G20: Kubera iki ata foto y'umuryango yahabaye?

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi yifatanije n'abategetsi b'isi ku ntatemwa ya Mahatma Gandhi iruhande y'ikoraniro rya G20 i Delhi kuri uno wa 10 Nyakanga 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi Modi yifatanije n'abategetsi b'isi ku ntatemwa ya Mahatma Gandhi iruhande y'ikoraniro rya G20 i Delhi kuri uno wa 10 Nyakanga 2023

Kwifotoreza hamwe mw’ “Ifoto y’umuryango” ni ikintu gisanzwe ari umugirwa wa G20, aho abagize iri huriro bose baba bari kumwe. Ni ikintu gisigura ubumwe hagati y’aba bategetsi b’isi, kandi ni ifoto izunguruka cane mu binyamakuru.

Ariko i Delhi, iyi foto ntiyahabaye.

Ubuhindi, ari nabwo busanzwe burongoye iri huriro muri uno mwaka, ntibusigura igituma, kandi nta gihugu na kimwe gitanga insiguro.

Si bwo bwa mbere G20 yihoza uwu mugirwa – inyuma y’ikoraniro ry’umwaka uheze i Bali, nta “foto y’umuryango”. Amakuru avuga ko abategetsi benshi banse kwifotoza kubera Uburusiya bwari bwitavye iryo koraniro.

Hagati aho, ikinyamakuru kimwe kivuga ko ifoto y’aba bategetsi bose bari hamwe kuri uno wa Mungu ku ntatemwa ya Mahatma Gandhi ari yo “foto y’umuryango” yavuye mw’ikoraniro rya G20 i Delhi.

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya ntiyitavye iri koraniro, ahubwo akaba yarungitse umushikiranganji wiwe w’imigenderanire Sergei Lavrov.

Ku ruhande rwiwe, arashima ivyavuye mw'iri koraniro, akavuga ko igihugu ciwe kitari citeze ko G20 yari gushobora gushika ku mwumvikano ku kibazo ca Ukraine kugira bashobore gusohora itangazo rusangi.

Abakuru b'ibihugu n'amareta mw'ikoraniro rya G20 mu 2017 barifotoreje hamwe mw'ifoto y'umuryango

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakuru b'ibihugu n'amareta mw'ikoraniro rya G20 mu 2017 barifotoreje hamwe mw'ifoto y'umuryango i Hamburg mu Budagi

Lavrov yavuze ibi mu gihe yishura ibibazo vy’umunyamakuru wa BBC Yogita Limaye yari amubajije ico yibaza kubona ibihugu bigize G20 vyashoboye kwumvikana ku majambo ho gukoresha muri iri tangazo ritandukanye cane n’iryo mu mwaka uheze i Bali.

Yishuye ati: "Kumbure umutima wabo warabagiriye inama. Mvugishije ukuri, ibi ntavyo twari twiteze. Twari twiteguriye guhagararira amajambo yacu muri iri tangazo”.

Avuga ko kubona ibihugu vy’Uburengero – binegura cane igitero c’Uburusiya kuri Ukraine – vyemeye amajambo yakoreshejwe muri iri tangazo ari intambwe ikomeye mu nzira nyayo.

Yongerako ati "ntidushobora gukuramwo ico gice [kuri Ukraine n’Uburusiya] muri iri tangazo”, akavuga ko ari ikimenyetso c’uko igice c’Ubumanuko bw’isi kitagikeneye kwigishwa.

Ati: "Ntibakeneye kubwirwa ko bategerezwa gukurikiza ivyo Zelensky ashaka. Aka ni akagaye ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

"Ubu ni ubukoloni bushasha bukorwa n’ibihugu vy’Uburengero, ubu rero vyananiwe”.