Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Umukobwa yabwirijwe kuriha amahera uwari fiancé wiwe yababaje umutima
Umugore wo muri Uganda yahebanye n’umukunzi wiwe bari bagiye kwubakana (fiancé) yategetswe kumuriha inshumbusho y’amafaranga kubera uguhangayika kurengeje yamuteye.
Sentare ya Kanungu yavuze yuko Richard Tumwine yarishe amashiringi imiriyoni 9,4 ($2.500; £2.060) arihira Fortunate Kyarikunda amashure mu gisata c’amategeko, ubu akaba ategerezwa kuyishura hiyongeyeko n’ayajanye n’urubana.
Umucamanza Asanasio Mukobi mu guca urubanza yavuze yuko kuba umwigeme Kyarikunda yarahagaritse urukundo nyuma y’imyaka ine, yarenze ku vyo yemereye Tumwine.
Sentare yavuze yuko “ata kwiyumvira kwagiyemwo, ari ukwiyerekana uko utari kandi ko ari ubusuma”, kuba uwuregwa yarisiguye avuga yuko abavyeyi biwe ari bo bamubwiye kutarongorwa n’umugabo amurusha kure imyaka.
Sentare yabandanije igira iti “yararonse akaryo inshuro zitari nkeyi ko kwanka urukundo rw’uwurega, aho kurindira ko abanza kumusohorako amafaranga”.
Ntibizwi nimba Kyarikunda azokwunguruza kuri iyi ngingo ya sentare.
Abatashimye uru rubanza babwiye ikinyamakuru Monitor yuko icemezo c’urubanza kirimwo ibitumvikana kuko kwiyemeza kwubakana, bitandukanye n’ubukwe, ata mategeko abigenga.
Hagati aho Sheila Kawamara, wo mw‘ishirahamwe rirengera uburenganzira bw’abagore, ED EASSI, yagabishije yuko rimwe na rimwe hari ibintu bigirwa bisa no guhohotera, aho umugabo aha amafaranga umugore abanje kumwemerera ko bazokwubakana.