Urubanza rwa Nkunduwimye: "Nta mugambi wa jonoside wigeze ubaho" - icabona

Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda rwabandanije mu Bubirigi ku munsi warwo ugira indwi.
Mu ntahe y’icese y’uno munsi, sentare yumvirije uwahoze arongoye iperereza ryo hanze y’igihugu mu gihe ca jenoside nk’umwe mu vyabona biregura Nkunduwimye.
Rutayisire Laurent ni umugabo w’imyaka 73, yari intwazangabo nkuru y’ipete rya colonel mu kijandarume mu gihe ca jenoside, yatanze ubuhamya bushinjura Emmanuel Nkunduwimye, yemeza ko amuzi neza kandi ko ata vy'ubwicanyi amuzimwo.
Bwana Rutayisire Laurent yavuze ko yabonye Emmanuel Nkunduwimye mu gihe co mu 1994 ariko ko ata kibi yamubonyemwo kiretse kugendana na Georges Rutangana yari icegera ca kabiri c’umukuru w'interahamwe.
Rutayisire avuga ko Bomboko yabikora kugira akize agatwe na burya yari incuti y’umurwizatunga yafasha FPR-Inkotanyi, uwo muhari ukiri uw'inyeshamba.
Laurent Rutayisire avuga ko Nkunduwimye hari abatutsi benshi yakijije mu gihe ca jenoside, kandi ko abizi neza kuko abo vyanse ko arokora yamutumako, nawe ko yarafise abamugendanira b’abajandarume agaca aja kubatora.
Umugambi wa jenoside
Sentare yamubajije niba nk’intwazangabo nkuru mu 1994 yanatwaye iperereza, ko yoba azi ko jenoside yateguwe, yishura ko uwo mugambi utigeze ubaho kandi ko na sentare mpuzamakungu yashiriweho u Rwanda, TPIR, yabibonye.
Sentare yamubajije nimba yarazi abica abantu, yishura ko zari interahamwe n’abari abasoda ba Habyarimana kandi bica abatutsi n’abahutu badashigikiye ivyiyumviro vy’ubutegetsi bw’ico gihe, ko nawe nyene yahatswe kuko atari ashigikiye politike y'ico gihe.

Ariko yasavye sentare kwitondera abazoza kwagiriza Nkunduwimye ngo kuko harimwo abasura ibinyoma mu manza za jenoside.
Yagize ati: "Sentare yashiriweho u Rwanda yarambaza nk’umuhinga w’ivyabaye, ivyo nababwiye basanze arivyo kuko hari abatangabuhamya basura ibinyoma, muritondera rero abazoza kwagiriza Bomboko harimwo ababesha".
Mu rubanza rw’uno munsi Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko yari yitavye ari kumwe n’abamuburanira. Abandi bitavye ni imiryango y’abasirikare b’Ababirigi bicanywe na Agatha Uwilingiyimana yahoze ari umushikirangaji wa mbere mu 1994.
Urubanza ruzobandanya ku munsi w’ejo humviriza abandi batangabuhamya.










