Zelensky ati 'tera iyo sema' - ni inyuma y’aho Uburusiya bwagirije Ukraine ku gitero ca Moscou

Insiguro ya video, Videwo yerekana abitwaje ibirwanisho binjiye mu nyubakwa y'ibiteramo ya Crocus Concert Hall
    • Umwanditsi, Na Sarah Rainsford
    • Igikorwa, Umunyamakuru wo mu Burengero bwa Bulaya, Kyiv

Inyuma y’aho hasohokeye amakuru y’igitero ku giteramo cariko kibera i Moscou, umugwa mukuru w’Uburusiya, ku wa gatanu, abanya-Ukraine bari bazi icaca gikurikira: kwagiriza igihugu cabo.

Ikindi gikurikira bari biteze ni ibindi bitero vy’amadrone n’ibisasu vya misire.

Hafi ako kanya nyene, ibirego vyaciye bitangura gusohoka.

Mu ntango vyari nk’urwikeko, gushika aho Perezida Vladimir Putin avugiye ku mugaragaro ko abantu bateye Moscou bagerageje guhungira muri Ukraine, babifashijwemwo n’abo bavugana muri iki gihugu.

Inyuma y’aho, mu gaturuturu ko ku wa Mungu, ibisasu vyaciye bitangura guturagurika ku mugwa mukuru Kyiv.

Igihe Putin yavuga aya majambo ku wa gatandatu mw’ijambo yashikirije igihugu, intagondwa z’umuhari wiyita Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/Islamic State, IS) zari zamaze gutangaza ko ari zo zakoze ubu bwicanyi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeje ko zari zarashikirije amakuru y’igendereza yavuga ivy’iki gitero mu ntango z’uku kwezi.

Ubu, IS yasohoye amashusho ateye ubwoba y‘ubu bwicanyi, yafashwe n’amakamera aba bitwaje ibirwanisho bari bambaye, harimwo n’amajambo bavuga bakoma akaruru ngo “Imana ni yo nkuru”.

Mw’ijambo yashikirije ku mugoroba wo ku wa gatandatu, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yaboneka ko yari afise uburakari butewe n’uko igihugu ciwe cariko kiragirizwa.

Yise Perezida Putin n’abandi bategetsi ba Moscou “imburakimazi” kubona bagiriza Kyiv ko ifise uruhara muri iki gitero.

Avuga ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya ari “ingorwa” irajwe ishinga cane no kwagiriza Kyiv muri iki gitero aho guhumuriza abanyagihugu biwe.

Perezida Zelensky yabihindukirije kuri Moscou, aho yavuze ko Uburusiya "bwarungitse ibihumbi n’ibihumbi vy’inkorabara zabwo” muri Ukraine kuva intambara yadutse muri Ruhuhuma (2) 2022.

Avuga ko izo ngabo ziriko ziraturubika Ukraine, aho gukingira Uburusiya iterabwoba nyaryo ry’intagondwa.

"Baraturira ibisagara vyacu…bagakora iyicarubozo bongera bafata abagore ku nguvu".

Ibice bimwe vy'inyubakwa ya Crocus City Hall vyarahiye biratokombera inyuma yo guturirwa n'abateye

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibice bimwe vy'inyubakwa ya Crocus City Hall vyarahiye biratokombera inyuma yo guturirwa n'abateye
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa gatandatu, ubuyobozi bw’igendereza rya gisirikare i Kyiv bwavuze ko ari “ibintu bitumvikana” ukungene Uburusiya buvuga ko aba bantu bateye bafashwe bariko bagerageza guhungira muri Ukraine.

Ni urwasiro rwuzuye abasirikare n’abajejwe umutekano b’Uburusiya.

Kwiyumvira yuko hari umuntu yoshobora gutera aja muri aka karere inyuma yo gukora igitero gikomeye kuri Moscou kwoba ari “ukwiyahura” canke “ubujuju”, nk’uko bivugwa na Andriy Yusov.

Nk’uko bivugwa n’abategetsi b’Uburusiya, abikekwa gukora iki gitero bafatiwe mu ntara ya Bryansk batera baja mu burengero bwa Ukraine. Nimba koko imodoka yabo ari ho yafatiwe – ibi ntavyo tuzi – bashobora kuba bariko batera baja muri Biélorussie/Belarus.

Ni yo nzira yoroshe cane yo kuva mu Burusiya gusumba kujabuka akarere kuzuye amamine uja muri Ukraine.

Amavidewo ariko arazunguruka ku mbuga hwaniro yerekana abikekwa bahagarikwa bongera babazwa. Imwe muri ano mashusho yerekana umusirikare w’Uburusiya ahatira umugabo umwe kurya igihimba c’ugutwi kwiwe kwari kwaciwe. Aca acira.

Mu yindi videwo, umutwe wiwe wambitswe igitambara isura nayo yuzuye amaraso.

Aya mavidewo asa n’ayasohowe kugira ngo yerekane ko hafashwe ingingo ruhasha, ariko ibi bikurikiye igitero izi nzego z’umutekano nyene zananiwe guhagarika canke kukibona kitaraba. Nico gituma mw’ijambo ryiwe Zelensky yasavye Abarusiya kubaza inzego zabo z’igendereza, aho guta impfane kuri Ukraine.

Mu vyo bobaza, hobamwo kumenya nimba inkuru zatanzwe na Amerika zafashwe minenerwe.

Ariko Putin yaratujije abanyaporitike bomunegura hamwe n’ibinyamakuru vyigenga mu Burusiya, ku buryo ata muntu n’umwe yokwubahuka kwagiriza abategetsi.

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Zelensky yagarutse ku ciyumviro kidatahuritse neza cashikirijwe n’igendereza ry‘igisirikare ciwe – ko abategetsi b’Uburusiya bo nyene bafise uruhara muri iki gitero ca Moscou.

Iki ciyumviro kivuga ko intego yari iyo ugukomeza ubutegetsi bwa Putin, kurondera ingene abanyagihugu boshigikira intambara yiwe n’umugambi wo kwinjiza izindi ngabo mu gisirikare.

Ano majambo yibutsa urwikeko rumaze imyaka itari mike mu Burusiya ku bijanye n’ibibombe vyatewe ku nyubakwa zari zituwemwo n’abanyagihugu mu 1999 vyatumye Vladimir Putin – ico gihe yari umushikiranganji wa mbere – atanguza intambara kuri Tchétchénie/Chechnya.

Ariko Uburusiya na Ukraine bisanzwe bihanganye mu ntambara y’amajambo hamwe n’iyo gutana mu mitwe ku rubuga rw’intambara. Ano mashusho ya IS aho yiyemerera ko ari yo yakoze iki gitero yoba aje avuguruza ibivugwa na Kyiv nk’uko yaje avuguruza ibivugwa na Moscou.

Abajejwe igendereza mu Burusiya bari mu matohoza kuri iki gitero c'iterabwoba cakozwe ku giteramo cariko kibera mu nyubakwa ya Crocus City Hall mu karere ka Krasnogorsk hanze ya Moscou ku wa 23 Ntwarante 2024.

Ahavuye isanamu, KOMITE Y'UBURUSIYA IJEJWE IGENDEREZA

Insiguro y'isanamu, Abajejwe igendereza mu Burusiya bari mu matohoza kuri iki gitero c'iterabwoba cakozwe ku giteramo cariko kibera mu nyubakwa ya Crocus City Hall mu karere ka Krasnogorsk hanze ya Moscou ku wa 23 Ntwarante 2024.

Ibitero vya misire vyo mu gatondo k’ejo ku wa Mungu kuri Ukraine bisa n’ibiri mu rwego rw’intambara Uburusiya busanzwe burimwo, aho kuba ivyo kwihora kuri iki gitero ku nyubakwa ya Crocus City Hall.

Bifata umwanya mu gutegura igitero gikomeye ca misire, kandi iki cari kibaye ica kabiri kuva ku wa gatanu mu gatondo.

Igisagara ca Kharkiv kiracari mu kizime inyuma y’igitero cakozwe ku masoko ntanganguvu mu gihugu cose.

Hampande y’ibi bitero vy’ejo ku wa Mungu, habaye kandi amakuru y’ibitero vya Ukraine kuri Crimée/Crimea – akarere ka Ukraine kanyazwe n’Uburusiya mu 2014.

Nta nkeka ko Ukraine yiteguriye ibintu bibi cane inyuma y’ano majambo yose ava i Moscou.

Ariko igitero co kuri ino nyubakwa y’ibiteramo ya Crocus City Hall kirerekana ko koko Uburusiya bugeramiwe n’akaga kari hagati mu gihugu – ntabwo ari ivyitwazo vy’iterabwoba riva muri Ukraine vyarementanijwe na Vladimir Putin mu gusigura igitero ciwe mu 2022.

Iki kirateye impungenge umukuru w’igihugu c’Uburusiya – umugabo yanka kuboneka ko afise intege nke.

Iki kikaba ari co gituma Uburusiya bwihutira guta impfane kuri Kyiv n’aho ivyemezo vyoba vyerekana ibitandukanye.