Rebecca Cheptegei: bimwe bimaze kumenyekana kw'iyicwa ryiwe
Rebecca Cheptegei: bimwe bimaze kumenyekana kw'iyicwa ryiwe
Dickson Ndiema, amatohoza yashimikako nk'uwishe Rebecca, yapfiriye [10-09-2024] mu bitaro, aho nawe yavūgwa ubushe.
Rebecca Cheptegei yishwe aturiwe, afise imyaka 33, yaturuka muri Uganda, akaba yari yashitse mu mahiganwa ya 2024Olympics, y’i Paris, ashika mu kibanza ca 44.
Umuryango wiwe uvuga ko wari waratabaje intwaro na “Police” uko yakubagurwa, ukabagiriza ko batatabaye.
Umwe mu bategetsi yanditse ko Rebecca Cheptegei na Dickson Ndiema bigeze gukundana bari mu matati y’itongo.
Abagore bicwa muri Africa y’ubuseruko, bigeze k’urugero ruteye amakenga.

Ahavuye isanamu, Alamy



