Hage Geingob: Prezida wa Namibia yapfuye ku myaka 82

Prezida Hage Geingob

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Geingob yari yahishuye ko bamutoye ingwara ya Cancer mu kwezi guheze
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Prezida wa Namibia Hage Geingob yapfuye ariko aravurwa mu bitaro vyo ku mugwa mukuru, Windhoek.

Icegera ciwe, Nangolo Mbumba yamenyesheje ko Geingob yapfuye mu masaha ya kare cane mu gitondo co ku wa Mungu.

Mw'itangazo, Mbumba yagize ati:"Iruhande yiwe hari hari umugore wiwe Monica Geingos hamwe n'abana biwe."

Uwo mutegetsi w'imyaka 82 bari bamusanganye ingwara ya cancer, akaba yari yabivuze ku mugaragaro mu kwezi guheze.

Ibiro vyiwe bivuga ko yari kuja mu rugendo rwo kwivuza muri Amerika, ariko agaca agaruka itariki 2 z'ukwezi kwa Ruhuhuma (2).

Geingob yabaye umukuru w'igihugu mu 2015, akaba yariko aratwara ikiringo ciwe kigira kabiri ari na co ca nyuma.

Mu mwaka uheze baramubaze, hanyuma no mu 2014 yari yahishuye ko yakize cancer yo muri 'prostate'.

Namibia itegerezwa kugira amatora ya prezida nayo abashingamateka mu kwezi kwa Munyonyo (11).

Umugambwe uri u butegetsi, Swapo, uri ku butegetsi kuva ico gihugu kironse intahe yo kwikukira mu 1990, yatoye Nandi-Ndaitwah nk'umukandida wawo wa prezida.

Uwo mugore asanzwe ari icegera c'umushikiranganji wa mbere, kandi azoba abaye umugore wa mbere arongoye ico gihugu aramutse atsinze.