Imyuzure ya Libya: Kubona igihugu gicitsemwo kubiri ntivyorohereza ubutabazi

Hisham Chkiouat, aserukira Leta yo mu karere k'ubuseruko avuga ko yakubiswe n'imkuba abonye ivyabaye mu myuzure yateye igihugu ca Libya k uwa Mungu, ati: "Ni nka tsunami."

Igice kinini ca Derna, ibamwo abantu bagera ku 100.000, yarengewe n'amazi inyuma y'aho ingomero zibiri n'ibiraro bine bisambukiye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare kw'isi Red Crescent/Croissant Rouge uvuga ko abantu barenga 10,000 bamaze kumenyekana ko baburiwe irengero bivuye ku gihuhusi ciswe Daniel.

Ico gihuhusi cadutse ku munsi wa Mungu kirageramiye ibisagara vyo mu buseruko bwa Benghazi, Soussa na Al-Marj.

Chkiouat, umushikiranganji ajejwe igisata c'indege akaba ari no mu murwi wa leta yo mu karere k'ubuseruko ujejwe ubutabazi yabwiye igisata ca BBC Newshour ko isambuka rya rumwe mu ngomero zo mu bumanuko bwa Derna ryatwaye ibice vyinshi vy'igisagara mu kiyaga.

Yabwiye itororokanyirizo ry'amakuru Reuters ko ica kane c'igisagara cazimanganye, ati: "Igice kinini co mu micungararo carasambutse - hari igitigiri kinini c'abapfuye - kiguma congerekana isaha kw'isaha.

"....Ntidufise ibiharuro bikwiye ariko ni ivyago." Yongeye ati "Urugomero rwasambutse rwari rumaze iminsi rutangenzurwa".

Tamer Ramadan arongoye Croix rouge na Croissant Rouge/Red Cross and Red Crescent (IFRC) muri Libya, yabwiye abamenyeshamakuru ko igitigiri c'abapfuye gishobora kuba ''kinini''.

Ari mu gihugu kibanyi ca Tunisia akoresheje ubuhinga bwa videwo, yavuze ati : "Abakozi bacu bagiye gutabara baracari ku bikorwa… ubu ntidufise ibiharuro vya nyuma. Igitigiri c'ababuriwe irengero kirashika 10,000 gushika ubu."

Ku ruhande rw'ubuseruko, igisagara ca Misrata co mu burengero kiri mu bahuye n’umwuzure.

Libya yamye mu ngorane za politike kuva ku ntwaro yamaze igihe kirekire ya Col Muammar Gaddafi yatembagajwe ku butegetsi akicwa mu 2011 - asiga iki gihugu gitunze ibitoro gicitsemwo kabiri hagati ya leta mfatakibanza ya Tripoli yemewe n'amakungu n'iyindi yo mu karere k'ubuseruko.

Nk'uko umumenyeshamakuru w'umunyalibiya, Abdulkader Assad, abivuga, ibi birabangamira ibikorwa vy'ubutabazi kubari hari abategetsi batandukanye badashobora gutabara vyihuse mu gihe c'ibiza.

Yabwiye BBC ati: "Nta mirwi y'ubutabazi ihari, nta bantu bigishijwe gutabara bahari muri Libya. Ibintu vyaba mu myaka 12 iheze vyari ingwano".

"Hari amaleta abiri muri Libya... kandi bigatuma imfashanyo itihuta kubera ukuzazanirwa. Hari abantu batakamba basaba imfashanyo ariko nta mfashanyo iriko iraza".

Umushikiranganji Chkiouat yavuze ko imfashanyo yari mu nzira iza, kandi ko leta yo mu karere ko mu buseruko izokwemera ubufasha bwa leta ya Tripoli, aho yarungitse indege irimwo amatoni 14 y'ibikoresho vy'ubuvuzi, amasashe yo gushiramwo abapfuye n'abaganga barenga 80 n'ababafasha.

Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Libya, Richard Norton, yavuze ko Washington izorungika imfashanyo muri leta yo mu karere k'ubuseruko bwa Libya mu bufatanye n'abafatanyabikorwa ba ONU n'abategetsi ba Lybia .

Ibihugu vya Misiri, Ubudagi, Iran, Italy, Qatar na Turukiya biri mu vyavuze ko vyarungitse imfashanyo canke biriko biritegura kuyirungika.

Derna, iri hafi y'ibirometero 250 y'ubuseruko bwa Benghazi yegereye inkombe, ikikijwe n'imisozi ifise isi imera yo mu karere ka Jabal Akhdar.

Iki gisagara cahoze cubatswemwo ibirindiro vy'abarwanyi b'umurwi witwaza idini rya Islam inyuma y'ikomborwa rya Gaddafi. Bahavuye birukanwa inyuma y'imyaka mike n'igisirikare ca leta ya Libya(LNA), ingabo zari zifatanyije na Gen Khalifar Haftar yari somambike w'ubutegetsi bwa leta ikorera mu karere k'ubuseruko bwa Libya.

Uwo mugenerali w'igihangange yavuze ko ubu abategetsi bo mu buseruko bariko baratororokanya ivyasambuwe n'umwuzure kugira amabarabara asubire kwubakwa handi bagarukane umuyagankuba mu gufasha ibikorwa vy'ubutabazi.

Reuters imenyesha ko uyu mutegetsi igihe yariko aravugira ku mboneshakure yavuze ati:" Inzego zose zemewe mu gihugu, cane cane ibanki nkuru ya Libya, zitegerezwa gutanga uburyo bw'amafaranga bwose bukenewe kugira ngo abakozi babo bakore akazi kabo neza kandi babandanye ibikorwa vyo gusanura ivyasambutse".