Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nta gahengwe, nta masezerano. Uwo mubonano usigura iki kuri Trump, Putin na Ukraine?
Presida wa Amerika Donald Trump na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin batandukanye i Alaska ata masezerano bashitseko yo guhagarika intambara muri Ukraine.
Inyuma y'inama y'amasaha atatu, abo bategetsi batanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru bari kumwe imbere yo kwisoza ata kibazo bemeye kubazwa.
Abamenyeshamakuru batatu ba BBC bari bari i Anchorage bihweje ico bisigura ku bategetsi ba Amerika n'uwo Uburusiya, co kimwe n'ibigiye gukurikira mu ntambara muri Ukraine.
Inama yagabanije icizere kuri Trump nk'umuhuza
Inkuru ya Anthony Zurcher, umumenyeshamakuru wa BBC muri Amerika ya Ruguru
"Nta masezerano ahari gushika igihe abonekeye," uko ni ko Donald Trump yavuze inyuma y'uwo mubonano aha Anchorage.
Bwari ubundi buryo bwo kuvuga ko, inyuma y'amasaha atari make y'ibiganiro, ata masezerano bashitseko. Nta gahengwe. Nta kintu na kimwe gifadika co gutangaza.
Prezida yavuzeko we na Vladimir Putin bagize "intambwe igaragara", ariko nta do n'ido batanze uko iyo ntambwe yifashe, baretse isi ngo yiyumvire iyo ari yo.
"Ntitwabishitseko," n'uko mu nyuma yavuze, imbere yo kuva mu cumba c'ibiganiro ata kibazo na kimwe yakiriye c'abamenyeshamakuru bari bakoraniye ngaho.
Trump yagize urugendo rurerure kugira gusa ashike ku kintu ata co kivuze, n'aho ibihugu vya Buraya bifitaniye ubucuti na Amerika hamwe n'abategetsi ba Ukraine biruhukije kuba ata co yemeye guheba canke ngo agire amasezerano yotuma haba imitego mu ibiganiro vyo mu nyuma.
Ku mugabo akunze kwiyita ko ari we yogarukana amahoro n'umuhuza, bigaragara ko Trump ava Alaska ata na kimwe aronse.
Nta n'ikimenyetso ko ibindi biganiro bizoba birimwo prezida wa Ukraine Volodymur Zelensky bitegekanijwe, n'aho Putin yavuze "igihe kizokurikira i Moscou" avuga ku bijanye n'inama yabo ikurikira.
N'aho Trump afisemwo inyungu nke muri ivyo biganiro ugereranije na Ukraine hamwe n'Uburusiya, biguma bikurako icizere haba mu gihugu canke mu makungu, inyuma y'aho atangiye icizere ko uwo mubonano ufise gusa ibice 25% vyo kutagira ico ushikako.
Ikibazo gikomeye ubu - kimwe abamenyeshamakuru batashoboye kubaza kuri uyu wa gatanu - ni nimba Trump azofata ingingo yo gufatira ibihano Uburusiya nko ku buhana nk'uko yari amaze imisi agabisha.
Putin yaronse akanya ko gushirwa ahabona kw'isi
Vyanditswe na Steve Rosenberg, BBC Russia
Iyo hari "ikiganiro n'abamenyeshamakuru" atari "ikiganiro n'abamenyeshamakuru"
Hari ugutangara kugaragara mu cumba caberamwo ikiganiro aho prezida Putin na Trump bava imbere bahejeje gusoma amatangazo yabo - batakiriye ikibazo na kimwe.
Abari mu ntumwa z'Uburusiya na bo nyene, baciye bava muri ico kibanza bihuta batishuye ku bibazo vy'abamenyeshamakuru bariko barasemerera babaza.
Ibimenyetso bitabesha ko hageze ku ntambara yo muri Ukraine, Vladimir Putin na Donald Trump bagifise ivyo badahurizako vyinshi.
Donald Trump yagumye ahamagarira Uburusiya guhagarika intambara. Vladimiri Putin nta vyo yakoze.
Ibintu vyari vyifashe ugutandukanye kare ku musi wa gatanu. Prezida Trump yakiranye iteka ryinshi Vladimir Putin, amufata nk'umutegetsi w'Uburusiya abushitse w'icubahiro.
Uyu musi prezida w'Uburusiya yaronse akaryo kiwe ko kugaragara imbere y'amakungu, ahagararana n'umukuru w'igihugu ca mbere kw'isi c'igihangange.
Ariko none Trump agiye gukora iki kuri ivyo vyashitse? Ntarashobora kugondoza Putin kurangiza intambara yatanguje kuri Ukraine.
Mu misi iheze yarateye ubwoba ko agiye gufata ingingo zikomeye ku Burusiya, agabisha, atanga ibiringo ntarengwa, amenyesha n'ibindi bihano mu gihe ico gihugu cokwirengagiza akamo ko guhagarika intambara.
Ntiyabikurikije.
Azobikora?
Ukwiruhutsa kuri Ukraine n'ubwoba bw'ibigiye gukurikira
Ivyanditswe na Vitaliy Shevchenko, Russia BBC Monitoring
Ivyabaye i Anchorage bishobora kugaragara nk'ibica intege kuri benshi, ariko kuri Ukraine, hazoba ukwiruhutsa ko ata "masezerano" yatangajwe yari gutuma ico gihugu gitakaza ubutaka bwaco.
Abanyagihugu ba Ukraine bomenya ko amasezerano yose akomeye bari bafitaniye n'Uburusiya yaruhiye gupfa, rero n'aho hari kuba ayamenyeshejwe i Anchorage, yari kubamwo amakenga menshi.
Ariko abanya Ukraine bategerezwa kwama bagavye kubera ko igihe batanga ikiganiro imbere bamenyeshamakuru, Vladimir Putin yagarutse kandi ku "mizi" y'iyo ntambara aca avuga ko igishobora gutuma bava muri Ukraine ari amahoro arama.
Ubihinduye mu rurimi rw'ikirusiya, ibi bisigura ko agifise ishaka ryo kubandanya gushika ku ntego y'"ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare" - iyo na yo ikaba ari gufuta Ukraine nk'igihugu cigenga. Utwigoro tw'abanya Buraya tumaze imyaka itatu n'igice twarananiwe kumugondoza, ubu na ho hagiyeko umubonano wa Alaska.
Amakenga abandanya inyuma y'iyo nama ateye umutima uhagaze. Ni kihe kigiye gukurikira? Ibitero vy'urutavanako vy'Uburusiya bigiye kubandanya?
Mu mezi make aheze hagiye haraba urukurikirane rw'amatariki ntarengwa y'abanya Buraya, ata nkurikizi yavyaye, hamwe n'igabishwa ritigeze rishirwa mu bikorwa. Abanya Ukraine babona ivyo nko guhamagarira Putin kubandanya ibitero vyiwe. Bashobora kubibona co kimwe n'uko kutagira ico bashikako i Anchorage.