Kuki kurushwa umushahara n'umugore bituma bamwe mu bagabo 'bahinduka'?

Ahavuye isanamu, Serenity Strull/BBC/Getty Images
- Umwanditsi, Melissa Hogenboom
- Igikorwa, BBC Future
"Amarangamutima yacu abamwo agasembwa, iyo ubona umugore ari we aronka agashahara kisununuye kukurusha", uko ni ko Dave, umugabo yitaho ibikorwa vyo mu rugo avuga.
Tom na we agira ati: "Biranshikira nkabwira abagenzi banje ko mbwirizwa kuguma muhira, kandi twategerezwa gusohokana…bibaza ko nteye nk'umukenyezi."
Dave na Tom bagize uruhara mw'itohoza ryimbitse ryize ku ngaruka umushahara w' umugore ugira mu rugo kuwo bubakanye.
Uwundi yabajijwe yitwa Brendon, yavuze ko afise impamvu zo kwiyumva nk'umuntu umengo abantu baramucira urubanza. Bamwe mu baryango biwe bamwita "umunebwe wo muhira".
Si ivyo bibazo bitatu gusa bikunda gushikira abagabo iyo batagira akazi hanze kinjiriza urugo, aho usanga umuryango ubeshejweho n'abo bubakanye.
Abantu b'abagabo bibona ko bacishwamwo ijisho rimwe na rimwe, kubera kuva kera mu kibano bifatwa ko abagabo ari bo babeshaho umuryango.
Ariko muri kino gihe, abagore barusha umushahara abagabo babo bakomeza kuba benshi, ibi bigira ingaruka ku migenderanire hagati yabo n'abo bubakanye, haba mu rugo canke mu kibano muri rusangi.
Imwe mu mpamvu zihambaye zituma ayo mahinduka mu muryango, ni uko amafaranga afitanye isano cane n'ububasha.
Abagabo badafise umushahara utuma baboneka ko ari bo bambere mu gufasha umuryango mu vyo ukeneye, biyumva nk'aho bibatuma batakaza ububasha bwabo. Ivyiyumviro vyabo mu mutwe birahinduka, ndetse n'ivyago vyo gutandukana bikiyongera.
Muri rusangi, abagabo bararusha umushahara abagore.
Kandi, mu miryango ifise abana, abagore baba bitaho cane ivyo mu rugo n'abana kurusha abagabo – ubudasa bugaragara kw'isi hose.
Bikekwa ko imwe mu mpamvu ifatiye ku gitsina. Ariko ibindi bihe, ivyo bishobora no kuva ku mvo z'ubutunzi, butuma imiryango iha agaciro uwufise akazi kinjiza menshi kurusha uwundi.
Kumwe n'ivyo, abagore usanga babarekera kenshi ibibanza vy'akazi katarimwo amasaha yuzuye, bigatuma baronka n'akanya ko kwitaho ivyo umuryango (temps partiel).
N'ubwo igitigiri c'abagore binjiriza umuryango ciyongereye, amahinduka mu bijanye n'akazi babagenera canke ibikorwa vyo mu rugo bajejwe bishingiye ku gitsina, vyovyo ntibijana uwo muvuduko, bihinduka buhoro buhoro.
N'ubwo aba ari abagore binjiza menshi, usanga banitaho gusumba abana baba baravyaranye n'uwo bubakanye, yinjiza make.
Kandi, n'ubwo guha amahirwe angana abantu bose hatitaweho igitsina bishigikiwe na benshi bivanye n'urunganwe barimwo, abagabo bashimishwa na vyo usanga ari bake, iyo baronka umushahara uri munsi y'uwo abo bagore bubakanye.
Ubushakashatsi butandukanye bwakozwe bukomeza kwerekana ko iyo umugore arusha umushahara umugabo, usanga bigira ingaruka ku kungene umugabo wiwe yiyumva (bimugora kwiha agaciro, no kwiyumvamwo umunezero).
Ariko none ibi, ni ryari bigera aho biba ingorane ikomeye? Canke hokorwa iki mu gufasha abagabo kwakira ayo mahinduka?
"Bishobora gutuma abagabo bumva bataguwe neza namba"
Abagabo babona ko ari ikizira kunabivuga mu gihe umugore ari we soko nyamukuru ry'amikoro y'umuryango.
Bagerageza gushigikira abagore babo mu kazi, ariko kandi bakumva ari nk'aho batuzuza uruhara rwabo rwo "kuronderera" umuryango.
Uko biri kwose, ivyiyumviro vyariho kera bijanye n'uko umuntu w'umugabo yafatwa n'ibimugize kugira ngo yitwe umugabo, biracagaragara cane mu kibano.
Ibi bikunze kwibonekeza mu gihe umugabo yisanze abwirizwa kuguma muhira atari avyiteze, kubera akazi kiwe kaheze canke yimutse, ariko atari uko yabihisemwo.
Harry Bunton, umugabo aba Sydney muri Australie, yahoze ari umugishwanama (Expert-consultant), ubu asigaye ari rurangiranwa ku mbuga-hwaniro, aheruka gutakaza akazi kiwe.
Bunton yatanguye gukorera ku mbuga hwaniro, atangariza abaharugwa mu bihumbi amajana bamukwirikira ko, indoto zifatiye ku ndangagaciro ziwe nk'umugabo, serugo akaba n'umuvyeyi, yazishikiriye.
Agira ati: "Ndatahura impamvu hari urugero runini rw'abantu bafise ingwara y'umwitwarariko urenze, n'ibindi bibazo birenze ico, mu bantu b'iki gihe.
Birashobora guhinduka ingorane ikomeye cane iyo ibintu bitagenze uko wari ivyiteze, kandi bituma usubira kwibaza ico bisobanura kuba umugabo.
Yongerako ko "Icizere mu kuvuga kuri iki kibazo, ari uko abantu bokwibona bakiyumva ko indangagaciro zidafatiye ku vyo bahura mu buzima nk'iki kibazo (c'umushara n'akazi)…ati numva mfise uburenganzira bwo kwitwa umuvyeyi nifuza kuba."

Ahavuye isanamu, Serenity Strull/BBC/Getty Images
Bunton yahinduye inyifato mu nzira nziza afatiye ku mahinduka mu mibereho yiwe. Akarorero kiwe karerekana ko umugabo ashobora guhindurwa n'umushahara w'umugore wiwe, bigatuma ivyiyumviro mu mutwe iwe bihinduka.
Icigwa cakozwe muri Suede, nk'akarorero, cihweje imishahara y'abagabo mu kiringo c'imyaka cumi n'ibipimo ku buzima bwabo bwo mu mutwe, kirondera uturorero twoba ifatiro.
Abashakashatsi basanze igihe abagore babo baba bamaze kuronka imishahara yisununuye kurusha abo bagabo, ibipimo vy'abo bagabo vyagaragaza ko bafise ikibazo c'ingwara zo mu mutwe.
Urugero rw'ubwiyongere bw'ivyo bibazo vyo mu mutwe ku bantu bafise uwo bubakanye abasumvya umushahara, harimwo n'ibipimo vy'abagore, wasanga ari 8%, ariko urwo rugero usanga ruri hejuru cane ufashe abagabo gusa barushwa umushahara n'abagore, aho rugera kuri 11%.
Bunton agira ati: "Mu kurondera kumenya vyinshi kuri ico kibazo, mu gihe nariko nandika igitabo canje cimirije gusohoka, Breadwinners (twogereranya n'abatunze umuryango) navuganye na porofeseri Demid Getik, wo muri kaminuza ya Durham mu Bwongereza, yari arongoye iki cigwa.
Yambwiye ko kumbure tutacumva ku mugaragaro abavuga ko umugabo abwirizwa kurusha umushahara umugore, ariko ivyo ni ko biba vyitezwe.
Kwiyongera kw'ibibazo vyo mu mutwe ku bagabo bafise umushahara uri munsi y'uwo abagore bubakanye, cari gikwiye kuja mu bimenyetso ko imiryango nka bene iyo idashimishwa n'imigenderanire (umugabo n'umugore) bafitaniye. Ariko ivyo bipimo ntibituma ico kibazo na co ubwaco cihwezwa.
Ibibazo vy'ubutunzi
Icigwa cakozwe ku bagabo bafise imishahara iri munsi y'iyo abagore cerekanye ko baca inyuma abagore babo. Abakoze ico cigwa berekana ko vyoba bituruka ku gushaka kwerekana ko bagumanye ubugabo, bibaza ko bubangamiwe n'abagore babo bafashe ikibanza c'uruhara rukuru mu kubeshaho umuryango.
Ubushakashatsi bwerekana kandi ko umwitwarariko w'abagabo wo gushaka kuba aribo bafise uruhara nyamukuru mu kuronderera umuryango, ugira ingaruka ku buryo babayeho mu buzima bwabo bwa minsi yose.
Vyaragaragaye ko, mu bagabo bari mu bushomeri, urugero rwo kugira ingwara y'umwitwarariko urenze ruba ruri hejuru, ugereranije n'uko biri mu bagore batagira akazi.
Kimwe mu mpamvu zisobanura ubwo budasa n'uko usanga abagore bafise imigenderanire n'abo basanganywe mu kibano gusumvya abagabo.
Ni yo mpamvu abagabo baguma muhira usanga ari ba nyamwigendako ugereranije n'abagore baguma muhira.
Mu nzira yo gutahura ingene imishahara igira ingaruka ku buryo twiyumva kandi twifata mu buzima bwacu, n'ukubanza gukosora ivyiyumviro bitagihuye n'ibihe.
Abagore bafatwa nk'abafise uruhare rw'imbere mu kuronderera imiryango, usanga babavuga ko bitanga mu kazi kandi bikwiye. Ariko mu ngo nyinshi, umugore yaronse akazi gasumvya umushahara ako umugabo, usanga atuma umugabo aca areka akiwe, bikazana ingorane z'ubutunzi mu muryango.
Ivyo birakunze gushika kuko ubushakashatsi bwerekana ko, mu miryango iyo ari umugore wenyene akora akazi gahemba umushahara, igitigiri ngereranyo c'umushahara winjira kiba kiri hasi, ugereranije n'iyindi miryango, aho ari umugabo wenyene akora. Ibi biterwa n'ikimanga gisanzwe kihari c'ubudasa hagati y'imishahara y'abagore n'iyo abagabo.
Ico ni co catumye porofeseri Helen Kowalewska, wo mu gisata ca politike muri kaminuza ya Bath, mu Bwongereza n'umugwi wiwe, bemeza mu cigwa bakoze ko, "ibihugu vyinshi ata co biriko birakora mu kuzibira ico kimanga gituma ingo zirimwo umugore ari we ari kizigenza mu kuronderera umuryango zigira ibibazo".
Avuga ko imigambi itanga uburyo bwo gusahiriza ingo yari ikwiye kugira ico ikoze mu gufasha muri bene izo ngo aho umugore ari we yinjiza umushahara wenyene, bigatuma amikoro y' umuryango muri rusange aba make.
Si vyose ari bibi
N'aho biri uko, iyo abagabo bavuye mu kazi gahemba umushahara, hari igihe bigira inkurikizi nzinza ku muryango.
Mu Bwongereza, muri rusangi, abagabo bamarana umwanya munini n'abana babo ugereranije n'uko vyahora mbere.
Kandi ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko, abavyeyi baguma muhira bamarana umwanya munini n'abana.
N'ibisanzwe rero ko abagabo badafise akazi batondako hanze bamarana umwanya munini n'abana ugereranije n'abagabo canke abagore bakora akazi ko hanze y'urugo kinjiza umushahara. Ariko usanga ata mwete bagira wo kwongereza uruhara rwabo mu bikorwa vyo mu nzu, nk'uko biri ku bagore batagira akazi ko hanze nk'uko kwabo.
Uko biba bimeze kwose, abagore usanga ari bo bitaho kurusha ibikorwa vyo mu nzu, bakora canke badakora, nk'uko biri mu cirwa cakozwe muri leta zunze Ubumwe za Amerika n'ikigo Pew Research Center mu 2023.
Akaruhuko ku bagabo bavyaye
Mu bihugu bimwe bimwe birimwo Brezil, harategekanijwe iminsi mike y'akaruhuko ku bagabo iyo abagore babo bavyaye, kandi birafasha kuroranirwa hagati y'umugabo n'umugore, ndetse no mu migenderanire hagati y'abana na se, n'aho boba bamaze gusubira mu kazi.
Abagabo bafata ikonji (conge) bavyaye, bagirana imigenderanire myiza kurusha n'abana babo, abo na bo bagakura babona akazi ko mu rugo kagabanganijwe neza hagati y'abavyeyi.
Ibi bisobanura ko uburyo abavyeyi bagabangana ibikorwa vyo muhira, bizotuma abana babo bakura bagashika mu bigero babona uko bikwiye kugenda mu rugo.
Kandi kugabangana neza ibikorwa vyo mu rugo, birafasha abagore bari mu kazi kukitaho neza, ivyo bikabongerereza amahirwe yo kwongera umushahara.
Ariko inyungu z'aya mahinduka mu kibano ku bagore hoho zirarushirije.
Icigwa cakozwe mu miryango yo muri Mexique cerekanye ko, uko abagore bagira amahirwe yo kuja mu kazi ko hanze y'umuryango kabahemba umushahara, ni ko n'ubushobozi bwabo mu bindi bisata bwiyongera.
Mu yandi majambo, uruhara rwabo mu kugira ijambo ku butunzi bw'urugo ruriyongera.
Hari n'ubundi bushakashatsi bwerekana ivyo. Iyo umugore ashobora kwibako mu bisata bimwe bimwe atahora ashobora kera, ivyo biratuma amikoro yiwe yiyongera, ndetse no mu bindi agatera imbere harimwo no mu kazi.
Guhindura ibintu, mu buryo butuma biba ibisanzwe ko umugabo ashobora kuva mu kazi kamuhemba umushahara akaja kwitaho umuryango, birashobora kwongerereza imibereho myiza umuryango muri rusangi.
Ivyavuye mu matohoza yakozwe muri Suede vyerakanye ko, nk'akarorero, igihe hatangura gushirwa mu ngiro ingingo yo guha akaruhuko k'ukwezi kumwe abagabo bavyaye, abatanguye kugafata mu 1995, muri uwo mugwi ivyago vyo gutandukana n'abo bubakanye vyaragwiriye.
Ariko, igihe ako karuhuko kongerezwa kagashirwa ku mezi abiri, mu 2002, ivyo vyo kwahukana ntivyasubiriye.
Mubisanzwe, abavyeyi bompi, umugabo n'umugore muri Suede, umwe wese afise amezi atatu y'akaruhuko, aca atakaza iyo atayakoresheje. Kandi urugero rw'ikoreshwa ry'ayo makonje ku bagabo ruri hejuru. Ahubwo ubu, ikizira ku bagabo ni ugutakaza ako karuhuko k'ubuvyeyi bagenewe.
"Umugabo- mwana"
N'ubwo benshi basigaye babibona nk'ibisanzwe ko umugore akwiye guhabwa ikibanza co kwironderamwo ubushobozi bwo kwunganira urugo muri kino gihe, abantu ntibafata ibintu kumwe.
Icigwa cakozwe ku kigo Ipsos, na kaminuza ya King's college London mu Bwongereza, cerekanye ko abarutse vuba bari mu myaka iri hagati ya 18 na 28 igihe cakorwa (abo mu runganwe ruzwi nka generation Z) ni bo bagaragaye ko batumva ibintu kumwe na mba.
Icigwa cakozwe mw'isi hose ku bantu 24 000 casanze ko abagabo bakiri bato bashobora gufata y'uko umugabo aguma mu rugo kugirango yiteho abana aba ari "umugabo-mwana" (atuzuye).
Mu bagabo bo muri Generation Z, 28% baremeranya n'ico ciyumviro, ariko 19% vy'abagore b'urwo runganwe ni bo bavyemera uko. Kandi, mu zindi ngero z'imyaka, ivyo biharuro biri hasi.
Na yo ku kibazo c'uko biteze ko abagabo ari bo bagira uruhara runini mu gushigikira uburinganire hagati y'abagabo n'abagore, ibice 60 % vy'abagabo muri urwo runganwe rwa generation Z ni ko bavyemera, mu gihe abagore ari 38%, muri urwo runganwe nyene. Na yo mu runganwe rw'abavutse hagati ya 1946 na 1964, ivyo biharuro bimanuka kuri 44% ku bagabo na 31% ku bagore.
Porofeseri Heejung Chung, wo muri King's College London, araba ibijanye n'akazi, ari mu bakoze ico cigwa.
Aremeza ko inyifato nka bene izo ziriko ziragabanuka, ku ruhande rumwe bitumwe n'uko abagore basigaye biga bakaminuza kurusha abagabo.
Ni yo mpamvu kumbure, abagore barenza imyaka 20 usanga barusha imishahara abagabo barenza imyaka 20. Kandi ku ncuro ya mbere, mu baganga bo mu Bwongereza, abagore bararusha abagabo igitigiri.

Ahavuye isanamu, Serenity Strull/BBC/Getty Images
Chung asigura ati: "Mu bisanzwe, turabona ibimenyetso vy'uburinganire mu bisata bimwe bimwe.
Kandi abakiri bato ntibazi ibibazo vy'ubusumbane bigihanze abagore bamwe bamwe muri bino bihe, ari na yo mpamvu hari abacibaza ko "abagabo batereranywe."
Iyindi mpamvu y'ubu budasa bw'uko abantu bumva uburinganire n'uko ivyiyumviro canke uko abantu bategera icari co ubugabo bidahinduka hose.
Icigwa cakozwe na porofeseri Rosie Campbell, na we nyene wo muri King's College London, casanze hari ubutandukane bunini bw'ivyiyumviro kuco ari co ubugabo, cane cane mu barutse vuba.
Abagabo n'abagore usanga batavyumva kumwe, nk'akarorero, kuvuga ko bigoye kurusha muri kino gihe, kuba umugabo canke kuba umugore.
Agira ati: "'Feminisme' ikwiye kuvuga ku buringanire hagati y'ibitsina vyompi, hagati y'abagabo n'abagore. Birumvikana ko kuba harimwo iryo jambo 'feminin', bituma hari abayibonamwo ikumira."
Ni yo mpamvu Campbell asaba ko hakwiye ibiganiro vyuguruye mu bakiri bato, cane cane mu mashure, kuco bakwiye gutegera kuri 'feminisme' na 'masculinité'.
Agira ati: "Dukwiye kwiyumvira neza, ku buryo tuvugana n'abakiri bato b'igitsina gabo, kuco bakwiye gutegera ico arico umugabo muri kino gihe, n'icitegererezo bafise."
Ibi birakwiye cane uravye ingene ku mbuga hakomeza kuduga uruhara rw'abakokeza ingendo yo gufata nabi abagore hishimikijwe igitsinagabo (influence misogyne) nk'uko biherutse kwigaragaza mu rukurikirane rw'agakino ko kuri Netflix - Adolescence.
Ubugabo "burangwa n'ubushishozi "
N'ubwo biri uko, ubushakashatsi buheruka gukorwa na Chung na bagenzi we, bwerekana ko abantu benshi bemeranya ko bikenewe gushika ku buringanire.
Hari ubushakashatsi buriko buragwira bwerekana ko abagabo basa n'abariko barahindura ivyiyumviro ku buryo babona ubugabo ico ari co, aho bashiramwo ko kuba umugabo harimwo no kuba umuvyeyi yitaho umuryango, afise impuhwe z'abandi, hamwe n'izindi ndangagaciro zitandukanye n'ubumenyi bwo mu buzima bwa minsi yose bukunze kwitirigwa abakenyezi.
Ukwo gutahura kuje gusubirira ivyiyumviro vy'uko ubugabo busigura ubushobozi bwo kuronka uburyo bwo kwitaho umuryango.
Karla Elliott, wo muri kaminuza ya Monash i Melbourne, muri Australie agira ati: "Si ukuvuga gusa ko umugabo ari uwukora ibintu vyiza akabihemberwa neza. Harimwo no kuba ari abantu bafasha mu bindi bikorwa bigoye canke bitaryoshe".
Igikorwa ca Karla Elliot cerekana ko kugira uruhara muri bene ivyo bikorwa vyo kwitaho abandi bituma umuntu agira igishika ku bandi gusumba.
Elliott asobanura ko, kugira ngo iyo nyifato nshasha yo kutabona umugabo mu gaciro k'umushahara yinjiriza urugo gusa ikwiragire henshi, kandi n'abagabo bashobore kwitaho ibikorwa vyo gufasha bitari ibibazanira amafranga gusa, bakwiye kwiyambura ivyiyumviro vyo kwifata nk'abari hejuru y'abandi no kudashigikira ibibangamira uburinganire.
Abashakashatsi barashigikiye politike zifasha kwongera ikonje y'ubuvyeyi (vy'umwihariko ku bagabo), zishobora gufasha kugira abagabo baronke akaryo ko kwitaho ibikorwa vyo mu muryango. Ibi kandi bituma kwihariza uruhara rwo kuronderera amikoro umuryango bitaja ku gatwe kabo bonyene nk'abagabo, kandi bifasha abagore na bo kubunganira muri urwo ruhara rwo gusumira umuryango kurusha.
Bizotwara igihe
Ingingo za politike zishobora gufata igihe. Ni yo mpamvu igishobora gukorwa na buri muntu ari ugutanga ubutumwa ku vyo twiteze ku ruhara rwacu mu kibano.
Elliot yemeza ko hari akaryo keza. Ni yo mpamvu iyo abagabo babona ko umushahara w'abagore babo ari intambamyi ku kwiyumvamwo agaciro, ariko karyo kuri bo ko kubaza umutima ku mpamvu zituma biyumva uko, - kandi, birashoboka, guheza bakazirikana ku mutima ku vyiyumviro bafise bifatiye ku budasa hagati y'ibitsina."
Kubera ibitigiri vy'abakenyezi biharije ku gatwe kabo igikorwa co kuronderera umuryango amikoro bitera bigwira, ayo mahinduka mu butunzi ashobora kuzohava aba nk'ibisanzwe uko igihe gitera gishira. Kubera ivyo, mu ngo zimwe zimwe zirimwo abana, abagabo bazohava bahindura, hejuru y'ako kazi kabaha umushahara bashiremwo uruhara rwabo mu kazi ko muhira harimwo kuraba abana.
Ivyo na vyo bizotuma abagore bafise imishahara yisununuye, bagira ubushobozi bwo gukora imyuga yabo.
Ivyo vyose bizotwara igihe. Ariko guhindura inyifato, bishobora gufasha guhindura n' ivyiyumviro vyo kwitega ko umugabo ari we ajejwe kumenya igitunga umuryango gusa, umugore na we akaba uwo kubazwa ibikorwa vyo mu nzu.
Ni muri iyo nzira bizoshoboka kwongera kugubwa neza mu migenderanire y'abagize umuryango no kuzana uburinganire mu bubasha bompi bafise hagati yabo.













