Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Libya: UN ihamagarira ihagarikwa ry'imigwano imaze guhitana benshi
ONU/UN yasavye ko intambara ibera muri Libiya ihagarara ubwo nyene inyuma y'umusi umwe habaye ugutana mu mitwe kw'imigwi ibiri ihanganye ku mugwa mukuru i Tripoli hagapfa abantu benshi.
Abantu boba bashika 23 barishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomerekera muri iyo ntambara, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji w'amagara y'abantu i Tripoli.
Umutegetsi umwe yavuze ko mu bapfuye harimwo umunya tugenegene two gutwenza yari akiri muto Mustafa Baraka.
Igihugu ca Libiya kiri mu kajagari kuva habaye imigumuko yashigikiwe n'ishirahamwe ryo kugwaniriza umwansi hamwe OTAN/NATO mu 2011 yakuye ku butegetsi Col Muammar Gaddafi yari amaze igihe kirekire ku butegetsi.
Ariko nticabujije ko iki gihugu kimaze mu gahengwe kadashemeye na ho nyene muri iyi myaka ibiri gusa.
Ku musi wa gatandatu, abasirikare ba reta yemewe n'amakungu baragerageje gusubiza inyuma urukurikirane rw'imodoka z'abarwanyi bashigikiye Fathi Bashagha, uwo inama nshingamateka ikorera mu buseruko bwa Libiya yemeza ko ari we mushikiranganji wa mbere.
Hari inkuru zavuga ko habaye ukurasana n'inkoho zito zito hamwe n'ibintu biturika mu turere twinshi tw'umugwa mukuru. Warashobora kubona umwotsi wirabura uriko uraduga mu kirere hirya no hino mu gisagara.
Ibisata bijejwe gutabara vyihuta bivuga ko ibitaro vyinshi vyarashweko. Abantu kandi barakuwe mu turere twariko turaberamwo imigwano.
Abakozi ba Onu bari muri Libiya bavuze ko izo ntambara zarimwo "ugukoresha uburyo bubayabaye n'ubukomeye mu gutera ahegereye aho abasivile baba ata gutoranya" batera n'akamo ko intambara zihagarara ubwo nyene.
Ico gihugu gifise ubutunzi bw'igitoto cigeze kuba ari co gifise urugero rwo hejuru mu kubaho neza muri Afrika, aho abantu bavugwa bakaniga ku buntu.
Ariko umutekano wari watumye haba iryo terambere warahungabanye, ubu Tripoli ikaba yama iberamwo intambara y'imigwi itavuga rumwe kuva mu 2011.