Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya Ruguru yakororeye ibipulizo vy’imyanda kuri Korea y’Epfo
- Umwanditsi, Kelly Ng
- Igikorwa, BBC News
Korea ya Ruguru yakororeye ibipulizo 150 vyuzuye ibipapuro vya poropaganda n’imyanda muri Korea y’Epfo, abategetsi bakaba basaba abanyagihugu kutava mu mazu.
Igisirikare ca Korea y’Epfo kigabisha kandi abanyagihugu kwirinda gukorakora ibi bipulizo vyera n’amasashe abiboheyeko kubera bitekeye “imyanda n’ibindi bicafu bibi”.
Ibi bipulizo vyatowe mu ntara umunani kuri cenda muri Korea y’Epfo ubu bikaba biriko birihwezwa n’abategetsi.
Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo vyompi birakoresha ibipulizo bitwaye ubutumwa bwa poropaganda zavyo kuva ku ntambara ya Korea mu myaka ya 1950.
Ibi bibaye inyuma y’imisi mike Korea ya Ruguru ivuze ko yari kwihora ku “bipapuro n’ibindi bicafu bikunze gusanzazwa” mu turere turi ku rubibe bikorwa n’abo muri Korea y’Epfo.
Ku wa Mungu, icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Korea ya Ruguru, Kim Kang Il, yavuze ati: "Vuba tuzonyanyagiza ibirundo vy’ibipapuro n’imyanda ku turere two ku rubibe no hagati muri ROK [Repubulika ya Korea], gutyo izoheza yumve uburemere bwo kubikuraho”.
Repubulika ya Korea canke ROK ni ryo zina rizwi rya Korea y’Epfo, mu gihe Korea ya Ruguru nayo izwi kw’izina rya DPRK, impfunyapfunyo y’icongereza ya Democratic People's Republic of Korea, twogereranya na Repubulika ya Demokarasi ya Korea.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kabiri, abanyagihugu baba mu buraruko bw’umugwa mukuru wa Korea y'Epfo Seoul no mu ntara ziri ku rubibe baronse ubutumwa ku materefone buvuye ku bategetsi b’intara bubasaba “kwirinda ibikorwa vyo hanze y’amazu”.
Basabwa kandi kwitura ikigo c’igisirikare canke c’igipolisi kiri hafi mu gihe bobona “ikintu giteye amakenga”.
Amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana amasashe abohesheje imigozi ku bipulizo bibonerana bitekeyemwo ibipapuro vyo kwihanagura mu kazu ka surwumwe, ivyondo vyirabura, amabeteri n’ibindi.
Abapolisi n’abasirikare baraboneka muri ano masanamu amw’amwe.
Itororokanirizo ry’amakuru Yonhap ryo muri Korea y’Epfo ryandika ko “bimwe muri ibi bipulizo vyakorotse vyarimwo ibisa n’amazirantoke ufatiye ku kungene vyasa n’umunuko wavyo”.
Igisirikare ca Korea y’Epfo kiriyamiriza iki gikorwa kivuga ko ari “ihonyangwa ryeruye ry’amategeko mpuzamakungu”.
Kivuga kiti: "Ibi birahungabanya bikomeye umutekano w’abanyagihugu bacu. Korea ya Ruguru ni yo yo nyene ibazwa ivyabaye kubera ibi bipulizo kandi turagabisha dushimitse Korea ya Ruguru guhagarika vuba bwango iki gikorwa c’ubugome n’ubujuju”.
Hejuru y’ibikorwa vya poropagande vyo kurwanya Korea ya Ruguru, abanyagihugu bo muri Korea y’Epfo barungika ibipulizo bitekeyemwo nk’amafaranga, ibipapuro vy’ibinyamakuru bibujijwe, eka mbere n’ibisugiti bizwi nka Choco Pies, bikunzwe cane muri Korea y’Epfo ariko bibujijwe mu ya Ruguru.
Mu ntango z’uku kwezi, umuhari wo muri Korea y’Epfo uvuga ko warungitse ibipulizo 20 vyarimwo ibipapuro bisibanganya Korea ya Ruguru ama-flash disk arimwo umuziki wa Korea wo mu mudiho wa pop n’amavidewo y’umuziki.
Muri Kigarama (12) 2020, inama nshingamateka ya Korea y’Epfo yaremeje itegeko rihana gukwiragiza ibipapuro bityoza igihugu, ariko abayinegura berekana amakenga yabo ku bijanye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro n’agateka ka zina muntu.
Korea ya Ruguru kandi irarungika ibipulizo birwanya abategetsi ba Korea y’Epfo. Muri bimwe yarungitse mu 2016, bivugwa ko vyarimwo ibipapuro vyo kwihanaguza mu kazu ka surwumwe, ibisigarira vy’isigareti (cigarette) n’imyanda.
Igipolisi ca Korea y’Epfo catangaje ko vyari “ibintu birimwo ubumara bibangamira amagara y’abantu”.