America Party: Umugambwe mushasha ushinzwe na Elon Musk muri Amerika

Elon Musk

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Sean Seddon & Stuart Lau
    • Igikorwa, BBC News

Elon Musk avuga ko atanguje umugambwe mushasha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y'amayinga makeya acanyemwo na Perezida Donald Trump.

Uno mutunzi ruhebwa yatangaje ku rubuga hwaniro rwiwe rwa X ko yatanguje umugambwe America Party, avuga ko uje guhangana n'imigambwe ibiri yiganziye poritike ya Amerika, uw'Abarepubukikani n'uw'Abademokarate.

Ariko, ntibizwi nimba uno mugambwe umaze kwemerwa n'abajejwe amatora muri Amerika. Musk, Umunyamerika yavukiye hanze ya Amerika kuri ivyo akaba adashobora kwitoza ngo arongore igihugu, ntavuga uwuzorongora umugambwe wiwe.

Yatanguye kuvuga ko ashobora gushinga umugambwe igihe yatangura kutabona ibintu kumwe na Trump ku mugaragaro, ivyamuviriyemwo gutakaza amabanga yiwe mu ntwaro hanyuma agatangura guterana amajambo n'uyo yahoze ari pfa mpfe.

Muri ico gihe bacanamwo, Musk yashize ikibazo kuri X abaza nimba bikwiye ko haba uwundi mugambwe muri Amerika.

Mu butumwa bwiwe yanditse ku wa gatandatu, Musk ashingiye ku nyishu zatanzwe n'abishuye akagira ati: "Abantu babiri kuri umwe murifuza umugambwe mushasha, kandi muzowuronka!

"Iyo ari ugusenyura igihugu cacu mu gusesagura n'igiturire, tuba mu mugambwe umwe, ntituba turi muri demokarasi.

"Uno musi, umugambwe America Party uratangujwe kugira ngo ubasubize ubwigenge".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Gushika ejo ku wa gatandatu, umurwi w'igihugu ujejwe amatora, Federal Electoral Commission, ntiwari bwashire ahabona inkaratasi zerekana ko uno mugambwe wari wamaze kwemererwa.

Nubwo hari abanyaporitike bakomeye hanze y'imigambwe ibiri isanzwe yiganziye poritike ya Amerika kuva kera, ntivyoroshe kuri bo kwamamara mu gihugu cose ku buryo botera ubwoba.

Mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mwaka uheze, hari abagerageje kwitoza kw'izina ry'imigambwe Libertarian Party, Green Party hamwe na People's Party ariko nta ntambwe na ntoya bateye mu kuzibira Trump canke umukeba wiwe w'Umudemokarate, Kamala Harris.

Gushika mu misi iheze, Musk yari umunywanyi akomeye cane wa Trump, aho yaboneka atamba ari kumwe na we mu gihe c'imyiyamamazo yo mu mwaka uheze, mbere akaba yaranazanye umwana wiwe w'umuhungu w'imyaka ine kuramutsa Trump muri Maison Blanche.

Ni nawe kandi yahaye amafaranga menshi Trump mu myiyamamazo yiwe: Musk yakoresheje imiriyoni 259 z'amadorari y'Abanyamerika mu kumufasha kugaruka ku butegetsi.

Inyuma y'amatora, yagenywe ngo arongore icari kizwi nka DOGE (Department of Government Efficiency), aho yahawe amabanga yo kurondera ibisata bikwiye kugabanirizwa amafaranga ya reta bikoresha.

Yatanguye gucanamwo na Trump igihe yava mu ntwaro mu kwa gatanu aca atangura kunegura ku mugaragaro integuro za Trump zijanye n'amakori hamwe n'amafaranga reta yiwe izokoresha.

Muri ino ndwi, iyi nteguro Trump yise "integuro nini, nziza" yaremejwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka aca ariterako igikumu kugira ngo ribe itegeko.

Ikintu gihambaye cane kuri Musk afise uruganda rukomeye rw'imodoka zikoresha umuyagankuba Tesla, itegeko rya Trump ntiriha ikibanza ugukingira ibidukikije canke ngo ritange akarusho ku bicuruzwa nk'ivya Tesla.

"Elon ashobora kuba aronka akarusho kanini cane gusumba umuntu uwo ari we wese kuva muri kahise, gushika ubu", niko Trump yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe, Truth Social,muri ino ndwi. "Mu gihe atoronka aka karusho, Elon ashobora kumbure kwugara iduka ryiwe hanyuma agasubira mu gihugu ciwe c'amavukiro Afrika y'Epfo".

Trump agabisha ko Doge ishobora gusubiramwo imfashanyo ihabwa amakompanyi ya Musk, anatunga urutoke no ku bindi bikorwa vy'uno mutunzi ruhebwa.

Musk afise kandi SpaceX, ikompanyi irungika ibigendajuru mu kirere kw'izina rya reta ya Amerika, hamwe kandi na Starlink ifasha mw'itumatumanako hakoreshejwe ibigendajuru ku ngabo za Amerika n'iza Bulaya.