Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
‘Imigwi yose yitwaje ibigwanisho muri DRC itegerezwa kubishira hasi’ – ONU
Intumwa z’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi ziri mu rugendo mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, aho vyitezwe ko bazonagendera igisagara ca Goma mu ntara ya Kivu ya Ruguru, ahabera intambara hagati y’ingabo za reta n’umuhari M23.
Izo ntumwa ziramaze kubonana n’abategetsi batandukanye b’igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, harimwo umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka.
Uwuserukira Ubufaransa muri ONU ari nawe arongoye izo ntumwa, Nicholas de Riviere, avuga ko bazanywe no gufasha ico gihugu.
Yavuze kandi ko ari ngombwa ko imigwi yose yitwaje ibigwanisho iri muri ico gihugu ibishira hasi.
Nicholas de Riviere yagize ati: "Imigwi yose yitwaje ibigwanisho itegerezwa kuja mu mugambi w’amahoro na yo imigwi y’abanyamahanga canke ishigikiwe n’ibindi bihugu ikure meza kugira amahoro agaruke muri Congo."
Ubu butumwa busa n’ubutumbereye Urwanda ruguma rushirwa mu majwi hose ko rushigikiye abagwanyi ba M23, ivyagiriji rwamye ruhakana.
Izo ntumwa kandi zitegekanya kugendera igisagara ca Goma, umugwa mukuru w’intara ya Kivu ya ruguru aho intambara hagati y’abasirikare ba reta na M23 ikibica bigacika.
Urwo rugendo ruhuriranye n’urw'umuhuza w’akarere ka Afrika y’ubuseruko mu matati y’abanye Congo, uwahoze ari prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta aho yagiye kuvugana na prezida Felix Tshisekedi ivyerekeye amasezerano y’amahoro yashizweko umukono n’imigwi igwanira muri ico gihugu mu gisagara ca Nairobi.
M23 ntiyari yatumiwe muri ivyo biganiro.
Hagati aho, ihagarikwa ry’intambara ryategerezwa gutangura ku musi wa kabiri ariko intambara yaciye isubira kwaduka ku birometero 30 uvuye mu gisagara ca Goma.
Igisirikare ca Congo na M23 biguma vyagirizanya kutubahiriza ako gahengwe.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryatanguye gushira imfashanyo abayikeneye cane rikoresheje indege - mu gihe abandi bantu benshi bagenda bata izabo.
Iyo mfashanyo yari yatangajwe na prezida Emmanuel Macron, mu rugendo yaheruka kugira muri ico gihugu mu mpera z’indwi iheze.