Abagenywe muri reta ya Trump bagirizwa kwitwara nabi

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News, Washington

Benshi mu bagenywe kuzoja muri reta ya prezida Donald Trump bariko barihwezwa neza, harimwo gukekwa ko bitwara nabi.

Uwo yatoye kumubera umushikiranganji wo kwivuna abansi Pete Hegseth arahakana ibimuvugwako bijanye n'icaha co guhohotera bifatiye ku gitsina, hanyuma uwushobora kuba umushikirizamanza mukuru na we Matt Gaetz ariko agirwako amatohoza ku nyifato mbi.

Uwo Trump yagenye kuba umushikiranganji w'amagara y'abantu, Robert Kennedy Jr, ariko aranebagurwa cane ku makenga afise ku ncanco.

Trump azokenera ko inama nkenguzamateka yemeza ayo mazina igihe azoba atanguye ikiringo ciwe mu kwezi kwa mbere, ariko n'aho higanjemwo abo mu mugambwe wiwe, abo yagenye bazohatwa ibibazo bikomeye igihe bazoba bariko barabazwa.

Ku musi wa gatanu, igipolisi cavuze ko Hegseth, yagenywe kurongora ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, yagizweko amatohoza ajanye n'ihohotera rifatiye ku gitsina i California mu 2017.

Hegseth, umumenyeshamakuru kuri Fox News, akaba n'uwahoze ari umusirikare yagwanye intambara muri Afghanistan na Irak, ntiyigeze ahagarikwa kandi arahakana ivyo yagirizwa.

Umuvugizi wa Trump Steven Cheung agira ati:"Hegseth yarahakanye yivuye inyuma ivyo vyose bimuvugwako, kandi nta n'umwe yigeze amwitwarira."

Hagati aho CBS ikorana na BBC muri Amerika ivuga ko Hegseth yigeze gufatwa nk'uwushobora kugeramira bagenzi biwe b'abasirikare bibaza ko afise ikimenyetso [tattoo] cerekana ko abazungu bari hejuru y'ubundi bwoko.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hegseth arahakana ko ata migenderanire n'imwe afitaniye n'imigwi y'intagondwa.

Uwo yahoze mu gisirikare ca Minnesota, afise ikimenyetso ku kuboko canditseko "Deus Vult", ijambo ryo mu kiratini risigura "Imana ibishatse".

Uwahoze ari igisongerezi c'intwazangabo Sgt DeRicko Gaither yabwiye CBS ati:"Naragize amatohoza nsanga ico kimenyetso gifitaniye isano n'imigwi y'intagondwa." Yaramenyesheje uburongozi ivyerekeye ico kimenyetso.

Uwatorewe kuba icegera ca prezida wa Amerika JD Vance yihutiye kuvuganira Hegseth, avuga ko iryo jambo ry'ikiratini ata kindi risigura atari icivugo gikristu gusa. Yagirije itororokanirizo ry'amakuru Associated Press (AP), ryanditse ubwa mbere iyo nkuru y'ico kimenyetso, "kugwanya abakristu ku rugero ruteye isoni."

Hegseth yarankiwe gukora nk'umusirikare i Washington DC igihe prezida Joe Biden yariko arashikirizwa ubutegetsi mu 2021. Mu gitabo casohotse mu ntango z'uyu mwaka, avuga ko yankiwe kurangura ako kazi kubera ivyo bimenyetso vyo ku kuboko.

Hagati aho, uwagenywe na Trump kuba umushikirizamanza mukuru, Matt Gaetz, ariko aragwana n'ibimuvugwako vyo kwitwara nabi igihe yari umushingamateka.

Yatanze imihoho mu nama nshingamateka nk'uwuserukira intara ya Florida ku muri wa kane inyuma y'amasaha make Trump amugenye mu bushikiranganji bw'ubutungane.

Iryo tanga ry'imihoho ryahagaritse isohorwa ry'icegeranyo ku myitwarire yiwe mibi ijanye n'igitsina, gukoresha ibiyayuramutwe no gukoresha nabi amahera y'imyiyamamazo.

Urutonde rw'abo Trump yacaguye baja muri reta yiwe:: Marco Rubio ; Pete Hegseth ; Matt Gaetz ; Doug Burgum ; Robert F Kennedy Jr ; Doug Collins ; Kristi Noem

Umukuru w'inama nshingamateka Mike Johnson, umu Republicain, yasavye ku musi wa gatanu ko ico cegeranyo kiguma mw'ibanga kubera Gaetz atakiri muri ayo mabanga - no mu gihe hari abagisaba kugira cifashishwe mu kumuhata ibibazo ku mabanga mashasha yo kuba umushikirizamanza mukuru kizigenza.

Inyuma y'amasaha make, umushingwamanza w'abagore babiri batanze ubuhamya imbere y'akanama kajejwe inyifato ibereye mu nama nshingamateka yateye akamo abashingamateka gushira ahabona icegeranyo c'ako kanama.

Uwo munyamategeko, Joe Leppard, yabwiye CBS ko umwe mubo aburanira yiboneye Gaetz ariko arahuza igitsina n'umwana w'umukobwa atarakwiza imyaka muri Florida mu 2017. Leppard ahamagarira abashingamateka gushira ahabona icegeranyo c'akanama kajejwe inyifato ibereye.

Ariko mu mwaka uheze, igisata c'ubutungane caragize amatohoza kuri ivyo birego, nticagira ico cagiriza Gaetz.

Imbere y'aho yarahakanye ibivugwa ko yahuje igitsina n'umwana w'imyaka 17 igihe we yari akuze mu birori vyariko bibera i Orlando.

Uwo mushingamateka w'imyaka 42, ku wa gatanu yanditse kuri X ko "ibinyoma biriko bikoreshwa nk'ikigwanisho co kugerageza kuncafuza."

Robert F Kennedy Jr, yagenyewe na prezida Trump kurongora ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'imibereho myiza, na we hagati aho, ahanganye n'ibivugwa ko afise amakenga ku ncanco.

Imigabane y’amashirahamwe akora incanco n’ay’ubuvuzi kw’isi yose yaragabanutse cane ku wa gatanu, mu gihe ba nyene amahera berekana ubwoba ku bijanye no gutorwa kw’umunyapolitike yarahiriye guhangana na “Big Pharma”.

Umukuru w'ishirahamwe ry'amagara y'abantu muri Amerika, rifise abarigize bakomeye bakora umwuga w'ubuvuzi bashika 25.000, yabwiye BBC ko ukunegura kwa Kennedy ibijanye no gukingira abantu bimaze "kwonona ibintu vyinshi muvyo amagara y'abantu mu gihugu".

George C Benjamin yongeyeko ko Kennedy ari "umuntu adakwiye ico kibanza".

Trump ubwiwe nta co gushika ubu aravuga adaciye ku ruhande ku bijanye no kunegura abo yagenye.

Uwo mukuru w’igihugu yatowe aracariko ararondera abakozi bo mu butegetsi bwiwe bwimirije, mu gihe ibibanza nk'ivyo umuyobozi wa FBI n’umushikiranganji w'ikigega ca reta bitararonka ababijamwo.