Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya ingene aba bagore b'Abanya-Kenya batsinze urubanza rwo gupfungwa kuvyara ku gahato
Abagore bagendana unugera wa Sida muri Kenya batsindiye amafaranga y'amadorari 20.000 (hafi miriyoni 58.000.000 mu mafaranga y'Uburundi) umwe umwe nk'impozamarira yo kuba bapfunzwe kuvyara batabajijwe ngo bavyemere babizi. Babwiye BBC ingene vyabagendeye.
Abo bagore baburanye urwo rubanza imyaka icenda -amazina yabo akaba yahinduwe kugira umwidondoro wabo ukingirwe, no muri Sentare nkuru y'igihugu amazina yabo ntiyahishuwe.
''Kwaratabagaje ubuzima bwanje,'' niko Penda yabwiye BBC ashaka kuvuga ugukorwa (ukubagwa) yagiriwe ahejeje kuvyara amahasa ku bitaro vya reta vy'abibaraka vya Pumwani ku mugwa mukuru, Nairobi.
Yakorewe ivyo bita 'bilateral tubal ligation (BTL) canke 'occlusion tubaire bilatérale (OTB) - 'ligature', aho uturingoti tumanukana amagi y'umugore ducibwa, tubohwa, duturirwa, dufatishwa urunengo canke tuvanwayo igice, gutyo tukaba dupfunzwe bikabuza ko bishoboka gusubira gusama inda.
Se w'ayo mahasa yagiye imbere y'uko avuka. Umugabo wiwe yari amaze igihe yarapfuye ahitanywe n'indwara zifatiye ku mugera wa Sida. Arababajwe cane no kuba atazosubira kuronka uwundi mugabo : ''Ni nde ashobora kundongora amenye ko ntashobora kuvyara?''
Penda yari azi ko afise umugera wa Sida igihe yasama inda hanyuma aja gusaba impanuro kwa muganga. Ico gihe abagore bafise inda kandi bafise umugera wa Sida barahimirizwa kuvyaya babanje gukorwa (sezariyene) hamwe no kutonsa kugira birinde kwandukiza umugera abana babo.
Ibi ni ibintu bisaba uburyo bwinshi ku bagore benshi b'abakene. Ubu vyinshi mu vyo bakenera kwa muganga abavyeyi babikorerwa ku buntu muri Kenya. Ariko siko vyamye.
Amaze kuvyara, Penda yabwiwe ko aha abana biwe amata y'ifu gusa. Avuga ko yabwiwe ko kugira be n'abana biwe baronswe ivyo kurya ku buntu, yategerezwa kubanza kwerekana icemeza ko ariko arakurikiza ukuvyara ku rugero.
Ati: "Nk'umuvyeyi umwe, ivyo vyaranshegeshe. Nari nsanzwe ndiko ndagwana no gutumwa urutoke ko ngendana umugera. Sinari nzi ikindi nkora".
Kugira afashe Penda kuronka ico cemeza, uwujejwe ibijanye n'ingaburo mu bitaro yaciye amurungika ku mukozi wo kwa muganga wo mu kibano nawe aca amubwira ko yoja ku bitaro aho abakozi ba Marie Stopes, ishirahamwe rya mbere rikomeye muri Kenya ku bijanye n'amagara ajanye n'irondoka n'imibonano mpuzabitsina, bafise umugambi ujanye n'ukuvyara ku rugero.
Aho, Penda yahawe urupapuro, ararusinya, kugira apfungwe uturingoti (bamugurire ligature). Kubeta atazi gusoma, avuga ko atamenye ko ahejeje kwemera ko bamupfunga kuvyara.
Gupfunga burundu
Neema avuga ibisa n'ivyo vyamushikiye ku bitaro vya Pumwani, ari navyo bitaro vya mbere binini vy'abibaruka muri Kenya.
Yari asanzwe azi ko afise umugera wa Sida igihe yari afise inda y'umwana agira kane. Yari arajwe ishinga no kutandukiza umwana afise mu nda.
Avuga ko yabwiwe n'uwujejwe ingaburo ngaho, ko atemeye kwipfungisha ahejeje kuvyara, atazoheza ngo ahabwe amavuta yo guteka hamwe n'ifu y'ubugari bw'ibigori, kandi ko amafaranga yivujeko atazoheza ngo arihwe.
Umunsi wo kuvyara, imbere y'uko ajanwa mu cumba co gukorwa, Neema yavuze ko umuforomakazi yari ku kazi uwo musi yamugiriye inama ko akeneye gutegekanya imvyaro ziwe na burya yari aja afise abandi bana batatu.
Uwo muforomakazi yaciye amubwira kwipfungisha aca ahabwa urupauro rwo gusinya yemera ko agirirwa cesarienne no gupfungwa uturingoti (kugirirwa ligature).
Sinari nzi ico bisigura. Nari nzi ko ari uburyo busanze bwo gutandukanya imvyaro,'' niko Neema yabwiye BBC.
''Iyo bansingurira neza ivyo ari vyo, sinari kuba nasinye urwo rupapuro.''
Ku vyerekeye Furaha, ntiyibuka ko hari ikiganiro ku bijanye no gutandukanya imvyaro coba carabaye imbere y'uko avyara umwana wiwe wa gatatu ku bitaro vya Pumwani.
Ico yibuka gusa ni uko yemeye ko bamukorera sezariyene kugira babuze ko yokwanduza umugera wa Sida umwana avyaye - hanyuma akikangura ari mu bubabare bw'umurengera.
Umuforomakazi yasiguye ko nawe yari yapfunzwe kuvyara.
''Nari mfise ubwoba bwo kubwira umugabo ivyabaye. Navyigumijemwo,'' niko yabwire BBC.
''Amaze kubimenya, yaciye acika imborerwa. Yapfuye agonzwe n'imodoka. Ayo mashirahamwe yaransamburiye urugo.''
Umugore agira kane, Faraja, yabwiye BBC ko nawe yagondojwe ngo apfungwe kuvyara, amezi abiri imbere y'uko avyara umwana wiwe agira gatatu.
Kuko yari afise umugera wa Sida, yari yarabwiwe ko atohirahira ngo yonse umwana. Ariko adafise icemeza ko akurikiza umugambi wo kugenzura imvyaro - na cane cane gupfungwa kuvyara - ntiyashoboye guhabwa amata y'ifu ku buntu.
''Sinagira ic'epfo ica ruguru. Umugabo wanje yari yantaye. Hari hageze kuriha amafaranga y'inzu. Nari kubigira gute?''
Faraja yabwiye Sentare y'Ikirenga ko yahavuye aja mu bitaro aho yapfunzwe kuvyara.
Yahawe urupapuro rwo gusinya, ariko avuga ko kubera atazi gusoma, atamenye ivyo yariko arasinya ivyo ari vyo. Nta n'umwe yamusiguriye ko yari yemeye gupfungwa kuvyara, kandi avuga ko ata bundi buryo bamuhitishijemwo bw'ingene yogenzura imvyaro.
Kuba abo bahinga b'ibijanye n'amagara y'abantu batigeze basigura ata guca irya n'ino ico abo bagore bari bameye, nico catumye batsinda urwo rubanza.
Uburengenzira ngenderwako
Sentere nkuru y'igihugu ya Kenya yaciye urubanza mu kwezi kwa Nyakanga (kw'icenda) ivuga ko gupfunga umuntu atavyemeye ari uguhonyanga uburenganzira bwiwe ngenderwako, harimwo uburenganzira bwo gushinga umuryango.
Impozamarira bazoronka izorihwa na Marie Stopes International ifatanije n'ibitaro vya Pumwani hamwe kandi n'ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, Médecins Sans Frontières (MSF), kuko ari bo batanze inama y'ukugenzura imvyaro.
Allan Maleche, umuyobozi nshingwabikorwa wa Kelin Kenya, ishirahamwe ry'uburengenzira bw'agendana umugera wa Sifa, ari naryo ryabahagarariye, avuga ko iyo ngingo ya sentare ikomeye cane ku bagore bagendana umugera wa Sida muri Afrika batewe igitsure kugira bipfungishe kuvyara.
''Mu gihe c'imyaka myinshi, abantu bitwaye muri Afrika y'Epfo, Namibia, bagira ingorane yo kudashira isano hagati yo gupfungwa kuvyara no kuba umuntu agendana umugera wa Sida. Akamaro k'uru rubanza n'uko rwemeje ko ivyo bitari vyo,'' niko yabwiye BBC.
Umuvugizi wa Marie Stopes yabwiye BBC kuri email ko urwo rubanza rwabaye amahano y'igihe kirekire kandi atoroshe ku bo rwari rwerekeye bose.
''Turashimye ko rugize ico rushikako inyuma y'imyaka hafi 10. Gufata ingingo ishingiye kuba uzi ico wemeye vyamye biri kumwe n'ivyo dukora vyose.
''Nk'ishirahamwe riri mu muryango w'uburenganzira bujanye no kurondoka, turatahura ivyo ugutumwa agatoki bihanga abagendana umugera wa Sida.
"Duzokomeza kwigisha bikomeye twongere tugenzure kugira ingingo ngenderwako z'ingene dukora zisungwe, kandi ntituzokwigera tudohoka ku buziranenge bw'ingene twitaho abatugana".
MSF France yemeza ko itigeze ikora kandi n'ubu idakora gupfunga abagore kuvyara mu bikorwa vyayo vo kwa muganga muri Kenya. Ivuga ko umurwayi ahisemwo kwipfungisha, uruhara rwayo ari ukumugira inama, kumumenyesha ibikenewe no kumurungika ku yandi mavuriro.
''Turemera igice c'uruhara rw'ukubazwa ivyashikiye abo bagore hanyuma tukibutsa, nk'ishirahamwe ry'ubuganga, inshingano zacu z'ugukorera umurwayi ibintu aba yemeye abizi,'' niko muganga Hajir Elyas, icegera c'umuyobozi mpuzabikorwa w'umugambi wa MSF muri Kenya, yabwiye BBC.
Ibitaro vy'abibaruka vya Pumwani vyo ntivyashimye kugira ico bibwiye BBC igihe yabibaza ico bivuga [kuri urwo rubanza].
Nta gitigiri nyaco kizwi c'abagore bagendana umugera wa Sida muri Kenya bapfunzwe kuvyara batagishijwe inama.
Ariko, amatohoza yo mu 2012 yakozwe n'ikigo African Gender and Media Initiative kikayita -Robbed of Choice [Kwimwa amahitamwo] yakoze ku bagore 40 bahatiwe kwipfungisha kuvyara. Kuri abo, batanu bonyene nibo bashoboye gushinsgiha imanza bafatiye kw'ibwirizwa shingiro.
Maleche avuga ko abagore bahisemwo gushingisha imanza zifatiye kw'ibwirizwa shingiro, aho gushingisha imanza z'ivyaha, kuko bene izo manza zigira ingaruka zikomeye cane.
''Urubanza rw'ivyaha nta kindi rukora atari kujana mu munyororo, kuriha ihadabu, nta kunguko rwogirira abagore ku bijanye n'impozamarira y'amafaranga,'' niko avuga.
Ariko abo bagore bavuga ko urubanza rwabo ruterekeye impozamarira gusa. Bavuga ko Sentare nkuru y'igihugu yemeje ubutungane barondera.
Umushingwamanza wabo, Nyokabi Njogu, aravyemera: ''Wotanga gute impozamarira ku caha ingaruka zaco ziguma zigenda ziyongera?
''Bashaka gusa ko vyemerwa ko ivyo bintu vyabaye. Ntibashaka ko abagore bababaye nka bo baguma muri ako kababaro.''