Kubera iki bitugora kuvuga oya?

Umugore yerekana ikimenyetso ca oya

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Fernanda Paúl
    • Igikorwa, BBC News Mundo

Uramaze kwemera gukora ikintu kubera ubwoba bwo kuvuga oya?

Nivyaba bimaze kugushikira, umenye ko utari wenyene. Ivyigwa vyerekana ko abantu benshi bafise ingorane yo guca umurongo ntarengwa.

Impamvu ni izihe? Muri zo, harimwo ubwoba bwo gukumirwa, bwo kuboneka nabi canke ugushaka gushimisha abo muri kumwe.

Umuhinga w'umunya-Espagne mu vy'imitsi yo mu mutwe, Alba Cardalda yarafashe ingingo yo kuvyigako ku buryo bwimbitse inyuma y'aho aboneye benshi mu bamwitura bafise ingorane mu migenderanire yabo kubera gusa badashobora kuvuga "oya".

Ubushakashatsi bwavuyemwo igitabo Cómo mandar a la mierda de forma educada ( Maison d'édition Vergara), aho yerekana akamaro ko guca umurongo ntarengwa mu kwiyemera.

BBC Mundo yaravuganye na Cardalda, yibutsa ko uburyo gusa bwo kwubaka imigenderanire itagira agatosi ari ukuba imvugakuri n'ukwubaha umurongo ntarengwa wawe n'uwo abandi.

Alba Cardalda

Ahavuye isanamu, Sabrina Solfa

Insiguro y'isanamu, Alba Cardalda n'umwanditsi w'igitabo Cómo mandar a la mierda de forma educada.

Kubera iki bitugora kuvuga oya?

Ni ukubera tutarezwe muri iyo nzira yo kuvuga oya no gushobora kubivuga n'urupfasoni canke wihagazeko. Ahubwo twarezwe ngo tunezereze abandi tutitayeho ivyacu.

Kenshi twibaza ko twikunze gusumba, mbere ko turi babi, iyo twanse ikintu. Batwigisha kwitaho ubwa mbere ivyo abandi bashaka canke bategetse, no kutitaho uko twiyumva canke kuvugisha ukuri ivyo dushaka n'ivyo tudashaka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyo biva ku ruhande rumwe ku kuba twama turondera gushimagizwa n'abaturi hagufi.

Kudashobora kuvuga oya bitugirako izihe ngaruka?

Kudaha agaciro ivyo dukeneye koko gukora bituma tuja turamererwa nabi buke buke ariko amaherezo bikagira ingaruka ku buzima bwacu no ku magara.

Kuko ni ibintu bishika misi yose, n'aho tutabibona. Nk'akarorero, nk'iyo uwo mukorana abasavye ico mumufasha - kumusubirira canke gukora ibikorwa mutari mujejwe - ariko mukaba mudashobora kuvuga oya.

Canke muri kumwe n'abagenzi canke abo mu muryango, bakazana ikintu co gukora, hanyuma rimwe na rimwe tudashaka kugikora vy'ukuri kubera turushe, ariko tukaruhira gukora ikintu tutari dushaka gukora.

Kuturundako ibintu tudashaka gukora - canke tudafise umwanya wo gukora - bituma twumva turengewe, duta n'umutwe.

Ku rundi ruhande, bigira ingaruka ku kwiyemera, kubera gufata minenerwe ivyo twipfuza bituma haba ukwihungabanya kuri twebwe nyene. Kureka kwiyitaho biragira ingaruka zikomeye.

Mu gitabo cawe, uvuga ko ubwoba canke kwicuza bifise na vyo nyene uruhara rukomeye ku bantu badashobora kuvuga oya.

Igihe batwigisha kuva tukiri bato ko kuvuga oya bishobora gutuma dukumirwa canke ko batwiyumvira nabi , ivyo vyazanye ubwoba kuko n'igeramirwa ry'ishusho ryawe ryashinze imizi mu kwiyemera kwawe.

Impera n'imperuka turi abantu bategerezwa kubana n'abandi, rero aho tubaye haratugirako ingaruka cane.

Dutegerezwa rero gukora buhoro buhoro; ntitwizere ko dushobora gutsinda ubwoba canke kwicuza ubwo nyene.

Ubwa mbere hoho, dutegerezwa gutahura no kumenya ibintu bituma tudashobora kumenya umurongo ntarengwa. Kubera iki ntankiye urya muntu? Mfise ubwoba ko yohava ashavura canke ko yiyumvira ko nikunda canke ko ntari umugenzi mwiza, umuhungu wiwe mwiza canke uwo bubakanye mwiza? Iyo uriko uriyishura kuri ivyo bibazo, ni ho ushobora gutora ahari ingorane.

Uhereye aho, ushobora kwiha utuntu duto duto utegerezwa gukurikiza buri musi kugira utsinde ubwo bwoba.

Nk'akarorero, kwimenyereza kuvuga "oya" mu buryo numva nisanzuye. Kuko kuvuga "nsinshaka" si co kimwe no gutanga impamvu yumvikana ariko kandi y'ukuri kandi n'icubahiro ku co ushaka.

Umugore ariko aratungwa urutoke

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nk'uko bivugwa n'umuhinga w'ingwara zo mu mutwe, kuguma urondera gushimwa n'abantu bishobora gutuma bikunanira guca umurongo ntarengwa

Mu matohoza mwagize, muravuga kandi hariho imbibe zitandukanye, nk'imbibe zo ku mubiri n'izo inyifato, kandi izo ziragoye kubona. Kubera iki?

Kubera ari imbibe zitaboneka. Kandi kubera ico nyene, ntivyoroshe kumenya ryari wazirenganye. Si nka kurya wugara urugi rw'icumba uryamamwo, biragoye gutahura gusumba.

Ni co gituma ari ngombwa ko wimenya wewe nyene. Kimwe mu bintu nsaba abantu ni ukumenya aho ugarukiriza mu biganiro n'ivyo udashobora kuganirako. Uko kuri kugufasha kudata umwanya ku bintu bitagufitiye akamaro.

Ariko uburyo bwonyene bwo kwikingira n'ugushiraho umurongo ntarengwa. Kubera vyerekana uko ubucuti dufitaniye n'abandi bumeze kandi ko bufise akamaro mu kugirana imigenderanire myiza no kubana n'abantu badufata neza.

Rero nibaza ko turi kumwe n'abantu batadufata neza canke batubahiriza iyo mirongo ntarengwa, ni ukumenya kubigirwayo.

Mu yandi majambo, dusubiyemwo ijambo ry'umutwe ry'igitabo canyu, " n'ukubwira abantu uti gwa hiyo"...

Ni uko nyene.

Iyo umuntu arenze ku murongo incuro nyinshi, birumvikana ko umubwira uti gwa hiyo.

Ni bwo buryo bwonyene bwo gukingira agateka kawe. Ikindi kandi, biratanga umutekano mu mushaha kandi birakenewe ku magara yacu ajanye n'inyifato. Ni ngombwa kuri twebwe.

Igica kiba, ni uko uwo wundi muntu atangura ubwo nyene kukwubaha.

None womubwira gute ngo gwa hiyo mu rupfasoni?

Ico nama nsaba misi yose, ni ukuvuga utarya umunwa ubwa mbere. Mu gihe umuntu ariko araducenga canke ariko aratuma twiyumva nabi, haguca tumera nka we mu kurondera ivyitwazo, n'ukumubwiza ukuri ata guca hirya no hino.

Hariho abantu batuma mwitako umwikomo kandi nibaza ko ari ukugerageza umuntu bikomeye.

Akarorero ?

Igihe dukoreye ikintu uwundi muntu, twitega tutavyitayeho ko uwo muntu nawe abikora uko. Igihe rero atabikoze, duca dushavura.

Uburyo twitwara kugira uwundi muntu yiyumve nabi mu gihe adakoze ico dushaka birafise akantu ko kugerageza umuntu. Ariko birakenewe cane ko tukamenya kugira ubucuti bwacu ntibutosekare, kandi ntibuhagarare ku bintu vyo kugeragezanya.

Abagabo babiri bariko baratwenga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ni gute gukomeza ubucuti nyabwo bishobora gufasha ku mibereho yacu myiza n'umunezero?

Ivyavuye mu cigwa kirekire ku munezero utarigera ushikwako - cakozwe na Robert Waldinger, umwigisha ku bijanye n'ingorane zo mu mutwe muri kaminuza ya Harvard - abantu banezerwa cane mu gihe hari imigenderanire myiza aho basanzwe babaye.

Uwo mwanzuro wabaye ikintu gikomeye kubera imbere y'aho, bemeza ko kugira unezerwe, vyasaba kwinonora cane, kwegera cane ibidukikije, kuba utunze cane, gukora mu kazi ukunda... ariko ico cigwa cerekanye ko igihambaye cane ari ukugumana imigenderanire nyayo n'abandi bantu.

Kandi kugira iyo migenderanire ibe myiza, kimwe mu bikenewe ni uko haba ukuri. Abantu bategerezwa kuvuga ukuri ata guca hirya no hino. Ni ukureka ibintu bishobora guhungabanya abandi canke birenga ku murongo ntarengwa.

Mu gitabo canyu, muvuga ko atawotahura umurongo ntarengwa atavuze uburenganzire umuntu arekuriwe vy'ibanze mu bijanye no kwiyemera. Ni ubuhe?

Ni uburenganzira dufise twese nk'abantu kandi butegerezwa kwubahirizwa.

Nk'akarorero, uburenganzira bwo kugira iciyumviro cawe, kuvuga oya canke ego, uburenganzira bwo gufatwa mu cubahiro n'agateka, guhindura iciyumviro, kugenzura umwanya wawe, umubiri wawe hamwe n'ubuzima bwawe.

Ubwo burenganzira burahambaye cane. Ni ukubuvuga ata guca iruhande n'ukwubwubahiriza haba ku bandi canke kuri wewe nyene.

N'uruhe ruhara rw'imigenzo itandukanye muri ivyo vyose? Hoba hariho uturere aho abantu bafise ingorane yo kuvuga oya gusumba ahandi?

Ego, imigenzo irafise uruhara rukomeye cane.

Tuvuze kwiyemera no gushiraho umurongo ntarengwa, nibaza ko bigoye kumva muri Amerika y'Epfo kuko ho abantu nta co bibabwira. Mbere kurenza imigenzo y'abamuka mu Bwongereza [anglo-saxonne.].

N'aho abamuka mu Bwongereza basa n'abisonera, "oya" isa canke ni uburyo bwo kwubaha mu mvugo ya poritike itomoye. Muri Amerika y'Epfo ariko "oya" isa n'iyigaragaza kutamenya kubana n'abandi.

Hari kandi ubudasa hagati y'abagabo n'abagore. Abagore basa n'abavyorosha gusumba abagabo.

Idini na ryo nyene rirafise uruhara ruhambaye, igicumuro c'inyanduruko mu migenzo y'Abayahudi n'abakristu [culture judéo-chrétienne ] bifitaniye isano no kwicuza gushiraho umurongo ntarengwa canke kuvuga ico wiyumvira vy'ukuri canke ukeneye.

Umuntu afise terefone

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ku ruhe rugero bigoye kuvuga oya muri iki gihe c'ubuhinga bwa none aho, mu buryo bumwe canke ubundi, birushiriza kuba nkenerwa ko hagira abantu bemeza [ivyo uba ukeneye]?

Gukenera ko haba uwemeza ivyawe biri muri kamere k'abantu. Kuko turi ibiremwa bishiranako, abantu babana n'abandi. Turakenera ivyemejwe n'umugwi kugira tubeho kandi ni co gituma ari ngombwa kuri twebwe.

Ingorane zishika igihe iryo hayagizwa mu mibano rirenze urugero, ibintu, kuri jewe, biba kenshi na kenshi, bigaterwa ku ruhande rumwe n'imbuga hwaniro, ziharura uko wemewe mu mibano hafatiwe ku ma "likes".

Iyo umuntu akeneye guhayagizwa hanze kugira yumve ko afise akamaro, ivyo bituma haba akamenyero atari ko, kuko uca utakaza ubuntu bwawe n'ubushobozi bwo gufata ingingo. Ivyo rero biratumerera nabi kuko dufata ingingo zifatiye ku gushaka kunezereza abandi.

Uko gushaka guhayagizwa vyoba bihinduka ku myaka?

Ego, uko ugenda ukura, ugenda ureka kwitaho ivyo abandi bavuga. Ntiwabikunze? Nta kundi.

Umuntu aha agaciro abamwegereye, kandi ivyo nta co bitubwira mu gihe umuntu adakunda ivyo bavuga.

Ni no guha agaciro akamaro k'umwanya. Mu gusaza, duca tubona ingene umwanya ari ikintu ngirakamaro, ku buryo ugenda wihuta cane. Ubu rero turazi ico dukwiye gushira imbere.