Tanganyika aho igeze iduga ''hateye ubwoba ... benshi bazohunga''-umuhinga

Muri uyu mwaka bizwi ko uzorangwa n’imvura nyinshi cane mu karere kose ka Afrika y’Ubuseruko, ikiyaga Tanganyika gishobora kuzoduga ku rugero rutari ruherutse mu myaka irenga ijana.
Bivugwa n’umuhinga akaba n’umuwigisha wa kaminuza Bernard Sindayihebura.
Amaze imyaka afata ibipimo vy’aho Tanganyika igera mu kuduga canke mu kumanuka.
Uwo muhinga mw’itunganywa ry’ibisagara ku ndwi iheze yaragiye gufata ibipimo vy’aho amazi ya Tanganyika ageze mu kuduga.
Avuga ko vyamuteye ubwoba mu gihe hakiri mu kwezi kwa mbere gusa kandi ico kiyaga ku bisanzwe gishika ku rugero rwo hejuru cane mu kwezi kwa gatanu.
Mu 2021, nk’iki gihe co mu kwezi kwa Nzero (01), avuga ko amazi ya Tanganyika yari amaze kuduga gushika ku metero 775 na santimeteron 88 (775,88m). Uyu mwaka mu kwezi kwa mbere nyene yasanze ageze ku 776.40m.
Bisigura ko ku rugero rwo mu kwezi kwa mbere mu 2021, hamaze kurengako sentimetero 52. ''Ayo mazi ni menshi cane,'' niko umwugisha Sindayihebura avuga.
Ivyigwa vyo kugendereza inyifato y’ikiyaga Tanganyika mu kuduga canke mu kumanuka vyerekana ko urugero rwo kuduga cane ruba mu kwezi kwa Rusama (ukwezi kwa gatanu).
Mu 2021, ku rugero rwo mu kwezi kwa mbere, amazi yaduze izindi santimetero 70.
Ico gihe, ''kuva kuri Kabonga [i Nyanza-Lac] gushika kuri Ruzisi nkuru [ Kajaga-Gatumba], igihugu c’Uburundi catakaje ibintu vyinshi, harabaye inzu zagiye mu mazi.''
Umwigisha Sindayihebura avuga ko afatiye ku rugero rw’ubu akongerako santimetero 70 ziyongeye kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwezi kwa gatanu mu 2021, uyu mwaka amazi ya Tanganyika yoca aduga gushika kuri 777,10m.
Avuga ko urwo rugero rwoba ruruta santimetero 2 urwo mu 1964. Nirwo rwari urwa mbere ruri hejuru cane kuva mu kinjana ca 19.
Avuga ati: ''Ubu ruzoca rugera kuri cane. Amahoteri, amabarabara, harya bakinira umupira kuri Tempete, igice ca Kinindo …urumva kuva kuri Rusizi gushika i Kabonga ibintu vyinshi bizokwononekara.''
''Nagomba kumenyesha abavyibuka ko muri uwo mwaka [1964] n’i Gihanga harashikiriwe.''
Ariko mu nyuma Tanganyika izosubira inyuma. Imyaka y’imvura nyinshi yama ikurikirwa n’imyaka y’imvura nke, nk’uko Sindayihebura abandanya abisigura.
Ku bigereranyo vyiwe, amazi ya Tanganyika azosubira inyuma mu 2028.
Mu kurindira, na cane cane uyu mwaka, Sindayihebura agira inama abegereye inkombe za Tanganyika n’abategetsi ''bitegure kuko hariho benshi bazohunga, uko ni ukuri.''










