zizoba zashoboye kunesha iyo migwi y'inkorabara, zisubizeho amategeko no kuyubaha mu buzima bwa minsi yose bw'abanya-Haiti.
Mu gihe inzego zijejwe umutekano za Kenya zifise ubunararibonye mu kurwanya umugwi wiyitirira Islam wa al-Shabab muri Somalia, hamwe no guhangana no kwamama mu turere abantu babamwo mu buryo bugoye kugenzura, ubu zizoba ziri ku rubuga zitazi mu bucucikirane bwo ku nkengera n'imisozi vya Port-au-Prince.
Ngaha, iyo migwi y'inkorabara yo muri Haiti irazi akarere kayo kandi rimwe na rimwe irashigikirwa n'abayirerekera bo ngaho nyene.
Abanya-Kenya bazotegerezwa gukorana n'igiporisi ca Haiti.
Bashobora kuronka kandi intererano y'umuhari w'abanyagihugu basanzwe wo kwirarira uzwi nka ''Bwa Kale'' (Igiti kimoye''), umaze kwica amajana y'abo muri iyo migwi y'inkorabara muri aya mezi ya vuba, akenshi bakabica canke bagaturira abaketswe abantu barorera.
Kenya izokonera ibikoresho n'amakuru y'igendereza vyemewe na Amerika n'ibindi bihugu.
Ni iki abanya-Haiti bibaza ku vyo Kenya yemeye?
Reta y'umushikiranganji wa mbere Ariel Henry n'abo bafatanya mu makungu, hamwe na ONU n'amashirahamwe atanga imfashanyo, baragaragaje ico bibaza ko igikorwa gikomeye gishigikiwe n'amakungu ari co conyene gishobora gusubiza ibintu mu buryo muri Haiti.
Muri Haiti ariko, abantu babibona mu nzira zitandukanye.
Hari abaha ikaze izo nteko ''za benewacu b'Abanyafrika'', n'abandi batavuga rumwe n'ubitegetsi babona Henry - yashitse ku butegetsi nk'umushikiranganji wa mbere inyuma y'iyicwa rya perezida Moi͏̈se - nk'umutegetsi ''yishizeho'' none ubwo butumwa bugiye gutera intege.
Bamwe mu batava kw'izima bagiriza Amerika n'ibindi bihugu vya Buraya gukoresha Kenya kugira bishike ku nyungu z'''ubukoroni bwa none'' no ''kwiganza'' [ku yandi makungu].
Umwe mu bakuru rurangiranwa rw'iyo migwi y'inkorabara, uwahoze ari umporisi Jimmy Cherizier, batazira ''Barbecue'', yagabishije ko azorwanya ingabo zo hanze izo ari zo zose hamwe zorondera kugumiza Henry ku butegetsi.
Ikizwi neza ni uko - abaporisi ba Kenya, mu gihe bazoba bahanganye n'iyo migwi y'inkorabara, bazotegerezwa kwiyubara kugira birinde ko hari abanyagihugu basanzwe bahagwa kandi bongere batsinde urugamba rwo kwigarurira ''imitima'' [y'abanya-Haiti].










