Imvo n'imvano kw'ihindagurika ry’ikirere n'ingaruka ririko rigira ku Burundi no mu karere
Imvo n’imvano yo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 ukwezi kwa gatanu mu 2024 ica irya n'ino ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe n’ingaruka kiriko kiratera mu Burundi hamwe no mu karere.
Mu Burundi, nta gitigiri nyezina c’abamaze gupfa bazize umwuzure w’ikiyaga Tanganyika canke bazize isenyuka ry’imisozi kirashirwa ahabona. Ikizwi gushika ubu, ni uko hari abantu barenga 100.000 bamaze guta izabo n’amazu yababa 20.000 hamwe n’amashure 209 vyasenyutse kuva mu kwezi kw’icenda 2023 gushika mun tango z’ukwa kane uyu mwaka.
Reta iriko irabaronderera aho bokwimurirwa. Benshi n’abo muri zone Gatumba iri muri komine Mutimbuzi n’abaherutse gusenyukirwako n’umusozi wa Gabaniro muri zone Gitaza mu ntara ya Bujumbura. Hariho kandi abo mu gisagara ca Bujumburwa cane cane muri komine Muha.
Mu karere, mu ndwi iheze Tanzania yamenyesheje ko abagera ku 155 ari bo bamaze gupfa, Kenya na yo abarenga 100. Ico gitigiri gishobora kuba kimaze kurenga uravye umurindi w’imvura iriko iragwa mu karere muri kino gihe.
Abahinga bavuga ko reta ikwiriye gukora umugambi wo gutorera inyishu ivyo bibazo bije giturumbuka, gukurikirana uko ushirwa mu ngiro no kwiga uko ivyo vyago bije bitorerwa inyishu hamwe no kubahiriza amategeko agenga amazi, ibidukikije, isi hamwe n’igisagara.
N’izihe ngingo zindi reta y’Uburundi yafashe mu gukumira ivyo vyago? N’izihe ngingo imaze gufata mu gutabara abasinzikajwe n’ivyo vyago uretse kubimura? Abanyagihugu baba mu turere twasinzikajwe n’umwuzure bamerewe gute (Baba hehe? Baravurwa? Abana bariga? Bipfuza iki?
Ibi ni bimwe mu biri muri kino kiganiro mwateguriwe na Cyriaque Muhawenayo. Ari kumwe na Jenerali Anicet Nibaruta, umuyobozi mukuru ajejwe gukinga ibiza n’isibe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Mbonerane Albert arongoye ishirahamwe Action Ceinture Verte (ACV), hamwe kandi n’umwigisha wa kaminuza Jean Marie Sabushimike yanonosoye ibijanye n’ibidukikije.