Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki Uburusiya budafasha Iran kugwana na Israel? N'uko budashaka canke nta vyo bushoboye?
- Umwanditsi, Ksenia Gogitidze
Intambara nshasha mu karere ko mu buseruko bwo hagati ishobora guhindura ikarata y'akarere katarangwamwo umutekano kw'isi, aho Uburusiya bwahora ari bwo butungwa urutoke igihe kirekire. Igihagararo c'Uburusiya kiza caramaze kugabanuka kuva prezida Bashar al-Assad atembajwe ku butegetsi muri Syria hamwe no kubera intambara ya Ukraine.
Rero mu gihe intambara ya Israel na Iran yotuma ubutegetsi bw'igihugu Vladimir Putin yise "igihugu kigenzi" c'Uburusiya mu mezi atandatu aheze butembagara, iki gihugu kizoba kigeramiwe no gutakaza ikindi cizere.
Ubu nta kimenyetso kihari ko iyi ntambara igiye kurangira, kandi hari n'ubwoba ko na Amerika igihe kuyinjiramwo, ibishobora guhindura isura vy'iyi ntambara y'akarere bigatuma iba mpuzamakungu irimwo abasirikare bafise ubushobozi buhanitse kw'isi.
Muri ico gihe nyene, Uburusiya burashima ingingo yo kuganira ku buryo butihuta gutanga imfashanyo ya gisirikare kuri ico gihugu bafitaniye imigenderanire kandi kibanyi ku ruhande rw'ikiyaga ca Caspien.
Kubera iki?
Ubwa mbere, abahinga bavuga ko ari kubera Putin atabisha, ubwa kabiri kubera atavyo ashoboye.
Uburusiya bumaze kugira uruhara mu ntambara zo mu burasirazuba bwo hagati rimwe gusa, mu gihugu ca Syria. Ahandi bwagiye bushigikira ibiganiro no kutagira aho bwegamiye, kandi birashoboka cane ko n'ubu bwofata iyo nzira. Uburusiya buvuga ko bwoja mu kibanza co kumvikanisha, bukavuga bushimitse ko ari co gihugu co nyene ca rutura impande zose ziri kugwana muri ako karere zemera kuvugana na co.
Ariko hari amakenga k'ucizere c'Uburusiya nk'igihugu gishobora gufasha. Fabrice Balanche, umuhinga ku bibazo vyo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati i Washington, yabwiye BBC ati:"Mu mezi atandatu aheze, Uburusiya ntibwaje gutabara ubutegetsi bwa Bashar al-Assad buriko buratembagazwa. Ni nk'uko n'ubu butabona impamvu yotuma bufasha ubutegetsi bwa Iran ubu bumerewe nabi."
Yongerako ati:"Ikirenze kuri ivyo, Uburusiya ntibwipfuza ko haba ibindi bigwanisho bishasha vya nikreyere."
Uburusiya ntibwihutira kwonona umubano busanzwe bufitaniye n'ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu canke kwonona umubano wabwo na Israel. Abategetsi b'Uburusiya baza baramaze gutangura kwiga ku nkurikizi z'isenyuka ry'ubutegetsi bwa Iran, baniga n'ingene bazokorana n'ubutegetsi bushasha mu gihe Ayatullah yokurwa ku butegetsi.
Akazi ko guhagararira canke kuba umuhuza ubu Putin aragakwiye. Intambara yatumye igiciro c'igitoro ciyongera, ari co kintu ca mbere Uburusiya bushora hanze.
Hanyuma kandi, nk'uko bivugwa na Hannah Note, umuhinga mu kigo ca James Martin Center for Nonproliferation Studies gitanga ivyigwa vyo kubuza igwirirana ry'ibigwanisho vya nikreyere, intambara mu karere karimwo ahahingurirwa ibigwanisho vya nikreyere yatumye amakungu n'ibimenyeshamakuru bisa nivyibagiye intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine.
"Putin ashaka kwiyereka abanya Amerika nk'umuhuza, n'uwushobora kwumvirwa ku bibazo mpuzamakungu, no kuganira ku kintu ico ari co cose kiretse ikibazo ca Ukraine", nk'uko yabibwiye BBC. Ariko Donald Trump gushika ubu yagiye yanka ivyo amubarira. "Yarasavye ko yoba umuhuza", uko ni ko yavuze ku wa Gatatu. "Namubariye: Ndagusavye ubanze uheze ibibazo vyawe. Torera inyishu ibibazo biri hagati y'Uburusiya na Ukraine, hanyuma ni ho nkeka ushobora kuza kwitaho iki kibazo c'intambara hagati ya Iran na Israel."
Uburusiya bufise uburyo buke bwo kwerekana igihagararo cabwo
Muri ico gihe nyene, Uburusiya bufise vyinshi vyo gutakaza. Gutakaza Iran kizoba ari igihombo gikomeye ku Burusiya muri ako karere, kandi bizosubiza inyuma igihagararo c'ico gihugu mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati. Ariko uko intambara ibandanya, haracari akaryo ko kugira ico bakoze: mu gihe ubusabe bw'Uburusiya bwo kuba umuhuza bwokwemerwa, Putin ashobora kwiyerekana nk'umuntu akunda amahoro, n'aho ari mu ntambara n'igihugu ca Ukraine.
"Mu gihe Uburusiya bwoshingwa amabanga y'ubuhuza, ntibizokwongereza gusa igihagararo nk'igihugu ca rutura kw'isi gifasha mu gutatura amatati, bizokuraho ukwiyubara intambara ibera muri Ukraine," nk'uko bivugwa na Anna Borshevskaya, umushakashatsi mu kigo ca Washington Institute for Near East Policy.
Ariko yaba Israel canke Iran, nta co ivyo bihugu biravuga ku vyerekeye amahoro, kandi ku mpande zose zibiri, inkuru nshasha zihari n'intambara y'urudaca. Uko ubuhuza bwa Putin bwokworoha, ntikuragaragara neza, kubera ko ibihugu vya Buraya vyaramenyesheje bitarya umunwa ko bidashobora gutumira prezida ateza intambara ku meza y'ibiganiro.
Hannah kandi aremeza ko Uburusiya ata nzira n'imwe bufise yotuma iyo ntambara irangira. Ico gihugu kizobandanya gutera akamo ko haba ibiganiro no gutorera inyishu ziciye mu mibonano ya kidiplomasi, ariko irangira ry'iyo ntambara ntirizova ku ngingo z'Uburusiya.
Uwo mushakashatsi agira ati:"Muvyo ukuri, Uburusiya ntibushobora kugena ryari, gute, biciye mu zihe nzira intambara hagati ya Iran na Israel ishobora guhererako."
Ubu ikarata zose z'iturufu ziri mu ntoke za Donald Trump. Mu gihe Uburusiya bubandanya kwisabira kuba umuhuza, Israel isaba prezida wa Amerika gufasha gutera Iran ata guca iruhande.