Macron yahagurukiye ihohoterwa ry'abagore

Emmanuel Micron

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Perezida Macron yafashe umunota wo kwunamira abagore bahitanywe n'ihohotera

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron avuga ko yoshigikira amahinduka ku mategeko yotuma kuryamana n'umukobwa atarenza imyaka 15 bihanwa nk'icaha.

Perezida Emmanuel Macron avuga ko bidashobora kwihanganirwa kubona itegeko ry'Ubufaransa adatomoye neza, ku buryo hari abantu babiri baheruka kugirwa abere ku caha co gufata ku nguvu abana b'imyaka 11.

Abashikirizamanza ntibashoboye kwerekana neza ko abo bantu batumvikanye n'abo bana bahohoteye.

Perezida Macron avuga ko inama nshingamateka igiye kwiga ico kibazo, ndetse itegure n'itegeko ryo kwongera igihano ku bahamwe n'icaha co gufata abana ku nguvu, kikava ku myaka 20 kikaja ku myaka 30.

Mw'ijambo yatanze kuri uno munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akoregwa umukenyezi, perezida Macron yavuze kandi ko biteye isoni ku Bufaransa, kubona buri minsi itatu hicwa umugore.