Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Ubuhinde buriteguriye gufasha mu gutora inyishu y'intambara iri hagati y'Uburusiya na Ukraine' - Modi
- Umwanditsi, Nick Beake
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Kyiv
- Umwanditsi, Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, London
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi Narendra Modi yagize urugendo rw'imbonekarimwe muri Ukraine, abwira prezida Volodymyr Zelensky ko yiteguriye kugira uruhara mu kugarukana amahoro.
Uwo mutegetsi w'Ubuhinde yari yanebaguwe na prezida Zelensky mu kwezi guheze igihe yagwana mu nda na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin mu rugendo i Moscou rwahuriranye n'ibitero vy'Uburusiya vyahitanye abantu benshi, harimwo umwe yaguye ku bitaro binini vy'abana biri i Kyiv.
Modi w'imyaka 73 avuga ko yabwiye Putin ko ingorane zidashobora gutorerwa inyishu ku rubuga rw'intambara.
Inyuma y'umubonano i Kyiv, yagize ati:"Impande zose zitegerezwa kwicarana hanyuma zifate inzira ishobora gutuma iyi ntambara irangira."
Modi yagiye ku mugwa mukuru wa Ukraine mw'igariyamoshi avuye mu gihugu ca Pologne, abaye umutegetsi wa mbere w'ikindi gihugu agendeye ico gihugu kuva ingabo zaco zinjiye kugwanira mu ntara ya Kursk mu Burusiya mu ntango z'ukwezi kwa Myandagaro (8), cigarurira akarere kangana na kirometero kwadarato 1.250, nk'uko bivugwa n'igipolisi.
Mu ndwi zitandatu ziheze, prezida Zelensky yari yavuze ko "ababajwe" no kubona Modi agwa mu nda n'igishika cinshi uwo mutegetsi w'Uburusiya.
Ku musi wa gatanu uwo mutegetsi wa Ukraine ni we yari aramukiwe ko Modi amugwa mu nda - n'aho vyagaragara ko ata gishika carimwo. Zelensky agaragara yivyiringira mu maso, ariko nkeka kwari n'ukubera izuba.
Banamwenyura gake.
Abantu barenga 40 bariciwe mu bitero vy'Uburusiya ku musi Modi yagendera Moscou. Ibitaro vy'abana vya Okhmatdyt biri i Kyiv vyatumberejweko igitero.
Vyabaye ibintu bihuriranye kubona ikibanza ca mbere Modi yajanywemwo ku musi wa gatanu ari inyubakwa ya Ukraine yerekana akahise aho yasabwe kuraba ivyibutso vy'abana 570 b'abanye Ukraine bamaze kwicwa n'Uburusiya kuva ico gihugu kivogereye Ukraine mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) 2022.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhinde yavuze ko umutima wiwe wuzuye agahinda kubera abana babandanya kuzira iyo ntambara.
Hari aho yigeze gushira ukuboko kwiwe ku bitugu vya prezida wa Ukraine - ifoto yashizwe ku rubuga rwa Modi n'ubutumwa buvuga ko umutima wiwe uri kumwe n'imiryango y'abo bana bapfuye.
Mu nyuma yasavye ko yofasha mu biganiro vy'amahoro, aho Modi yavuze ko ibiganiro vyonyene ari vyo bishobora kurangiza iyo ntambara.