Emmanuel Nkunduwimye 'yarica agakiza' i Kigali mu gihe ca jenoside -umugwi w'amatohoza

Ahavuye isanamu, ALAIN MAJESTE BARENGA
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65, yagirizwa ivyaha vya genocide rwabandanije ku munsi ugira 6 kuva rutanguye.
Mu ntahe yo kuri uno wa kabiri, sentare yumvirije umurwi w’abahinga mu mategeko bagize amatohoza ku ruhara rwa Nkunduwimye muri jenoside yo mu 1994.
Uwo murwi ugizwe n’Ababirigi 6 wemeje ko Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko yica agakiza mu gihe ca genocide i Kigali mu 1994.
Bemeje ko amatohoza bagize yamaze imyaka irenga 10 basanze Nkunduwimye Emmanuel yavuga rikijana mu Nterahamwe kandi yagize uruhara mu bishwe n’abafashwe ku nguvu ahari inzu Amgar yari yabaye nk’amacuniro.
Uwo murwi utanga akarorero k’amatohoza yo mu kw'icenda mu 2009 i Kigali aho washikiye ukaganira n’abantu barenga 10 bemeje ko Nkunduwimye yari mu bakuru b’Interahamwe. Bavuze ko yatanga ibirwanisho, agategeka Interahamwe kwica ahari inzu Amgar aho yari afise garaje.
Uwo muwi wemeza ko mu matohoza bagize bahuje na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yashiriwe Urwanda, TPIR. Izo mpande zompi zasanze ikibanza ca Amgar ari ho hari ibiro bikuru vy’Interahamwe kandi ari ho hicirwa Abatutsi, bamwe bagatabwa mu binogo rusangi vyari muri ico kibanza n'inkengera zaco.
Hafatirwa kandi abakobwa n'abagore. Amwe mu mazina y'abahiciwe n’ahabafatiwe nguvu sentare yayasomeye Emmanuel Nkunduwimye mu ntahe.
Uwo murwi wemeje ko ivyakorerwa muri Amgar vyari bihagarikiwe na Georges Rutaganda yari icegera ca kabiri c’umukuru w'Interahamwe afadikanije na Zuzu yari ajejwe urwaruka rw’Interahamwe.
Muri iyo nzu kandi umurwi uvuga ko ari ho habikwa ibintu bitandukanye vyibwe mu gihe ca jenoside mu bice bitandukanye vya Vya Kigali, ni naho hari ububiko buzwi bw’ibirwanisho vy'Interahamwe.
Uwo murwi wasozeye wemeza ko uwitwa Paul Rusebagina yari arongoye ihoteri Hôtel des Mille Collines mu gihe ca jenoside mu 2010 yabwiye uwo murwi ko yiboneye Nkunduwimye yambaye impuzu za gisirikare afise n’inkoho, ari kumwe na Georges Rutaganda, kandi vyagaragara ko atakinya yarafise mu maso.
Urwo rubanza ruzobandanya ku wa gatatu humvirizwa abahinga mu kuvura indwara zo mu mutwe basuzumye Emmanuel Nkunduwimye kugira batange icegeranyo c’uko amagara yiwe yo mutwe yifashe. Hazoca hihwezwa ko yobandanya aburanywa muri urwo rubanza rwitezwe kurangira mu kwezi kwa gatandatu.
Mu ntahe yo ku wa kabiri Emmanuel Nkunduwimye yari yitavye ari kumwe n’abamwunganira, asa n'uwutekanye mu maso. Naho atahawe ijambo yanyuzamwo akazunguza umutwe, ikimenyetso ko atemeranya n'ivyo umurwi w’amatohoza wariko urashikiriza.










