Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare ya Kenya yemereye reta gukoresha igisirikare mu kurwanya imyiyerekano
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Sentare y'Ikirenga ya Kenya yemeye ko hakoreshwa inguvu za gisirikare mu kugarukana ituze inyuma y'iminsi y'imyiyerekano yo kurwanya amakori yashitse aho irengera inguvu z'igiporisi.
Abantu barenga 20 bivugwa ko bishwe muri iyo myiyerekano yabaye mu gihugu cose aho ahanini yari irongowe n'abakiri bato baterekwa imigambi ya reta yo kuduza amakori.
Ibiduga vya gisirikare bitamenwa n'amasasu asanzwe ku wa kane vyarakizuye amabarabara ku murwa mukuru Nairobi aho abaporisi bariko bararasa imyotsi ikoroza amosozi kugira bashwiragize abari mu myiyerekano, bari bakangishije gushwara ikirimba c'umukuru w'igihugu.
Umucamanza yavuze ko kugomora igirisirikare ari nkenerwa cane kugira hakingirwe inyubakwa za reta ariko yahaye abategetsi iminsi ibiri kugira batomore igihe iryo gomorwa rizomara, hamwe n'amategeko azorigenga.
''Kugomora ingabo za gisirikare gutyo gusa uterekanye neza aho igikorwa cazo kiva kikagarukira n'umwanya kizomara ni ingendo ibangamye ishobora gushikana ku gihugu gisigaye gitwawe bwa gisirikare,'' niko umucamanza Lawrence Mugambi yavuze mu ngingo yiwe.
Ishirahamwe ry'abanyamategeko muri Kenya, ari naryo ryari ryasavye sentare gutanga itegeko kugira ingabo za gisirikare zisubire mu makambi, ryavuze ko ''ryubaha ariko ridahuza'' n'iyo ngingo.
Perezida Ruto ku wa gatatu yarisubiyeko inyuma yo kuremerwa aca avuga ko azosokora integuro y'itegeko rigenga amafaranga yarimwo ingingo z'amakori abanyagihugu baterekwa, ivyo bikaba vyabaye inyuma y'umunsi umwe inama nshingamateka itewe yongera iraturirwa igice n'abari mu myiyerekano bari batwawe n'ishavu.
Isaac Mwaura, umuvugizi wa reta, yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ko kuba integuro y'itegeko yarasokowe ari ''imvune ikomeye kuri reta kuko isize igihengeri kinini'' mu mafaranga ikoresha.
''Biradusubije inyuma cane,'' niko Mwaura yavuze, ata ishavu ku banya-Kenya ''badafise amakuru nyayo'' mu kuyirwanya.
''Harabaye isekeza ryo kuyirwanya riteguwe neza, haba mu gihugu haba no mu makungu, kugira hatangwe amakuru atari yo canke ayovya abantu kugira bagumuke,'' nk'uko yabandanije avuga.
Iryo tegeko rishinga amafaranga reta izokoresha ryari rigamije kuduza amakori kugira hashobore kurihwa umwenda igihugu gifise, nk'uko bisabwa n'abakigurana barimwo n'ikigega mpuzamakungu (FMI).
Benshi mu bitavye imyiyerekano barafise amakenga niba perezida Ruto azoshira mu ngiro ingingo zo gutubika umukanda yatangaje ku wa gatatu.
Bashavujwe kandi n'ibivugwa ko hari abari mu myiyerekano banyurujwe mu buryo buteye kubiri n'amategeko hamwe n'iyicwa ry'abantu nibura 23, ku bw'ishirahamwe ry'abaganga. Bamwe ubu basaba umukuru w'igihugu gutanga imihoho (kwegura).
Abakozi ba reta bagirizwa kunyuruza abantu amajana mu bari bafitaniye isano n'imyiyerekano.
Benshi mu bamaze kurekurwa nta bikomere bafise ku mubiri ariko barahahamutse cane ku buryo badashaka kuvuga ivyabashikiye, nk'uko bivugwa na Faith Odhiambo, umukuru w'ishirahamwe ry'abanyamategeko muri Kenya (Law Society of Kenya, LSK).
''Benshi muri bo baterewe kw'ibarabara basigara bahungabanye. Umwe muri bo avuga ko yaciye aja ruguru kwa nyina aho yumva ko afise umutekano gusumba,'' nk'uko Odhiambo yabwiye imwe mu maradiyo y'aha mu gihugu.
Umugwi wa Kenya uraba agateka ka zina muntu ukoresha uburyo bwa reta wavuze ko wafashije mu kurekuza abantu berenga 300 bari ''bapfunzwe mu buryo buteye kubiri n'amategeko''.
Umukuru wa sentare ntahinyuzwa Martha Koome nawe nyene yariyamirije inyuruzwa ry'abantu, avuga ko ari uguca kubiri vyeruye n'igihugu kigengwa n'amategeko.
Ariko Mwaura ivyo yarabihakanye, avuga ko ''inkozi z'ikibi zashaka itembagazwa ry'ubutegetsi [ coup d'etat]'' zaragerageje kwikika mu kiza muri iyo myiyerekano.