Nta kibazo co mu mutwe Emmanuel Nkunduwimye afise -Abaganga bamusuzumye

Emmanuel Nkunduwimye

Ahavuye isanamu, ALAIN MAJESTE BARENGA

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles

Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye, batazira Bomboko, yagirizwa ivyaha vya jenoside rwabandanije ku munsi ugira 7 kuva rutanguye.

Mu ntahe yo kuri uno wa gatatu, sentare yumvirije umurwi w’abahinga mu vy’inyifato no kuvura indwara zo mu mutwe bamusuzumye uwo mugabo w'imyaka 65 kugira barabe ko hari ingorane yomubuza kubandanya urubanza.

Abo bahinga uko ari babiri - Didier Cromphout na Marc Goltzberg - basuzumye Emmanuel Nkunduwimye, bafise impamyabushobozi za Doctorat mu kuvura indwara zo mu mutwe (psychiatrie).

Bemeje ko amagara yo mu mutwe yiwe yifashe neza ata cobuza ko yitaba ubucamanza. Mu bipimo bamukoreye mu 2011, bavuga ko vyerekanye ko ata ngorane afise yo guhungubana canke ikimenyetso na kimwe c’indwara yo mu mutwe yoba afise.

Ariko abo bahinga bavuga ko inyifato yiwe itangaje iyo umubajije ibijanye na jenoside yo mu Rwanda. Ngo aguma ahakana ko ata co abiziko kandi akagaragaza ingendo yo kwihora ku bacamanza bamushengeje imbere y’ubutungane.

Abo bahinga bemeje ko mu biganiro bagiranye bigaragara ko afise imvugo z’ibihushane vyerekana ko hari ivyo yoba azi mu bijanye na jenoside ariko anyegeza. Bemeje ko Nkunduwimye batazira Bomboko agaragaza umujinya mu gihe umubwiye ivya jenoside yo mu Rwanda.

Abacamanza bifuje kumenya nimba Nkunduwimye agaragaza umubabaro ku bijanye na jenoside hamwe n’ubwicanyi bwakurikiye. Abo bahinga ntibarya umunwa mu kwemeza ko ata kinya afise mu maso kandi ata n’impuhwe agaragaza canke ngo yicuze ivyabaye. Bavuga ko n’iyo umubwiye ivy’ubwicanyi bwabaye yerekana ko ata co bimubwiye.

Ku bwicanyi yagirizwa, sentare yakurikije kwumviriza icabona (umutangabuhamya) cagiriza Nkunduwimye. Uwo nawe ni Denise Nduwawe, umugore w’imyaka 48 yaje ava mu Rwanda.

Yemeje ko mu 1994 yiboneye aho yari yahungiye -muri imwe mu nzu za Robert Kajuga yatwara Interahamwe - Emmanuel Nkunduwimye yambaye impuzu za gisirikare afise n’inkoho kandi asa n’uwishimiye ubwicanyi bwariko bukorerwa Abatutsi, aho mu mvugo yashinyaguriza aabariko baricwa.

Abunganira Nkunduwimye basavye ijambo kugira bagire ico bavuze kuri ico cegeranyo. Bavuze ko ivyo uwo murwi w’abahinga wakoze bitagira ishingiro. Ku bwabo ngo vyuzuye guhengama ku buryo bo babona ko icegeranyo cahindutse icagiriji aho hakuba icegeranyo c’abahinga.

N’icabona c’uyu munsi bavuze ko ata nkeka ari umwe muri benshi basura ibinyoma muri urwo rubanza. Bavuze ko yivuguruza kandi atiboneye ubwiwe Nkunduwimye Emmanuel ariko yica.

Nkunduwimye yari yitavye muri urwo rubanza aherekejwe n’abana biwe n’abuzukuru. Abandi i bitavye intahe yo kuri uyu wa gatatu ni abacikacumu.

Urubanza ruzobandanya ku wa kane humvirizwa ayandi masura (abatangabuhamya).