Umunsi wahariwe abagore, kuki ukenewe?

Umugore ariko arasemerera yambaye igitambara c’ibara ry’ikiremve mu mutwe, yisize n’akabara k’ikiremve ku maso, nayo mu biganza yisize irangi ritukura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibiharuro vyo mu mwaka wa 2024 bitangwa na Global Gender Gap Index, vyerekana ko ata gihugu na kimwe kirashikira uburinganire ku burenganzira hagati y'abagabo n'abagore.

Hashize imyaka irenga ijana, abantu hirya no hino kw'isi bahimbaza umunsi wahariwe abagore kuwa 08 Ntwarante/Werrurwe.

Ni umunsi wo gushigikira no guhimbaza ibikorwa vy'intashikirwa vy'abagore, bongera bakangurira isi ikibazo c'ubusumbane n'ikumira abagore bakorerwa.

Ariko none ni kuki uwo munsi ari ngombwa?

Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore watanguye gute?

Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore wakomotse kw'ishirahamwe ry'abakozi.

Imbuto yawo yatewe mu 1908, aho abagore 15.000 bahurira mu rugendo muri New York City mu myiyerekano yo gusaba kugabanirizwa amasaha y'akazi, akarusho ku mishahara n'uburenganzira bwo gutora.

Inyuma y'umwaka, umugambwe Socialist Party of America waciye utangaza umunsi wa mbere w'abagore ku rwego rw'igihugu.

Clara Zetkin ariko araba muri Camera

Ahavuye isanamu, Topical Press Agency/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Clara Zetkin yashinze umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore mu 1910

Iciyumviro co kugira uwo munsi w'abagore umunsi mpuzamakungu, caturutse kuri Clara Zetkin, umudagikazi yagendera ku vyiyumviro vya gikumunista (communist) akavugira n'ubureganzira bw'abagore.

Muri 1910, yabishize ahagaragara mu nama mpuzamakungu y'abagore yabereye i Copenhagen.

Iciyumviro ciwe caciye gishigikirwa n'abagore bashika 100 bari baturutse mu bihugu 17 bari muri iyo nama.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore wahimbajwe ku ncuro ya mbere muri Danemark, Ubudagi n'Ubuswise.

Wahavuye wemerwa ku mugaragaro n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 1977. Icivugo ca mbere ONU yashigikiye (co mu 1996) cavuga ngo "Celebrating the Past, Planning for the Future", umuntu yogereranya no "Guhimbaza kahise, gutegura kazoza".

Kuki umunsi mpuzamakungu w'abagore uhimbazwa kuwa 08 Ntwarante/Werurwe?

Iciyumviro c'umupfasoni Zetkin co guhimbaza umunsi mpuzamakungu nticari gishingiye kw'itariki canke umunsi runaka.

Itariki ya 08 Ntwarante yatowe n'abagore b'abarusiyakazi, basaba "umukate n'amahoro" mu myiyerekano yo mu ntambara yo muri 1917.

Inyuma y'iminsi ine bari muri iyo yegereyegere, umwami (tsar), vyabaye ngombwa ko atanga imihoho, hanyuma leta mfatakibanza iha uburenganzora abagore bwo gutora.

Ufatiye ku kirangaminsi citiriwe Jules ari naco cakoreshwa mu Burusiya, iyo yegereyegere y'abagore yatanguye kw'itariki 23 Ruhuhuma(2).

Ku kirangamuinsi citiriwe Grégoire, cakoreshwa ahandi henshi mw'isi, iyo tariki ni uwa 8 Ntwarante.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore uhimbazwa gute?

Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore ni umunsi w'akaruhuko mu bihugu vyinshi. Mu Bushinwa, abagore bahabwa igice c'umunsi w'akaruhuko mu kazi, nk'uko urwego rukuru rw'igihugu -State Council- rubitangira inama.

Hirya no hino kw'isi haba ibirori, birimwo urugendo, ibiganiro, ibiteramo, kwamamaza no guhanahana ivyiyumviro.

Abari mu myiyerekano mu Bufaransa bafise ivyapa, banavuga n’amajambo mu gihe bari mu rugendo (defile) hagati na hagati mu mugwa mukuru Paris ku munsi mpuzamahanga wahariwe abagore kuwa 08/03/2024.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mwaka uheze umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore mu Bufaransa, waranzwe no gushira mw'ibwirizwa nshingiro, amategeko atanga uburenganzira ku bifuza gukorora inda.

Mu Butaliyano, umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore bawita Festa della Donna, kandi amashurwe yejeje ya mimosa niyo akunda gutangwa nk'akaganuke.

Urudandazwa rw'amashurwe rwirwiza na kabiri mu Burusiya mu gihe c'umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore.

Muri Uganda, igihugu catanguye guhimbaza umunsi mpuzmakungu wahariwe abagore mu 1984, leta itora icivugo gishasha buri mwaka.

Mu bihugu bimwe bimwe, harimwo na Serbia, Albania, Macedonia, na Uzbekistan, umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore uhurirana no guhimbaza umunsi mukuru w'abavyayi b'abagore kw'itariki imwe.

Muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, ukwezi kwa Ntarante guhurirana n' ukwezi kwahariwe kwibukanya kahise k'umukenyezi (Women's History Month). Buri mwaka, ibiro vy'umukuru w'igihugu bitangaza ibikorwa vy'intangarugero vyakozwe n'abagore b'abanyamerikakazi.

Kuki abantu bambara ibara risa n'ishurwe ry'umuconge ku munsi mpuzamakungu wahariwe abagore?

Umugore yashize ku maso ibara ry’ishure ry'umuconge n’iryo urwatsi rubisi, ricafye nk’amashurwe akikuje amaso’.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Madagascar na Nepal navyo vyashizeho uwo munsi nk'umunsi w'akaruhuko ku bagore bonyene.

Amabara y'ishurwe ry'umuconge (purple/violet), urwatsi rubisi n'iryera, niyo mabara y'umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore, nk'uko biri ku rubuga rwabo.

Ibara ry'ishurwe ry'umuconge risigura ubutungane n'agateka, irw'urwatsi rubisi risigura amahoro. Iryera naryo risigura kwera (kutagira akanenge).

Ayo mabara ni yo yakoreshejwe n'umugwi Women's Social and Political Union (WSPU) umuhari washinzwe mu Bwongereza mu 1903, uharanira uburenganzira bwo gtora ku bagore.

Umudari wa WSPU wo kwisonzesha

Ahavuye isanamu, ELIZABETH CRAWFORD

Insiguro y'isanamu, Umudari w'imyiyerekano yo kwisonzesha watanzwe na WSPU mu 1909

Icivugo c'uyu mwaka ku munsi wahariwe abagore muri 2025 ni ikihe?

Icivugo ca ONU uyu mwaka ni "For ALL Women and Girls: Rights. Equality. Empowerment,", kivuga ngo: Ku bagore n'abakobwa bose, uburenganzira, uburinganire, n'ubushobozi. Ibi biri mu ntumbero yo gufasha urunganwe rwa kazoza ubushobozi, kugirango babe umusemburo w'amahinduka arama.

Urubuga rw'umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore rwahisemwo icivugo #AccelerateAction.

Iryo shirahamwe rihimiriza abantu hirya no hino kw'isi gukoresha inshimangirajambo #IWD2025 hamwe na #AccelerateAction mu gihe bariko barahanahana ubutumwa bwerekana akamaro ko guhimbaza uwo munsi mu kwerekana ko bashigikiye abagore n'abakobwa.

Kuki abaharanira uburenganzira bavuga ko umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore ari nkenerwa?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abatunganije umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore bavuga ko ari umunsi wo guhamagarira isi kwitaho kwongereza umurindi wo kunyarutsa kuzana uburinganire.

None hari ibindi bihari vyo gukora?

Ibiharuro vyerekena ko bihari koko.

Isuzuma ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryasanze ubugizi bwa nabi bw'ihohotera rishingiye ku gitsina mu bihe vy'intambara bwariyongereye aho mu 2023, habonetse abagera ku 3,688 bakorewe ayo mabi, ni ukuvuga ko urugero rwiyongereye ko 50% ugereranije no mu 2022. Abagore n'abakobwa bagize ibice 95% vy'abahuye n'ayo mabi.

Ishami rya ONU ryitaho abana UNICEF, naryo rigereranya ko miliyoni 119 z'abana b'abakobwa bageze mu myaka yo kuja mu mashure batiga.

Mu 2024, icegeranyo c'umugwi w'ibanki y'isi yose 2024 World Bank Group cerekanye ko abagore bageze kuri bibiri vya gatatu (2/3) vy'amategeko abatunganiriza ugereranije n'amategeko aha uburenganzira abagabo.

Mu 2024, ikiganiro ca BBC 100 Women catangaje ko hafi miriyari 3,6 z'abari kw'isi, bagiye mu matora makuru makuru muri uwo mwaka, ariko kandi wabaye n'umwaka urugero rwo guserukirwa kw'abagore rwiyongeye buhoro cane ugereranije n'imyaka 20 iheze.

Urugero rw'ibwiyongere bwo guserukirwa mu nzego ku bagore rusa n'aho ruri hafi ya zero mu mwaka wa 2024, kandi wabaye umwaka ukomeye w'amatora.

Ibitigiri ngereranyo vyo mu 2024 ku buringanire bitangwa na UN Women 2024 Gender Snapshot, vyerekana ko bizofata imyaka 137 kugirango abagore bose n'abakobwa bazobe bamaze kuva mu bukene.

Muri 2023, umugore 1 kuri 5 bari hagati y'imyaka 20 na 24 bari barashingiwe batarakwiza imyaka 18.

Muri rusangi, abagore n'abakobwa hafi 51.100 barishwe n'abagabo babo canke abandi bantu bo mu muryango wabo ba hafi mu mwaka wa 2023.

Hoba hari umunsi mpuzamakungu wahariwe abagabo?

Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagabo watanguye guhimbazwa kuwa 19 Munyonyo(11) mu myaka ya 1990.

Uyu munsi ntiwemewe na ONU mugabo urahimbazwa mu bihugu bigera 80 kw'isi harimwo no mu Bwongereza.

Ni umunsi wibanda ku bintu vy'agaciro keza abagabo baterera mw'isi, mu miryango yabo no mu kibano, nk'uko abawutunganya babivuga.

Ufise intumbero yo gushira ahagaragara abagabo b'intangarugero, gukangurira isi ku bijanye n'ineza y'abagabo hamwe rero no guteza imbere imigenderanire hagati y'ibitsina.

Hashize imyaka myinshi , Richard Herring, umuhinga mu gukina ivyo gutwenza (comedian) yegeranije amafarnga menshi yageneye ishirahamwe Refuge, ryo gufasha kurwanya ihohotera abagore bakorerwa mu ngo, uko umwaka utashe ku munsi mpuzamakungu wahariwe abagore. Abicisha mu kwishura abantu kuri X kera yahora yitwa Twitter, bari bashavujwe no kubona ata munsi mpuzamakungu wahariwe abagabo.

100 Women logo