Ikiguzi c'urukundo: umugore yubahutse kuvuga ihohotera rifatiye ku mafaranga muri Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Celiwe Ndaba / Facebook
- Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
- Igikorwa, BBC News
Umuganga w'umugore akiri muto muri Afrika y'Epfo yatanguje ikiyago mu gihugu cose ku buryo bwo guhohoterwa mu rugo akenshi budakunze kuvugwa: ihohotera rishingiye ku mafaranga.
Mu rukurikirane rw'ama video yarabwe na benshi, Dr Celiwe Ndaba yarugurutse aravuga ingene umugabo wiwe yamuririyeko amafaranga yiwe, ingene vyashitse kure gushika n'aho bituma bahukana (batandukana).
Rimwe na rimwe yicaye mu modoka yiwe agiye ku kazi, uwo mugore w'abana batatu yamaze indwi zibiri asohora ku mbuga hwaniro amavideo asigura ingene n'ubwo yari afise akazi keza yamaze imyaka aboshwe n'ibibazo vyo mu rugo, yumva arenganywa n'ingene umugabo wiwe yakoresha amafaranga – cane cane kwama ashaka kunyonga imodoka ya Mercedes Benz.
Gufata amadeni ngo amugurire bene izo modoka, ni yo ngingo ''ya mbere mbi'' yafashe mu buzima bwiwe, ashira umuryango mu bibazo bikomeye vy'amafaranga, niko Dr Ndaba avuga. Kuva atanguye kuvuga ku mugaragaro iyo nkuru yiwe yaciye asubira gukoresha izina ry'iwe ryo mu bwana ubu abamukurikira ku mbuga hwaniro bakaba baciye biyongera cane.
N'aho yaguma asaba umugabo wiwe kugabanya uburyo bwo kubaho, avuga ko yanse – amwagiriza ko ashaka ''kumugira iciro ry'umugani mu kumubwira kunyonga akamodoka gatoya''.
Uwo muganga avuga ko yafashe ingingo yo kuvugira ku mugaragaro kuko yashaka kugabisha abandi – ko atari abagore ''batize'' kandi ''b'uburyo buke'' bonyene bahura n'ibibazo vyo guhohoterwa mu ngo.
Uwo mugabo wiwe, Temitope Dada, BBC yamusavye kugira ico abivuzeko, ariko ntaco arishura.
Muri ico gihuhusi c'ikiyago ku mbuga hwaniro, yaciye yugurura ikibanza kuri TikTok, aho muri imwe muri video za mbere yashizeko yemeye ati: ''Jewe mumenye ko ari …Benz canke ata kindi.'''
Ubutumwa bukeya yasohoye bugendana na hashtag nka #divorcetrauma [ihahamuka ryo kwahukana] – avuga ko ivyo yagirizwa ari ibinyoma.
Ariko mu kibanza c'aho wandika ico ushikirije kuri TiTok ya Dr Ndaba n'izindi mbuga hwaniro ubu hahindutse urubuga rw'imigwi yo kumushigikira, rwuzuye inkuru nk'izo z'abagore binjiza amafaranga abeshejeho imiryango yabo.
''Uri intwari kuba wavugiye ku mugaragaro… maze imyaka myinshi mbabara mu gacerere,'' niko umwe yanditse.
Bertus Preller, umushingwamanza akorera Cape Town, avuga ko naho abagaore muri Afrika y'Epfo basigaye baba abaganga, abashingwamanza, abagwizatunga, kuronka ubuzi buhemba menshi ntibisigura ko bica bibabohora imizana y'uko urugo ari umugabo.
''Ubwigenge bw'abagore mu buryo bw'amafaranga busekana n'''imico ishira imbere ijambo ry'umugabo'', niko avuga.
Ahubwo, uko batera imbere niko bibakwegera ingorane.
Ihohotera rishingiye ku mafaranga riba iyo umwe mu bubakanye yiganza ku buryo bw'uwundi canke akabukoresha nabi, nk'uko uwo mushingwamanza abisigura.
''Ni uburyo buteruye ariko bushobora kuvamwo ubugizi bwa nabi bwo mu ngo, bugamije kuguma ugenzura uwo muntu,'' niko avuga.
Muri Afrika y'Epfo, ivyo biranditswe ko ari ihohotera rifatiye ku butunzi mw'itegeko rikumira ubugizi bwa nabi bwo mu ngo (Domestic Violence Act).

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwigisha wa kaminuza, atashatse kumenyekana izina, yabwiye BBC ingene umugabo wiwe yari yamubeshe ku mashure yize amaherezo akamusiga mu bibazo bikomeye vy'amafaranga.
Vyahereye ku mudoka yiwe uwo mugabo yakunda kunyonga ariko ntiyigere ayishiramwo igitoro. Hanyuma amadeni yamufatiye kenshi ngo akore ivyashara ariko vyose bikanka. Noneho haza ikete ryo kubasohora mu nzu kuko avuga ko yari yahagaritse gutanga amafaranga yo kuriha inzu, akamureka akaba ari we wenyene ariha ibiraba umuryango vyose, warimwo abana batatu.
N'aho vyari uko, baragumanye imyaka hafi 10 – n'ubwo n'ihohotera ryo ku mubiri yarimugirira.
''Ni mwiza cane … nakunda ubwiza bwiwe, ivyo yifuza gushikako. Ariko ntiyigera abishira mu bikorwa. Ubwishime bwiwe nibwo bwamwica,'' niko avuga.
Niyo aronse amafaranga, naho nyene ntaco yatanga i muhira.
''Yaciye atangura kuja arabikura amafaranga yari afise akayagira ayiwe gusa. Yaragenda kunywa inzoga n'abagenzi, akagaruka – umushahara waheze,'' nk'uko uwo mwigisha avuga.
Umuhinga mu vy'amafaranga Somila Gogoba avuga ko uretse kugenzura amafaranga, ihohotera rifatiye ku mafaranga rimwe na rinwe rigira imizi ishika no ku nyifato.
''Ku uwukora ihohotera, iyo nyifato ishobora kuba iva ku kutagira neza ico amaze, gutinya guhebwa, canke kurondra kuganza,'' niko yabwiye BBC.
''Ku uwurikorerwa, ingaruka ku nyifato yiwe harimwo kwumva ko ataco umaze, ubwoba, no kubura ubwigenge, ivyo navyo bikaba bishobora gukongataza.''
Ubushakashatsi bwo kuri kaminuza ya Afrika y'Epfo bwerekana ko ivyo atari ibishikira umuntu umwe umwe gusa – kandi ko abagore binjiza amafaranga menshi kurusha abagabo babo bagira ivyago vyinshi vyo gushobora guhohoterwa n'abo babana.
Icigwa ku bagore 10 ari bo ahanini babeshejeho imiryango yabo, babiri bonyene nibo babana n'abagabo.
''Kuri mumani muri abo, guhitamwo kuba bonyene vyavuye ku vyo baciyemwo vy'amabi ku mubiri, ku bijanye n'imibonano mpuzabitsina no ku marangamutima… Abagore bose bavuga ko bumva kuba ari abo bazana ibibeshaho umuryango vyaboneka ko ari ukugeramira uruhara kama ry'umugabo rwo kubeshaho umuryango,'' bivugwa n'umushakashatsi Biance Parry.
Abagore b'abirabure baganzwa n'abagabo kabiri: ivyo baba bitezweko ku kazi k'imico y'abanyaburaya, n'ivyo baba bitezweko mu rurgo. Ivyo bibiri bisekanye ingorane zirakomera''
Madame Gogoba avuga ko abagore bazana ibibeshaho umuryango bahabwa agaciro gato ugereranije na bagenzi babo b'abagabo, n'ubwo baba baterera kinini mu butunzi: ''Uwo muco urashobora gutera intege bamwe bamwe mu bagabo kumva ko ari uburenganzira bwabo kugenzura amafaranga, n'aho bo boba badaterera ku rugero rungana.
''Iryo genzura si ku mafaraga gusa – ni no ku bubasha no kuguma wifatiye imigenderanire yose.''
Nombulelo Shange, umwigisha w'ibijanye n'imibano kuri kaminuza ya Free State, avuga ko ivy'uko abagore bakora ubuzi batisanzura mu gukoresha amafaranga binjiza biguma vyiyongera muri Afrika y'Epfo.
''Abagore b'abirabure baganzwa n'abagabo kabiri: hari ivyo baba bitezweko ku kazi kagendera ku mico y'abanyaburaya, hakaba n'ivyo baba bitezweko mu rugo. Iyo ivyo bibiri bisekanye, ingengavyiyumviro mbi zica zikomera,'' niko yabwiye BBC.
Uwo mugore asigura ko gufatanya kuba umugore ateye imbere, ariko ukaguma ari ''uwitaho umuryango, nyina w'abana, umugore mwiza, umubanyi mwiza n'uwo mu kibano aja mu misa buri wa Mungu, vyari bigoye kuko abagore bakuze bigishwa ko mu guca impande y'abagabo ugenda urayomboka.
Kuva Dr Ndaba ashize ahabona inkuru yiwe, abagore ku mbuga hwaniro baratanze izabo z'ingene baha abagabo babo amakarata ya banki iyo bagiye hanze gufungura kugira biboneke ko umugabo ari we ariko arariha ivyo kurya.
Ku bwa madame Shange ivyo vyerekana ingene umutwaro w'umunezero w'urugo usanga akenshi uri ku gatwe k'umugore.
''Uribaza uti: 'Hamwe nobagurira imodoka, boryoherwa.' Urukundo rugutuma utabona. Iyo umuntu wawe biriko biramugora nawe biba bikugoye – ushaka kubitorera inyishu,'' niko yavuze.
Igihe uwo mwigisha wa kaminuza yahukana n'umugabo wiwe, yamusigiye amadeni angana na $7.500 (hafi miriyoni 22 z'amafaranga y'Uburundi ku rugero rwa banki) – yose yanditse kw'izina ryiwe.
''Kare narategakanya ibintu nk'uburuhuko. None ubu sinkibishobora,'' niko avuga.
Dr Ndaba vyaramugoye kubibwira abamukurikira, nk'uko yabivuze muri imwe mu ma video yashize ku mbuga hwaniro: ''Amafaranga ni kimwe mu bintu bikomeye bigize ingo z'abantu.''
Uwo mwigisha wa kaminuza aravyemera cane, agahanura abagore gufata umwanya ukwiye wo kumenya neza abo bubakanye hanyuma bayage batabeshanya.
''Muvugane ibibazo vy'amafaranga, muvugane kahise kanyu, muyage kamere zanyu uko muteye.''
Madame Gogoba ahimiriza abantu kwikingira bo nyene abo bubakanye, ababwira kugira konte ya banki yabwo bwite, babike imfunguruzo-kabanga (pin) zabo hanyuma bagume bagenzura ingene amakarata y'umukopo (carte credit) yabo ya banki akoreshwa.
Bose bemeranya ko abagore bategerezwa gutahura ko urukundo rudategerezwa kuzanana n'igiciro kibavuna.













