'Ibi bintu ntaho nari bwigere ndabibona'- uwutewe ubwoba n'aho Tanganyika igeze irenga inkombe i Bujumbura

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
- Umwanditsi, Na Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
Ku myaka 40 afise, Sipiriyano arazi cane ikiyaga Tanganyika. Ni umurovyi avuka mu Ruziba mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura ariko, uko amazi y'ico kiyaga ariko araduga muri iyi minsi avuga ko atari bwigere abibona.
Aho yabimbwira ariko aranyereka aho amazi amaze kuvogera amazu mu karere ka Kibenga.
''Ibi bintu ntaho nari bwigere ndabibona. Nta musi n’umwe aya mazi yari bwigere aduga kugeza ino hose,'' niko agenda arambwira uko twegereza amazu ubu amwe amazi ageze ku madirisha, ayandi ari mu kumirwa uko yakabaye.
Mu 2021 niho amazi ya Tanganyika yaheruka kuduga cane mu gisagara ca Bujumbura, ariko Sipriyano avuga ko ico gihe atigeze ashika aho ageze ubu. Avuga ko uvuye ko nkombe yari ihasanzwe, ubu amazi ageze nko ku metero 400 uja i musozi.
Kugira ubone neza ingene vyifashe, uja mu bwato. Sipiriyano ni we ariko arasoza. Ari kumwe na bagenzi we babiri. Na bo nyene ni abarovyi. Turahindukiye tuva mu kiyaga tuja ahahora ari i musozi, ku butaka mu minsi iheze mu karere ka Kibenga.
Zimwe mu nzu amazi arenga ku madirisha, izindi ziri mu kurengerwa. Hamwe hamwe, ubona abantu buriye hejuru ku magorofa, bahunga amazi. Inzu nyinshi nta muntu akizibamwo.

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
Uko twigira imbere, umugenzi wa Sipiriyano agenda arasigura. Ati: ''Aha n’aho ubona turi mu kiyaga, aha turi hahora ibarabara. Aha musi hariyo ibarabara.
''Urabona hariya hari igiti, naho nyene hahora ibarabara, ariko ubu ntiwohamenya''.
Icerekana ko aho amazi ageze ahahora isi yumye n'uko ubwato bugenda buraca impande y’ibiti n’ibisaka ubona ko biriko biramirwa.
Sipiriyano yahindukije ubwato atera yerekeza ku ruhande rw’uburaruko. Aha naho nyene, uguma ubona inzu zimwe zabomotse hasigaye udusigarira tw’impome.
Umugenzi wiwe ati: ''Aha hari irembo... Mugabo kubera amazi yaduze ku rugero rwa nyuma, irembo ryarazimanganye. Bose barimutse, nta n’umwe akihaba''.

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
''Ingwano n'amazi'' itwara amafaranga menshi
Bamwe mu bagerereye ahantu amazi atarashika cane, usanga bariko baragerageza kurwana kugira ntavOgere amazu yabo. Ariko ntivyoroshe. Umwe mu bo nasanze Kibenga Lac adashima kwivuga izina, asigura ko muhira iwe akoresha utumashini two gukamya amazi amazi (moto-pompes).
Ariko uburyo tumutwara ni bwinshi cane.
Ati: ''Mfise imashini [moto pompes] zibiri. Imwe ikoresha igitoro, iyindi umuyagankuba. Izo zompi ziguma zikora kugira aya mazi ntaje mu nzu.
''Bidutwara uburyo bwinshi rwose. Nk’igitoro, nobabwira ko nkoresha ibido y’amaritiro 20 mu misi ibiri. Murumva ni ibihumbi ijana mu misi ibiri''.
Uretse amafaranga yo kukigura, mu Burundi igitoro kirakunda gukena. N'imashini ikoresha umuyagankuba si yo yorosha ibintu.
Aho bimugoreye, ''Umuyagankuba nawo, nkoresha ibihumbi 60 mu misi ine. Uguze mu kwezi ugasubira kugura muri ukwo kwezi nyene Regideo [kompanyi igurisha umuyagankuba n'amazi mu Burundi] ica ikudugirizako rwose,'' kandi n'uwo muyagankuba, co kimwe n'igitoro, nawo uracika kenshi.
Noneho aho amazi yateye, umuyagankuba ntushobora kubandanya ukora.
Ndikumasabo Ernest twahuye ari kumwe n'umukozi wa Regideso agiye kuvana mu yahora ari inzu yiwe icuma gifata ipimo vy'umuyagankuba imbere y'uko winjira mu nzu [compteur].
''Twebwe twimutse kera. Gusa iki cuma ntitwari bwagikureyo. Mvuye kugikurayo kugira ntigiteze amasanganya. Urazi ko umuyagankuba n’amazi bidahura''.
Si mu Kibenga gusa

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
Ingorane zijanye n’iduga ry’amazi zigaragara mu burere bwose bwegereye Tanganyika.
Nk’ibarabara ryitwa Avenue de la Plage, rikika ku nkengera z’ikiyaga utera uja ku kivuko ca Bujumbura, na ryo nyene rirageramiwe rwose.
No mu 2021 vyarashitse aho ryugarwa ntiribe rigihita kubera amazi yari yariteye.
Ikigo ca reta kijejwe gusanura no gukora amabarabara, ARB, kimaze imisi kiriko kiragerageza kurikingira, mu kurunda amabuye ku nkombe z'iyo amazi azanana.
Uhashitse usanga ibimashini biriko bikora bigerageza gutanganwa n'amazi kuko aguma aduga uko bukeye uko bwije.
Ku kivuko ca Bujumbura n'aho abategetsi b'aho batatwemereye kwinjira kuraba uko vyifashe, amakuru avuga ko asugereje ibibanza bisanzwe bishirwamwo ibicuruzwa bipakuruwe mu bwato.
Kuva aho ukabandanya mu burengero uja mu Kajaga, ahari amahoteri menshi ateye imbere n'ibibanza vyo gusamiramwo akayaga, igice kitari gito c'ahahora umusenyi ubu Tanganyika yarahashitse.
Mu kwezi kwa mbere, agendeye ku bipimo amazi ya Tanganyika yari agezeko arenga inkombe zari zimenyerewe, umwigisha wa kaminuza akaba n'umuhinga mu gutunganya ibisagara, Bernard Sindayihebura, yari yagabishije ko uyu mwaka amazi ya Tanganyika ashobora kuzoduga ku rugero rutari ruherutswe gushikwako kuva mu myaka ya 1960.
Sindayihebura avuga ko kahise kerekana ko urugero runini cane rwa Tanganyika ruba mu kwezi kwa gatanu.
Uretse ko Tanganyika ruriko ruraduga cane, n'abantu bararwegereye cane. Itegeko rigenga amazi rivuga ko atawubaka munsi y'imetero 150 uvuye ku nkengera z'ikiyaga, ariko hariho n'amazu akora ku mazi nyene.
Igihe Tanganyika yaheruka kuduga cane mu 2021 rukarengera bimwe bimwe mu bibanza vyahora birangurirwamwo imirimo itandukanye, hari uwabigize inkuru yo gutwenza- ariko irimwo ukuri.
Yashize ku mbuga hwaniro itangazo rivuga ngo : "Ikiyaga Tanganyika giherutse guhunguka none kiramenyesha ko amatongo bakinyaze kitazorinda kuja muri CNTB [CNTB rwahora ari urwego rw'igihugu rujejwe amatati y'amatongo n'ayandi matungo]. ''Kizoyigarurira ubwaco".
Bamwe mu bahinga bavuga ko aho ikiyaga Tanganyika cigeze gushika bishoboka ko gishobora gusubira kuhashika.
Hari ibikorwa bishobora kugabanya ingaruka nko kwubakira inkombe z'inzuzi zisuka muri Tanganyika ariko ngo buracakeneye ivyigwa n'uburyo bwo kubikora.
Mu kurindira, umuyobozi ajejwe igisata c'igihugu co gukinga ibiza no gufasha abo bishikiye, Anicet Nibaruta, avuga ko Tanganyika iduze ari ''ukuyibisa''.













