Uburundi na ONU basaba amakungu gufasha igihugu guhangana n'ingaruka z'ibihe

Inzu yatewe n'amazi mu Kibenga

Ahavuye isanamu, BBC Gahuzamiryango

Insiguro y'isanamu, Mu Kibenga mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura ingo nyinshi ziramaze guterwa n'amazi

Reta y'Uburundi n'uwuhuza ibikorwa vy'amashami yose ya ONU mu Burundi basohoreye itangazo hamwe basaba amakungu gufasha igihugu guhangana n'ingaruka z'ibihe.

Ni mu gihe Uburundi -n'akarere- ubu bwugarijwe n'igihe kizwi nka El Niño kijana n'imvura nyinshi yatumye inzuzi n'ikiyaga Tanganyika vyuzura bikarushiriza guhitana abantu no kwonona ibintu.

Ariko itangazo rya reta y’Uburundi na ONU rivuga ko Uburundi bumaze iyi myaka 20 iheze buhungabanywa na bene ivyo bihe n’ibirere bishika ku rugero rudasanzwe nazo ingaruka zavyo zikarushuriza kuba mbi.

Uburundi ngo busanzwe buri mu bihugu 20 kw’isi bifise intege nke mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Na cane cane kuva mu 2023, ingaruka z'ivyo bihe zimaze gukora ku bantu benshi no guhitana ibintu vyinshi.

Itangazo rivuga ko kuva mu kwezi kw'icenda mu 2023 gushika mu ndwi ya mbere y'ukwezi kwa kane uyu mwaka

  • abantu 203.994 bamaze kugirwako ingaruka
  • uburaro 19.250 n'amasomero 209 vyarasambutse
  • abateshejwe izabo ni 98.000, biyongeye ku rugero rwa 25%
  • 40.000 ha (hegitare) z'imirima zarononekaye

Reta y’Uburundi na ONU bavuga ko hakozwe ibitari bike ngo izo ngaruka zirindwe canke ntizisinzikaze igihugu cane nko mu gutangta imbuto, amafaranga, ivyo kurya no kuvura.

Ariko aho ibintu bigeze ngo hakenewe kwongerezwa agacumu k’ubumwe k’amakungu kugira ibintu ntibiyangare gusumba.

Kuba rero reta y’Uburundi na ONU basohoreye hamwe itangazo ni ukugira boroshe guhimiriza amakungu mu guterera imfashanyo yo gushira mu ngiro umugambi wo guhangana n’ingaruka z’igihe vya El Niño, uwo mugambi ukaba werekeye abantu ibihumbi 306 bakeneye gufashwa.

Tanganyika izogarukira he uyu mwaka?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ako kamo gatewe mu gihe mu bingamye cane harimwo urugero rw'ikiyaga Tanganyika ruguma rwongerekana uko iminsi ihaca.

Ubu ikibazo ni ukukenya aho ruzogarukira gushika imvura icike.

Umwigisha wa kaminuza akaba m'umuhinga mw'itunganywa ry'ibisagara asanzwe akurikirana ibijanye n'ikiyaga Tanganyika, Bernard Sindayihebura, avuga ko mu minsi 10 -hagati y'itariki 5 n'itariki 15 z'uku kwezi kwa kane- Tanganyika yaduze santimetero 20 (20cm).

Naho kuva muri Nzero (ukwezi kwa mbere) gushika ubu muri Ndamukiza (ukwezi kwa kane), amazi y'ico kiyaga amaze kuduga santimero 84 (84cm).

Amazi yuzuza Tanganyika si ayava mu Burundi gusa. Ico kiyaga gihurirako ibihugu bine: Uburundi, Repuburika ya Demolrasi ya Congo, Tanzania na Zambia. Tanginyika kandi isanzwe yisukwamwo na Rusizi, uruzi ruva ku kiyaga Kivu kiri hagati y'Urwanda na Congo.

Aho amazi azananye hose muri ivyo bihugu akisuka muri Tanganyika , yuzuye n'Uburundi burashikirwa.

Ubwoba ni bwihshi ko urugero Tanganyika igezeko ruzoduga kurusha aho rugeze ubu.

Umwigisha Bernard Sindayihebura avuga ko umwanya usigaye ukiri munini kugira imvura icike mu bihugu bikikije Tanganyika.

Imvubu

Ahavuye isanamu, BBC Gahuzamiryango

Insiguro y'isanamu, Mu kiringo c'ukwezi kumwe mu Gatumba imvubu zishe abantu batandatu

'Amagorwa ntasiga ayandi'

Inkengera ya Tanganyika iva mu Gatumba muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura mu burengero bushira uburaruko gushika i Kabonga muri komine ya Nyanzalac mu ntara ya Makamba mu bumanuko b'Uburundi. Hari ibirometero birenga 140.

Ariko umurwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi, Bujumbura, n'imicungararo yawo iri mu hageramiwe cane mu gihugu.

Imiryango itari mike mu ma kartiye nka Kibenga iramaze guhunga kuko amazu yayo yatewe n'amazi.

Amazu y'uburiro n'amahoteri amwe ubu yarugaye.

Ikivuko naco nyene kirageramiwe n'umwuzure wa Tanganyika.

Mu micungararo imwe imwe, abantu bageramiwe kabiri. Uretse amazi atera aho baba, nko mu Gatumba bageramiwe n'imvubu ziguma ziduga i musozi uko amazi atera aho zahora ziba canke zirisha.

Mu karere kwa Warubondo, mu kiringo c'ukwezi co gushika mu ndwi ya mbere y'ukwezi kwa kane, imvubu zari zimaze kurya abantu batandatu.

Abanyagihugu bo muri ako karere ka Warubondo batekewe n’ubwoba. Bavuga ko ivyo bintu atavyo bahora babona.

Bamwe bibaza ko vyoba bifitaniye isano n'iduga ry'amazi ya Tanganyika n'ay'uruzi Rusizi muri iki gihe aguma asatira imihana.

Bishoboka ko izo mvubu ziduga zikurikirana ahasigaye ubwatsi zishobora kurisha, maze zikisanga mu mihana.

Johari aba aho ati: ''Siko vyahora. Umengo vyagwiriye cane. Iwacu ku rya kabiri birara [ibikoko] birazunguruka mu mazu''

''Samoya gusa igeze twese tuba twamaze kwinjira mu mazu kubera guhunga izo mvubu. Abana duca duhindira mu nzu''.

Abo banyagihugu bemeza ko umwe wese yikora ko vyo afise mu nzu kugira ashobore kwugara ku buryo izo mvubu zitoshobora kuhabomora.

Umutamakazi w'umubanyi wa Johari yagize ati: ''Bigenda ari bitatu bitatu canke bine bine''.

Abo banyagihugu basaba inzego z'igihugu kubihinda kugira kugira vyigire kure y'imihana.

Ariko abahinga bo babona ko iyo ngorane iterwa n’uko abantu basigaye bavogera cane ivyo bikoko mu kwubaka aho biba.

Bivugwa na Gaspard Ntakimazi, umwigisha wo muri kaminuza yanonosoye ibijanye n’amazi n’ibinyabuzima biyabamwo.

Avuga ko imvubu zisanzwe zitaryana. Ngo mugabo iyo zibonye abantu mu burere zibamwo zibona ko zatewe, zigaheza zikabivuna zikoresheje amenyo yazo.

Ku bw'uwo muhinga, umuti urama ni ukwimuka, bakava muri ubwo burere.

Ariko amazi ya Tanganyika ataraduga cane hanyuma uruzi Rusizi narwo ngo rusese, umubano hagati y'abantu n'izo mvubu ntiwari wifashe nabi kugeza aho.

Mu kamo bateye, reta y'Uburundi na ONU R basaba abasanzwe bafasha gushigikira reta mu kwitegurira guhangana n’ibiza kugira ingaruka z’ibihe bidasanzwe ntizisinzikaze igihugu cane.