'Uburusiya buriko buriga, dukeneye kwiga vuba' - intwazangabo ya Ukraine

Andrew Harding

Donbas, Ubuseruko bwa Ukraine

Ingabo za Ukraine ku rwasiro rwa Donbas zabwiye BBC ko ingabo z’Uburusiya zigenda "ziga umusi ku musi kandi zihindura n’impinyanyuro” mu gihe zigenda zigarurira uturere mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut kiriko kirarwanirwa bikomeye.

Ariko aba basirikare bashimangira ko ishaka rikiri ryose, n’aho batera baruha inyuma y’umwaka hafi wose intambara imaze.

Nagiye mbona aba basirikare babiri binjiye mu cumba, baboneka ko bacangamutse, bavuye ku rugamba, maze bitegereza kw’ikarata nini ahari icicaro ca brigade yabo, berekana n’aho ingabo z’Uburusiya zariko zisatira buke buke amaja kw’ibarabara rimwe rikomeye.

Sereja (Sergeant) Denys Kalchuk ati: "Bari ku metero hafi 400 kuva aho twari, hakurya yacu. Turihagararako, ariko bitera bigorana”.

Abandanya asobanura ingene ingabo z’Abarusiya zirwanira hasi, indege z’intambara hamwe n’ibirwanisho rutura, vyose bisa n’ibikorana neza kandi mu buryo bwiza mu micungararo ya Bakhmut.

Sereja Kalchuk ati: "Izi ndege ni zo mbi cane. Uza kuzumva zagushikiriye. Nico kimwe n’ama-chars. Vya muzinga vyo birasanzwe – kuko vyovyo ushobora kuronka amahirwe rimwe canke kabiri [yo kwinyegeza] iyo wumvise bije”.

Kumenya ingene ibintu bimeze mu ntambara yo mu micungararo ya Donbas biragoye cane. Kwinjirayo ntivyoroshe na gato kandi ni ingorane.

Mu kiringo c’amayinga atari make, wa murwi rurangiranwa w’abacangero b’Abarusiya Wagner ni wo wari umaze igihe ari wo uri imbere mu ntambara yo mu micungararo ya Bakhmut, aho abatari bake muri wo bishwe abandi bakomereka mu bitero vyasa n’ivy’ubwiyahuzi ku bisagara bitobito nka Soledar.

Ariko mu misi mike iheze, nk’uko bivugwa na bamwe mu basirikare ba Ukraine, igisirikare c’Uburusiya kiriko gisubira gufata ibintu mu minwe, kandi ingaruka zikibonekeza.

Dmytro Podvorchanskyi arongoye umurwi ujejwe kwiga akarere muri Dnipro-1 avuga ati: "Ubu ntitworohewe na gato. Turabona ko Uburusiya bugenda bwiga umusi ku musi kandi buhindura n’imikenyuro. Nibaza ko dukeneye kwiga vuba”.

We na bagenziwe baravuga ingene igisirikare c’Uburusiya cipanze neza kandi gifise ibikoresho nyavyo zigenda zinyegeza zongera zinyanyagiza ububiko bw’ibikoresho vyabo kure hashoboka kandi zitera bikomeye amayira Ukraine icishamwo uburyo.

Ibi bituma zigenda zigarurira ubutaka mu micungararo ya Bakhmut mbere zisatira bikomeye n’ikindi gisagara gikomeye ca Vuhledar kiri kure mu bumanuko.

Ariko gushika ubu nta cerekana ko ingabo z’Uburusiya ziteguye gutera intambwe igaragara.

Umwe mu ntwazangabo nkuru avuga ko ibikoresho vyatanzwe n’Uburengero vyazanye akarusho inyuma y’igihe ibirwanisho vy’Uburusiya ari vyo vyivugira, kandi ko n’ama-chars y’Uburengero ashobora vuba guhindura ibintu Ukraine igafata ibintu mu minwe.

N’aho ari ikintu kiboneka ko ingabo nyinshi za Ukraine zarushe inyuma y’amezi atari make y’intambara, biraboneka ko mu bisanzwe intege ari zose.

Umusirikare umwe wo muri Ukraine atashatse ko afatwa amajwi, yaremeje ati: "Harabaho imirwi imwe imwe [ya Ukraine] isa nk’aho idashaka kurwana, hamwe no kutumvikana [ku mpinyanyuro z’intambara]".

Abandi nabo bakavuga ingene bahahamutse inyuma yo kubona bagenzi babo bapfuye, imirwi imwe ipfisha benshi n’inkomere nyinshi, hamwe kandi n’ingaruka zo mu mutwe ziterwa n’intambara aho usanga bagenda baca ku mivyimba myinshi y’abasirikare b’Abarusiya itakuwe.

Umusirikare umwe, afise ubwoba butewe n’ingabo nshasha Uburusiya buherutse kwinjiza hamwe n’igitigiri kinini cane c’umwansi, yavuze ingene atekewe n’ubwoba ko “Uburusiya buzodusya”.

Ariko abasirikare bose twavuganye ayo makenga ntayo bafise, bakavuga ko ahubwo biva ku buruhe, ariko kandi bagashimagiza intwazangabo zabo ku kungene zibaha akanya ko kuruhuka.

Imwe mu mpamvu ihabwa Ukraine kubera ibibazo ifise i Bakhmut ni ibivugwa ko imirwi y'ingabo isa n’iyidakomeye kandi idafise uburambe ariyo ubu iriko irashirwa aha hantu, mu gihe ingabo karuhariwe ziriko zijanwa ahandi mu kwitegura igitero canke ibitero vya Ukraine vyo kwiganzura Uburusiya.

Aho ivyo bitero bishobora kuzobera haracibazwa gushika ubu mu ngabo za Ukraine.

Bamwe bibaza ko ari ugusatira amaja mu buraruko, mu ntara ya Luhansk, mu gihe abandi nabobibaza ko hashobora kuba igitero mu bumanuko amaja muri Melitopol, mu ntumbero yo gutandukanya no gutera ubwoba ingabo z’Uburusiya ziri mu micungararo no hagati mu karere ka Crimea.

Umwe mu ntwazangabo karuhariwe avuga ko yizeye y’uko Uburusiya buriko burondera kugorora urwasiro rwabwo, gufata utundi duce twa Donbas, hanyuma buce butangaza ko “igikorwa kirangiye” maze buce busaba ibiganiro.

Avuga ko azi neza ko Ukraine itazokwigera ivyemera ariko akagabisha ko igisirikare kizokenera indege z’intambara z’Uburengero kugira ngo gishobore kumenera mu birindiro vyose bishasha vy’Uburusiya, cane cane mu bumanuko bw’igihugu.