'Abakekwa kugira igitero i Moscou cahitanye abantu 133 bose bahagaritswe' - Prezida Putin

Umwotsi w'umuriro uriko uraturira ikibanza Crocus City Hall cariko iberamwo ico giteramo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umwotsi w'umuriro uriko uraturira ikibanza Crocus City Hall cariko iberamwo ico giteramo
    • Umwanditsi, Emily Atkinson
    • Igikorwa, BBC News

Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin avuga ko abantu bane bose bitwaje ibigwanisho bakoze igitero cahtanye abantu benshi ari hategekanijwe kubera igiteramo i Moscou bose bafashwe.

Abantu 133 ni bo bishwe abandi barenga 140 barakomereka igihe abateye binjira muri iyo nyubakwa, barasa abantu ata gutoranya bongera barayiturira.

Abategetsi bavuga ko igitigiri c'abantu bapfunzwe ari 11, kandi ko abo bagabo bane bafashwe bariko bagana Ukraine.

Ku musi wa gatandatu, Amaq, umuhora wa Telegram wa Islamic State (IS), washize kuri urwo rubuga amasanamu y'abo bagabo bane biyoberanije bavuga ko ari bo bakoze ico gitero. Uburusiya nta co buravuga kuvyo IS ivuga.

Mu nyuma, uwo muhari werekanye video y'ico gitero. Muri iyo video, BBC yabonye ko ari iyo ukuri, yerekana umwe muri abo bagabo arasa mu bantu benshi. BBC ntizokwerekana iyo video.

Mw'ijambo ryiwe ku mboneshakure, prezida Putin yateye ivyatsi ubwo bwicanyi - buhitanye abantu benshi mu Burusiya mu myaka yababa 20 - avuga ko ari "igitero c'iterabwoba c'ubunyamaswa" kandi asubiramwo ivyari vyavuzwe n'inzego zijejwe umutekano z'Uburusiya ko abateye bagerageje guhungira muri Ukraine.

Ukraine yiyamirije ibivugwa bisa n'ugushaka kwerekana ifise uruhara muri ivyo bitero ko "ata shingiro bifise".

Andriy Yusov, umuvugiizi w'iperereza rya gisirikare, yabwiye BBC ati:"Kuvuga ko abakekwa bariko bahungira muri Ukraine, bishobora kuvuga ko ari ibijuju canke abiyahuzi."

Ku musi wa gatandatu, abantu barashize amashurwe imbere yiyo nyubakwa yariko iraberamwo ico giteramo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatandatu, abantu barashize amashurwe imbere yiyo nyubakwa yariko iraberamwo ico giteramo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagirije Putin kuronde "kwagiriza" Ukraine ico gitero. "Uyu Putin ata gaciro agira, hakwitaho abanyagihugu b'Uburusiya, abashikirize ijambo, yagumye ahoze umusi wose - yibaza uko ibi yobisuka kuri Ukraine, " uko ni ko yavuze mw'ijambo yashikirije mw'ijoro.

Akanama kajejwe umutekano mu gihugu muri Amerika kavuga ko kari kaciriye agace Uburusiya ko hashobora kuba ibitero "ahantu hakoraniye abantu benshi", harimwo ahabera ibiteramo i Moscou, mu ntango z'uku kwezi.

Ico gihe, Uburusiya bwabifashe nk'"ububeshi" n'ukugerageza kwa Amerika kwivanga mu matora aherutse kuba muri ico gihugu.

Ku musi wa gatandatu, ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika vyariyamirije ico gitero "c'urwanko" binavuga ko IS ari "umwansi rusangi yitwaje iterabwoba ategerezwa gutsindwa hose".

Inkuru z'igitero mu kibanza ca Crocus City Hall kiri i Krasnogorsk mu micungararo ya Moscou zatanguye kumenyekana 20:00 isaha yo mu Burusiya (17:00GMT), ku musi wa gatanu.

Abantu bashika 6200 ni bo bari bakoraniye mu giteramo ca rock co kuri uyo wa gatanu mw'ijoro, caremeshwa n'umugwi wa Picnic, aho amasase yatangura kwasirana.