Petite Rusizi : Inzira itahora ivugwa mu zobuza urwo ruzi gutera Gatumba - itohoza ry'umuhinga

Amazi ya Rusizi mu mihana yo mu Gatumba, Nzero 2024
Insiguro y'isanamu, Muri uku kwezi kwa mbere amazi ya Rusizi yarasubiye gutera ibice bimwe bimwe vya Gatumba abantu barenga ibihumbi indwi barava mu ngo zabo

Mu myaka itatu canke ine ikurikirana, abanyagihugu baba mu Gatumba, bama batewe n’amazi y’uruzi Rusizi. Baguma bibaza inyishu irama kuri ico kibazo.

Ni ukwimuka burundu bakahava? Ni ukwubaka idige (urukuta) ku nkombe za Rusizi kugira bazibire amazi yarwo? Canke hari izindi nzira zishoboka canke zokorera icarimwe?

Umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu gutunganya ibisagara, Bernard Sindayihebura, avuga ko hari inzira aherutse gutora ubu vuba gushika ubu itahora ivugwa mu zofasha kubuza Gatumba kwama yatewe n’amazi ya Rusizi uko umwaka utashe.

Petite Rusizi ni iki?

Uwo muhinga avuga ko aherutse gutora ko hari inzira yahebwe kandi kera yarafasha gutwara igice c’amazi ya Rusizi.

Bernard Sindayihebura avuga ko igihe hubakwa ihinguriro ry’isukari rya Kiriba -mu mpera z'imyaka ya 1950 - muri Congo hakurya ya Vugizo mu Burundi, haciye hasaturwa inzira yacamwo igice c'amazi avuye muri Rusizi yahavuye yitwa Petite Rusizi (mu gifaransa), canke Rusizi ntoya.

Avuga ko iyo Rusizi Nkuru canke 'Grande Rusizi' rwuzuye rwaca rusesera muri Petite Rusizi.

''Kubera ko sucrerie (ihinguriro y’isukari) y’i Kiriba ari yo yagira 'curage' ni ukuvuga kuja barakuramwo imicafu [yozibira uwo mugazo], ubu rero haramaze kwugarwa n’ivyatsi n’ibindi, amazi yose yaca muri Petite Rusizi asigaye aca muri Grande Rusizi’’ kuva aho Kiriba yugariye mu 1995-6, nk’uko Sindayihebura abandanya abisigura. Avuga ko iyo ari yo ''mvo nyamukuru natohoje''.

''Naje nabimenye ejo bundi… uko urumva ni ukuri naje menye vuba, Iyaba nabimenye kera naje nari kuba nabivuze kuko abahinga turi ngaha kugira dushobore gukebura abategetsi''.

Ariko umuti si Petite Rusizi gusa.

Uwo mwigisha wa kaminuza avuga ko Petite Rusizi rukwiye gusubira gutunganywa rugacamwo igice kimwe c’amazi ya Rusizi nkuru nk’uko vyahora.

Ariko no kwubakira inkombe za Rusizi ngo birakenewe.

Avuga ko hashika ibihe bidasanzwe vy’imvura y’umurengera nk’uyu mwaka wa 2024. Imisozi yose ihanamiye ikiyaya ca Rusizi muri Congo, mu Burundi no mu Rwanda iriko iragwamwo imvura idasanzwe ituma urwo ruzi rurenga inkombe uko bitahora.

Abanyagihugu bo mu Gatumba babizi kurusha abandi.

Kuva mu kwezi kw’icumi bariyungunganije mu buryo bahambije mu kurunda imifuko y’imisenyi n’ibivu ku nkombe za Rusizi kugira batangirize amazi yarwo iyo rwuzuye.

Abanyagihugu barunda imufuko y'ibivu ku nkombe za Rusizi kugura bazibirire amazi yarwo ntabatere
Insiguro y'isanamu, Kuva mu kwezi kw'icumi 2023 abanyagihugu bo mu Gatumba baragerageje kuzibira inkombe za Rusizi ariko ni igikorwa kirenze ubushobozi bwabo

Umwigisha Bernard Sindayihebura arashima igikorwa cabo ariko avuga ko ata kintu kinini canke kirama gishobora gufasha.

‘’Kugira ugire iyo dige, n’uko abahinga babanza gukora ivyigwa kugira bamenye amazi avuye ku mitumba ihanamiye urwo ruzi ingene angana hanyuma bamenye uruhome rukeneye kwubakwa kugira abanyagihugu ntibaterwe… nta muntu agira ibintu atarinze kugira ivyigwa, ntibishoboka’’.

Sindayihebura atanga akarorero k’uruzi Mutimbuzi ruca impande y’ikibuga c’indege ca Bujumbura.

Avuga ko inkombe zarwo zubakiwe mu gihe c’abakoroni kandi ''gushika n’ubu n’aho amazi aba menshi ntavogera aeroport (ikibuga c’indege) ya Bujumbura…''.

''Urumva turabiye ku vyakozwe kera nibaza ko vyoshobora kudufasha''.