Nabonye umukinyi yaka umuriro yiruka aza iyo ndi, uko umubanyi yabwiye BBC

- Umwanditsi, Celestine Karoney
- Igikorwa, BBC, amakuru y'inkino muri Afrika
Muragaba: iyi nkuru iravuga ido n'ido ry'uko ibintu vyagenze hari abo bishobora guhungabanya
"Nari mu nzu hanyuma numva abantu bakoma induru ngo 'umuriro','' Agnes Barabara, umubanyi wa Rebeecca, avyibuka ariko ararira.
"Nsohotse, nabonye Rebecca ariko ariruka atumbera inzu yanje ariko araka umuriro, akoma induru ati: mfasha.''
Cheptegei yapfuye ku wa kane ahitanywe n'ubushe yagize igihe umugabo bahora bakundana yamusukako ibitoro hanyuma akamuturira aho yari imuhira n'abakobwa biwe babiri.
''Mu gihe ngiye kurondera amazi nongera mpamagara abandi ngo baze kumfasha, uwo mugabo yaciye aza kandi amusukako ibindi bitoro,'' niko Barabara abandanya avuga.
''Ariko nawe mu nyuma yarafashwe n'umuriro aca ariruka aja mu rugo kugerageza kuwuzimya. Duca tuja gufasha Rebecca.''
Barabara avuga ko atari bwigere abona umuntu ariko ''arasha abona'', avuga ko yamaze iminsi adashobora kurya inyuma y'iryo bara.

Ahavuye isanamu, Alamy
''Yari umubanyi mwiza cane kandi ubu vuba yaheruka kumpa ku bigori yari yimbuye,'' niko uwo mubanyi wiwe avuga.
Igiporisi gifata urupfu rwiwe nk'igandagurwa, umugabo bahora bakundana akaba ariwe afatwa nk'uwa mbere akekwako icaha.
Abajejwe intwaro muri ako karere bavuga ko abo bantu babiri bari bagize igihe bapfa ikibanza gitoya co kwubakamwo Cheptegei yabamwo, amatati akaba yari arindiriye gutorerwa inyishu.
Azoca ashengezwa imbere ya sentare niyo yamara kuva mu bitaro, aho abandanya kuvurwa ubushe yagize uwo munsi ivyo biba.
''Twaruguruye dosiye, amatohoza ageze kure,'' bivugwa n'uwujejwe amatohoza y'ivyaha muri ako karere Kennedy Apindi.

Nyina wa Rebecca, Agnes, avuga ko umukobwa wiwe ''yama ari umuntu yubaha nk'umwana, w'umutima mwiza kandi yama aryohewe mu buzima bwiwe''.
Emmanual Kimutai, umugenzi akaba n'umubanyi yiganye na Rebecca, avuga ko yari umuntu ''w'ishaka ryinshi''.
''No mu mashure y'intango, yaza imbere mu nkino, yari umuhizi wacu,'' niko Kimutai avuga.
Uwo mukinyi wa Olempike yavukiye ku ruhande rwa Kenya rw'urubibe bihana na Uganda, ariko ahitamwo kujabuka guserukira Uganda mu kubandanya indoto ziwe zo kwiruka aho aboneye ko muri Kenya ataho yariko arashika.
Amaze gutangura kwiruka, yaciye yinjira mu ngabo za Uganda (Uganda People’s Defence Forces) mu 2008 aho yaduze gushika kw'ipete rya sereja.
Mu mahiganwa yitavye harimwo inkino za Olempike z'i Paris uyu mwaka. Naho yabaye uwa 44, abantu iwabo bamwita ''umuhizi''.
Yaba i Chepkum, ikigwati co muri Kenya ku birometero nka 25 uvuye ku rubibe na Uganda, mu karere k'abirimizi aho igikorwa nyamukuru c'ubutunzi kwari ukurima no kworora.
Ni ibisanzwe kubona inka, impene n'intama ziriko zirarisha hanze y'amazu.
Intara yose ni Trans-Nzoia izwi muri Kenya mu kwimbura ibigori cane, ikiribwa nyamukuru mu gihugu.
Kw'isoko rya kijambere hafi y'aho yaba bavugana urukundo rwinshi uwo mugore bahora baramutsa rimwe na rimwe ariko ariruka yimenyereza mw'ibarabara igice cose ataba ari mu mahiganwa canke kwimenyereza muri Uganda.
Umutima mwiza n'ukwicisha bugufi ni yo amajambo yagarutse kenshi mu kanwa k'abantu bo ngaho.

Mu gihe yashimagizwa nk'umunonotsi, mu buzima bwite bwiwe ho ntiyari atekanye. Umwe mu bo biganye avuga ko ''atari afise amahoro'' kubera amatati n'umugabo bahora bakundana yatanguye mu mwaka uheze.
''Bahora babana ariko batangura kudacana uwaka mu mwaka uheze kubera amafaranga,'' nk'uko bivugwa na musazawe Jacob. ''Yabajije mushikanje ngo: ukoza iki amafaranga yose uronka?''
Igiporisi kivuga ko abo babiri bari bamaze kuja kwitwara ku matati yo mu rugo, ariko mu nyuma bakabiheba.
Mu gihe umuryango wa Cheptegei urindiriye ubutungane, barabandanya gutegura ishingurwa ryiwe. Azoshingurwa ku wa 14 Nyakanga (9) ahavuka ba se na ba sekuru i Bukwo muri Uganda.
Uwo munya-Uganda abaye umunonotsi wa gatatu yiciwe muri Kenya muri iyi myaka itatu iheze, aho abo basangira vyose ari bo badomwako urutoke nk'aba mbere bakekwa kubikora.
Ishirahamwe rigwanya amabi ashingiye ku gustina akorerwa abanonotsi , Tirop's Angels, rivuga ko ivyo bitegerezwa kurangira.
''Ikababaje kurusha vyose ni uko abana biwe babonye ingene nyina wabo yaturiwe,'' bivugwa na Joan Chelino, ari mu bashinze Tirop's Angels, amasozi ahakwa gukoroka.
''Ubu bukozi bw'ikibi ku banonotsi butegerezwa guhagarara,''













