Ikivuko ca Rumonge: Ingaruka z'intambara ya Congo... iduga ry'amazi ya Tanganyika

- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Burundi
"Muri iyi misi urudandazwa rwifashe nabi cane. Twahora turonka abakiriya baturuka za Bukavu na Goma baje gutora nk'inzoga bajana za Masisi na za Maniema. Ariko ubu abo bose ntibakiza."
Ivyo bivugwa na Balenga Lukendeza yamuka mu karere ka Baraka muri repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Yongerako ati:"Ntibakironka aho baca kubera umutekano muke urangwayo".
Uyu mudandaza asanzwe akorera hagati y'Uburundi na Republika ya Demokrasi ya Congo, BBC Gahuza yamusanze ku kivuko ca Rumonge ariko arapakurura ibidandazwa.
We na bagenzi we vyaraboneka ko batanezerewe. Bavuga ko bariko bakora bahomba kubera imvururu zirangwa mu gihugu cabo.
Agira ati:"Intambara zitaraduka, mu ndwi imwe gusa umuntu yaba yahejeje kugurisha ivyo yaranguye vyose. Ariko ubu ukwezi kurahera bitararonka abakiriya".
Aha ku kivuko ca Rumonge n'igihe c'isaha zibiri n'igice z'igitondo. Ikirere ntigisa neza.
Urabisha amaso wogira ibintu vyifashe neza aho ku kivuko.
Safari aturuka i Fizi avuga ko ibintu bimeze nabi cane kubera intambara ihuza igisirakare ca reta ya Kongo n'umuhari M23.
« Uko ivy'intambara vyifashe, inzira nyinshi zo mu mitumba ntizikirengana. Abakiriya bacu bahora bavayo ntibagisokoroka", ni ko Safari yabwiye BBC Gahuza.
Abandanya asigura ko muri iki gihe bugarijwe n'ubukene bw'amafaranga y'agaciro kandi muri Congo yahora akunda kuboneka cane.
"No ku ruhande rwa Uvira ni uko nyene. Uruhombo rwa mbere tugira, ibidandazwa ntibisohoka. Ica kabiri, ama dolari ntakiboneka na bukebuke », n'uko abandanya avuga.
Haraciye amezi intambara zibica bigacika mu buseruko bwa repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Umuhari M23 uhanganye n'igisirikare c'ico gihugu wagiye wigarurira uturere tutari duke muri Kivu ya ruguru na Kivu y'epfo, uturere duhana urubibe n'Uburundi.
Vyatumye haba umurindi munini w'abanye Congo bagiye bahungira mu Burundi. Kuva mu kwezi kwa kabiri uwu mwaka, hakaba hamaze kwakirwa impunzi zirenga 70.000.
Rumonge ni imwe mu ntara bashikiramwo kubera na yo nyene isanzwe iri ku rubibe.
Umuzo w'izo mpunzi warahungabanije amato yahora azana ibidandazwa ku kivuko ca Rumonge.
Agrippine Nduwimana arongoye ico kivuko yabwiye BBC Gahuzamiryango ko vyagize ingaruka ku mirimo yaco.
Agira ati:"Amato ntiyarakiza ku murindi yahora azako. Abantu benshi bariko baravayo basa n'abahunga. N'abarundi bahora bakorera imirimo hariya [muri Congo] bavuga bati ntitworwitega bagaca bavayo ari benshi.
"Muri iyo misi rero, mu kwezi kwa kabiri cane cane, vyaribonekeje ko umurindi w'abaza gutora ibidandazwa cane cane abakongomani wagabanutse. N'amato yaragabanutse"
Uwo mutegetsi avuga ariko ko muri iyi misi ari mitende.
Ati:"Ubu turumva ko ibintu biriko biragenda neza. Turabona ko umurindi wasubiriye kuza kwa kundi vyahora nka kera".

Ingaruka z'iduga ry'amazi ya Tanganyika
Hambavu y'ingaruka z'intambara iriko ibera mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, ikivuko ca Rumonge kirageramiwe n'ihindagurika ry'ibihe
Zimwe mu nyubakwa zashikiramwo ibidandazwa, izakoreramwo abajejwe gusuzuma amagara y'abinjira n'abasohoka, canke iz'abegeranya amakori n'amatagisi zarahitanywe n'amazi.
Uhashitse ubona uruja n'uruza rw'abakozi bariko baca mu mazi abagera ku mavi canke haruguru y'amavi baja gupakurura ubwato.
Ahahoze isi yumye, ubu ntawukihamenya.
Utereje amaso hirya, ubona inyubakwa zabomaguritse, ibisigarira vy'impome bihagaze muri Tanganyika.
Agrippine Nduwimana arongoye ikivuko ca Rumonge avuga ko aho bahora babika ibidandazwa bije biva muri Congo no muri Tanzaniya canke ibiva mu Burundi bigira bijabuke harengewe n'amazi.
Ati:"Murabona ko n'inyubakwa zimwe zimwe no gusambuka zasambutse.
"Twaranahahombeye kuko hariho stock[ububiko] yarimwo inzoga izi za BRARUDI zijabuka muri Congo twavyutse dusanga amakaziye amwe yamaze gutwarwa n'amazi".
Abadandaza bakorera kuri iki kivuko bavuga ko iyi ngorane y'iduga ry'amazi yashitse no ku bivuko vyo muri Congo.
Bemeza ko yatumye ibikorwa vyo gupakira no gupakurura bizimba.
Iduga ry'amazi y'ikiyaga Tanganyika rigeramiye kandi amahoteri, ubunywero n'imihana biri ku nkengera.
Imwe muri karitiye zigeramiwe cane ni Kanyenkoko. Abanyagihugu bidoga ko inzego z'igihugu zabataye.
Onesime Manirakiza, umwe muri bo, avuga ko hari abanyagihugu bamaze nk'amezi atanu canke atandatu bapanze, bahangayitse rwose.
Amafaranga bariha ngo ni menshi cane mu gihe amikoro yabo ari make.
Onesime ati:« Aha jewe naratevye ndananirwa ndongera ndagaruka ngaha.
«Naremeye ndavogera muri ayo mazi ndayabamwo. None ngire gute ! Nta mahera dufise yo gupanga.
« Badufashe kuko turagowe. Kino kiza caje kiraduhanze. Hama reta nayo yige ukuntu aya mazi yoyasubira inyuma kuko si na menshi ».
Abdul Ntiranyibagira umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari wa Rumonge avuga ko ababa mu bibanza bikarirwa cane n'imyuzure babimuriye ahitwa ku Mutambara.
Anegura ko hari abagarutse basubira kuba muri bwa burere kandi bibujijwe.
Ntiranyibagira avuga ko reta yihutira ahanini gukingira ubuzima bw'abenegihugu imbere y'ibindi vyose.
Abagarutse muri ubwo burere abahanura kuhava ngo kubera Tanganyika n'aho yosubira inyuma mu ci, mu gihe c'urushana ica igaruka.
Mu mwaka uheze, amazi ya Tanganyika yaraduze ku rugero rutari bwigere rubaho kuva mu myaka ya 60 yonona ibitari bike mu gisagara ca Bujumbura, Bujumbura Mairie, Rumonge na Makamba.
Ivyabaye ico gihe, ni vyo vyoba bigira bisubire?














