Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikirizamanza wo muri Philadelphia yitwariye Musk ku gutanga miliyoni muri leta za mahindagu
- Umwanditsi, Brandon Drenon
- Igikorwa, BBC News
Umushikirizamanza wo muri leta ya Philadephia yashengeje umugwizatunga Elon Musk n’umugwi wiwe wa politike America PAC, kubera amafaranga yatanzwe ku barekuriwe gutora bo mu maleta ahindagura mu gutora (swing states).
Uyu mugwizatunga yagiye aratanga umuliyoni w’amadolari -$1m (£770,092m) ku muntu ku munsi, biciye mu gutomboza, aregwa “gukoresha tombora itemewe n’amategeko”.
"America PAC na Musk bategerezwa guhagarikwa, bidatevye, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo ku wa 5 Munyonyo”, ivyo n'ivyashikirijwe na Lawrence Krasner, umushikirizamanza wa Philadelphia, mu kirego yatanze.
Ico kirego kije inyuma y’iminsi mike igisata c’ubutungane bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kimaze guca amahani umugwi wa Musk PAC, ko umuliyoni batanga ushobora kuba uciye kubiri n’itegeko rigenga amatora ku rwego rw’igihugu.
Musk, yakomeje gukora isekeza ryo kwamamaza Donald Trump kandi cane, yavuze ko abazotora bashaka gushikirwa n’iyo tombora y’amafaranga, badategerezwa kwiyandikisha nk’aba Republikani canke ngo batore umu Republikani.
Ku bw’ico gukorwa, Musk yatangaje muri uku kwezi kw’icumi ko azotanga mu buryo bwo gutomboza, agashimwe ka miliyoni imwe y’ama dolari ($1m), ku muntu wo mu maleta impande zompi zikigerageza kwigaruriramwo abatora, ari zo Pennsylvania, Georgia, Nevada, Arizona, Wisconsin, Michigan na North Carolina, ivyo akabikora buri musi kugeza kw’itariki 5 Munyonyo.
Kugirango umuntu ashobore kuja mu gitigiri c’abatombora, bisabwa ko arinda kuba yariyandikishije gutora, kandi agatanga umwirondoro wiwe uranga ko yanditswe, nka nimero za terefone yiwe canke aho aba.
Basabwa kandi gushira umukono ku rwandiko ruvuga ko bashigikiye ibwirizwa nshingiro rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Kugeza ubu, abantu icenda ni bo batangajwe ko bamaze guhabwa amadolari miliyoni imwe kuri buri wese, uwa nyuma akaba ari umugabo wo muri leta ya Michigan.
Icegera c’umukuru w’igihugu Kamala Harris na Trump ashigikiwe na Musk, baracabangabanganywe muri izo leta z’ibirwanirwa.
Iyo ngendo ya Musk yiyamirijwe na benshi bamurega ko ariko agerageza kugura amajwi, kandi n’abajejwe kwubahiriza amategeko baciye babikurikiranira hafi.
Ibiri mu kirego c’umushikirizamanza catanzwe kuri uyu wa mbere, vyemeza ko "America PAC na Musk bariko barabesha abanyagihugu ba Philadelphia… kugirango batange imyirondoro yabo, kandi bagire n’indahiro yo kuyoboka uruhande rwa politike rubahaye uwo muliyoni. Iyo ni tombora. Ariko nta wobideha, ni tombora idahuye n’amategeko.”
Ico kirego cagiriza Musk kandi kurenga ku mategeko akingira abaguzi, mu gusohora amatangazo menshi kandi arimwo ibinyoma, ashobora guteza amadidane.
Umushikirizamanza Krasner yasavye ko abaregwa batumwako kubazwa amatora ataragera, aho asigura ko ico gikorwa co gutanga amafaranga catangujwe mu ntumbero yo gusunikira abatora guhitamwo umukandida uyo mugwi PAC na Musk bifuza.
Sentare izosasa ku munsi wa gatanu mu gitondo muri Philadelphia kugirango yihweze ico kirego ca Krasner, hakazoba hasigaye iminsi itatu gusa ngo bashike ku musi w’amatora.
Ico kirego kiratomora neza ko kitariko cagiriza yaba Musk canke umugwi America PAC, ko barenze ku mategeko abuza kugura amajwi.
Abaserukira America PAC babwiye ikigo c’itangazamakuru ABC News inyuma y'aho ico kirego gitangiwe, ko vyari bikwiye gusuzuma neza uyo mugambi wa PAC wo gukomeza gutanga sheke za miliyoni y’amadolari buri musi.
BBC yagerageje kuvugana n’umugwi wa Musk America PAC, kugirango ugire ico ubivuzeko ariko ntivyakunda.
Abahinga mu mategeko babwiye BBC ko bidashoka biboneka ko ukwo gutanga amafaranga kudahuye n’amategeko.
Vyatanzwe n’igisata c’ubutungane kijejwe gusuzuma inyifato ibereye mu banyagihugu, inyuma y’aho aba Demokarate badugirije akamo bavyiyamiriza.
Mu mategeko ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, birabujijwe guha amafaranga abantu ubasunikira kwiyandikisha gutora. Ariko ntibigaragara neza nimba ubwo bushimwe (canke tombora) butangwa buciye kubiri n’amategeko.