Misiri: Abantu 31 bahitanwe n’umuriro inyuma y’isanganya ry’ikamyo itwara igitoro i Cairo

Ahavuye isanamu, AFP and Getty Images
Abantu nibura 31 baraye bapfuye abandi 21 barakomereka mu muriro wadutse inyuma y’aho ikamyo yari yikoreye ibitoro igiriye isanganya nijoro ku wa gatatu igaca ifatwa n’umuriro kw’ibarabara rinini ryarimwo uruja n’uruza rwinshi ku mugwa mukuru wa Misiri, Cairo, nk’uko abategetsi babitangaza.
Umuriro wadutse ku gice c’umuhora munini uzwi nka Ring Road mu karere ka Warraq, mu buraruko bwa Cairo. Nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Misiri, ibitaro vyo muri ako gace vyakiriye abakomerekejwe n’uwo muriro, bamwe bakaba bari bafise ibikomere vy’ubushe, abandi bakaba binjiwe n’umwotsi.
Amashusho yakwiragiye ku mbuga nyagiro yerekana imbeya z’umuriro n’umwotsi mwinshi wirabura waduga hejuru mw’ijoro, mu gihe imodoka nyinshi zari hafi aho zahiye zigatokombera.
Abategetsi ntibaratangaza neza icateje uno muriro. Ariko, ikinyamakuru ca reta Al-Ahram, gisubiramwo amasoko yegereye inzego zijejwe amatohoza avuga ko iyo kamyo yataye inzira inyuma y’aho urutsinga rw’umuyagankuba mwinshi rwikubise imbere yayo. Bivugwa ko yaciye irenga uruzitiro rutandukanya impande z’ibarabara, irubama maze ica ifatwa n’umuriro.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko imodoka 39 zunguruza indembe zarungitswe gutabara. Mu matohoza ariko arakorwa, abashikirizamanza basavye ko hafatwa ibipimo vya ADN kugira ngo abahazise ubuzima bamenyekane.
Amashusho yafatiwe ahabereye iri sanganya yerekana abakozi b’ubutabazi bariko bakuraho ibisigarira vy’imodoka zahiye zigatokombera, mu gihe amabarabara yose ajana muri ako gace yari yafunzwe. Iri barabara ryaje gusubira kwugurura inyuma y’aho abajejwe ubutabazi barangirije ibikorwa vyabo.
Iri ni ryo sanganya rya vuba mu rukurikirane rw’amasanganya yo mw’ibarabara n’imiriro y’ivyaduka bihitana abantu mu Misiri, aho amabarabara mabi, ibikorwa vy’ugusanura bidahagije hamwe n’ukutubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza ku mabarabara, bibandanya gutuma abantu batakariza ubuzima mu mabarabara. Ibiharuro bitangwa n’ubutegetsi bivuga ko abantu bababa 6.000 bapfiriye mu masanganya yo mw’ibarabara mu mwaka uheze mu Misiri.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
