‘Ukraine irageramiwe’ – niko Amerika ivuga

Lloyd Austin yizeza incuti ziwe za Bulaya ko ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden butarota butezura mu gushigikira Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Lloyd Austin yizeza incuti ziwe za Bulaya ko ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden butarota butezura mu gushigikira Ukraine

Inyuma y’inama yerekeye ikibazo ca Ukraine yabereye mu Budagi, umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin yagerageje kwizeza incuti ziwe za Bulaya ko ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden butarota butezura mu gushigikira Ukraine, nubwo Washington ubu ata mahera ifise yo kuyigurira ibirwanisho.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ino nama, Lloyd Austin yavuze ati: “Ingabo za Ukraine ziri mu bibazo bidasanzwe n’intambara zikomeye. Abasivire ba Ukraine bari mu bitero vy’urutavanako vy’ibisasu vya misire z’Uburusiya n’amadrone ya Irani. Ariko Ukraine ntiriko imanika amaboko, eka na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ni uko.

Agira ati: “Rero ubutumwa bwacu uno musi buratomoye: Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntirota ireka ngo Ukraine inanirwe, kandi n’isi irangwa n’ubwigenge ntishobora kureka ngo Ukraine inanirwe”.

Hagati aho, Austin ntatomora neza ingene Amerika itegura gushigikira Ukraine, mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zitariko zihuta mu kurekura amahera agenewe iyi mfashanyo.

Inyuma y’ino nama, Austin yabwiye abanyamakuru ati: "Ukraine irageramiwe...incuti zacu zirabandanya zikora uko zishoboye, na Reta Zunze Ubumwe na zo nyene zitegerezwa gukora gutyo".

Abategetsi ba Amerika baremeza ko ubukene bw’amafaranga bwamaze kugira ingaruka mbi cane ku rubuga rw’intambara, kuko biba ngombwa ko ingabo za Ukraine zikora mu buryo buke zifise kandi zigategerezwa kuziganya amasasu.

Umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika atashatse ko izina ryiwe rija ahabona yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: “Nibaza ko incuti zizi ikibazo cacu c’amafaranga, kandi abanya-Ukraine baratahura ibi gusumba abandi bose kubera ubukene (bw’ibirwanisho n’amasasu) bwiyongereye kubera twebwe tudashoboye kubaha ivya nkenerwa”.

Urunani rwo gushigikira Ukraine mu ntambara yayo rwiyemeje kwegeranya amahera yo kuyifasha mu ntambara yayo n'Uburusiya

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Urunani rwo gushigikira Ukraine mu ntambara yayo rwiyemeje kwegeranya amahera yo kuyifasha mu ntambara yayo n'Uburusiya

Mu ndwi iheze, ubutegetsi bwa Biden bwavuze ko bwari kurungikira Ukraine imfashanyo ya gisirikare y’imiriyoni 300 z’amadorari y’Abanyamerika bukuye mu amahera yagiye aziganywa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi ba Amerika bavuga ko ubutegetsi bushobora kuzoronka amahera, ariko bagashimangira ko adashobora na gato kuzibira igihengeri gitewe n’uko inama nshingamateka na nkenguzamateka zazibiye integuro y’imfashanyo igenewe Ukraine igera ku miriyaridi 60 z’amadorari y’Abanyamerika.

Muri iyo nama y’ejo ku wa kabiri, Perezida Volodymyr Zelensky yashikirije ijambo urunani rw’ibi bihugu ari i Kyiv, aho yasavye ko bomwongera uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Nk’uko abivuga, muri uku kwa gatatu kwonyene, ingabo z’Uburusiya zakoreshejeje ibisasu vya misire 130, indege z’intambara zitagira abadereva (drones) zirenga 320 hamwe n’ibibombe vyababa 900 kuri Ukraine.

Uko ibintu bimeze, nubwo Lloyd Austin atanga icizere, ibihugu vya Bulaya bibandanya bivugana ukungene vyokwitunganya gisirikare gusumba.

Rachel Rizzo, umushakashatsi ku kigo Atlantic Council's European Center i Washington, D.C. asubirwamwo na Reuters avuga ati: “Bigenda bigorana cane ku bategetsi ba Amerika ku kungene bumvisha abanya-Bulaya ko Amerika yishinze gufata mu mugongo Ukraine igihe kirekire”.

Umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya Charles Michel aherutse kuvuga ko uno mugabane utegerezwa kwiyubaka mu buryo bwose, ashimangira ko Ubulaya butagishoboye kugendera ku matora ya Amerika.

Mw’ijambo yandikiye abagize Inama y’Ubumwe bwa Bulaya, yagize ati: “Iki ni igihe c’impinduka zikomeye ku bijanye n’umutekano wacu no kwivuna abansi. Mu myaka mirongo, Ubulaya nta mutahe ukwiye bwigeze bushira mu gisata c’umutekano no kwivuna abansi.

“Ubu rero umutekano wacu ugeramiwe bikomeye kuva inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, harageze ko dufata ingingo zikomeye kandi nyazo kugira ngo twitegure kwivuna twongere twubake ubutunzi bwacu bushingiye ku ntambara”.

Rustem Umerov: Ayandi masasu na misire zo gukingira ikirere

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Rustem Umerov yari muri iyo nama yanditse ku rubuga rwa Facebook, ko incuti z’Uburengero zafashe ingingo yo kurungikira igisirikare ca Ukraine ibindi bisasu vya muzinga n’ivya misire zo gukingira ikirere.

Umerov avuga ko muri iyo nama, Ukraine yashikirije integuro zayo mu 2024, ibijanye no gutsimbataza ibirindiro vyayo, yongera ishikiriza ivyo ikeneye.

Avuga ko abari mu nama bibanze ahanini kw’irungikwa ry’amasasu.

“Amasasu ni co kintu abarwanyi bacu bakeneye cane. Bazoyarungika! Iki nico cari ikibazo nyamukuru c’iyi nama”, niko Umerov yanditse. “Incuti zacu zatangaje ko zigiye kuturungikira imfashanyo zirimwo ibisasu vya muzinga vya 155 mm, 152 mm, 105 mm n’ibindi”.

Ibihugu bitari bike vyari muri iyi nama vyariyemeje kwegeranya amahera yo kugurira Ukraine ibisasu vya muzinga.