Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero c'indege ca Israel cahitanye intwazangabo ya Irani muri Syria
- Umwanditsi, Na Ali Abbas Ahmadi
- Igikorwa, BBC News
Intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru wa Irani yishwe mu gitero c’indege cikekwa ko cakozwe na Israel muri Syria, nk’uko bitangazwa n’ibinyamakuru vya Irani.
Seyyed Razi Mousavi yari "umuhanuzi wa gisirikare w’ubuhinga bwinshi" mw’ishami rya gisirikare rya ki-Islam rya Irani, Islamic Revolutionary Guards Corps (IRGC), nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Irani Tasnim.
Rivuga ko yishwe mu gitero c’indege mu karere kazwi nka Sayyida Zeinab kari mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Damas/Damascus.
Israel imaze imyaka itari mike ikora ibitero vy’indege muri Syria, ku bibanza ivuga ko bifitaniye isano na Irani.
Ibi bitero vyarongereje umurindi kuva muri ano mezi aheze inyuma y’igitero ca Hamas kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10).
Ingabo za Irani ziri muri Syria kuva mu misi ya mbere y’intambara yo hagati muri Syria, aho zifasha intwaro ya Perezida Bashar al-Assad mu ntambara yiwe n’inyeshamba zirwanya ubutegetsi bwiwe.
Mousavi azwi ko yari icegera c’uwahoze arongoye IRGC, Qassem Soleimani, yagandaguwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu 2020.
Yari umwe mu bategetsi bo hejuru cane ba IRGC bakorera muri Syria, nk’uko Tasnim ibivuga, kandi yafasha mu guhuza umubano hagati ya Irani na Syria.
Iri shami rya gisirikare rya ki-Islam rya Irani rivuga ko Israel "izokwishura iki caha".
Igisirikare ca Israel ntaco kirashikiriza gushika ubu, na rirya kidakunze kuvuga ku bijanye n’ibitero gikora hanze y’imbibe z’igihugu.
Mu ntango z’uku kwezi, Irani yaragirije Israel ko yishe ingabo zibiri zo muri iri shami rya gisirikare rya ki-Islam muri Syria.