Burundi: Abanyagihugu ibihumbi indwi mu Gatumba barageramiwe na Rusizi

Gatumba

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

“Emwe twari turyamye. Twaciye tuvyuka kujabukana abana. Twihuse tujabuka, tujabukana abana n’agasaswa kamwe kamwe ubundi bwose busigara iyo”, bivugwa na Jacqueline Ntagahoraho, umutamakazi w’imyaka 68, aho abwira BBC Gahuzamiryango ingene batewe n’amazi y’uruzi Rusizi.

Ntagahoraho n’ababanyi biwe barataye baromoka baja kwisondeka kw’ibarabara mw’iduka ry’uwundi munyagihugu riri ahantu hatashikiriwe n’amazi, inyuma y’aho Rusizi rwongeye gusesera mu bice bimwe bimwe vya zone Gatumba ya komineMutimbuzi mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura.

Mu mwiheburo, avuga ati: “Dusaba y’uko bodukorera Rusizi hanyuma tugasubira mu ngo zacu”.

Ntagahoraho avuga ko imwe mu ngorane nyamukuru bafise aho bahungiye ari uko baryama mu cumba kimwe ari benshi cane.

Ati: “Turi abantu 25, urahabona ingene hangana! Ni uyu muryango umwe!”, niko yabwiye BBC biboneka ko yihebuye.

Ibi bibaye mu gihe abanyagihugu b’aho mu Gatumba ku wa mbere bari babwiye BBC ingene igikorwa bakoze mu kuzibira inkombe z’urwo ruzi cariko kirabagirira akamaro.

Umukuru w’iyo zone avuga ko amazi yameneye aho batari bwashike kurunda imifuko y’imisenyi n’ivu yo gutangira ayo mazi.

Avuga ko muri iki gihe abanyagihugu bagera ku bihumbi indwi ari bo bari mu kaga.

Abo banyagihugu bomowe n’amazi bavuga ko badafise n’ivyo bafungura. Ntagahoraho ati: “Turya nabi nyene, iyumvire nk’ibiro bibiri mu bana 25. Urumva ni ugusama umutima.”

Ugeze aho mu Gatumba ubona amazu menshi ari mu bidengeri, amazi agera ku madirisha.

Ubona kandi abantu bariko baragerageza kuvayo bagendera mu bwato, abandi bafise intunduguru ku mitwe bariko barahunga. Bamwe ubasanga bicaye ku mabarabara bijiriwe.

Gatumba

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Gatumba irakunze guterwa n'amazi mu gihe c'imvura
Gatumba

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Gatumba

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Abanya-Gatumba ntaco batari bakoze kugira bikingire iyi myuzure imaze imyaka myinshi ibaburabuza. Bari bagerageje kwiyubakira urukuta (digue) bibaza ko rwari gushobora gutangira amazi ya Rusizi, ariko vyahavuye binanirana.

Pascasie Mpawenayo w’imyaka 62, asigura aho vyankiye, avuga ati: “Idigi ryakozwe n’abanyagihugu ntiryakozwe na reta. Hariya birakomeye. Urumva aho bagejeje [kuryubaka] ni yo [uruzi] rwaciye rumenera”.

Iyi nsiguro iremezwa kandi na Jean Muyoboke arongoye zone Gatumba. Uwo mutegetsi amenyesha ko abanyagihugu bagera ku bihumbi indwi bava mu makaritiye zine ari bo bageramiwe.

Abanyagihugu bo muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura bahisemwo kwifatira kazoza kabo mu minwe ku kibazo c’uruzi Rusizi rwama rwabateye, Gitugutu 2023
Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kw'icumi mu 2023, abanyagihugu bo muri zone Gatumba bari bubatse idigi yo kuzibira amazi ya Rusizi

Abatewe n’amazi bavuga ko gushika ubu ataco barafashwa, uretse ko ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge ryashoboye kuhashika kugira rirabe ingene ibintu vyifashe.

Mu ntango z’ukwezi kw’icumi 2023, umugwi w’igihugu ujejwe guhangana n’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ibiza wari watangaje ko muri iki gice ca mbere c’irima hazogwa imvura irenze urugero izokwonona ibitari bike. Gatumba iri mu turere wemeje ko tuzogirwako ingaruka.